IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Alexis Sinduhije yahagaritswe ku kibuga c’indege mu Bubirigi

Alexis Sinduhije yahagaritswe ku kibuga c’indege mu Bubirigi

jeudi 1er Rusama 2014

Umukuru w’umugambwe MSD, Alexis Sinduhije yahagaritswe n’igiporisi co mu gihugu c’Ububirigi, ku kibuga c’indege Zaventen, mu gisagara ca Bruxelles. Amaze amasaha abiri ariko arabazwa n’ico giporisi.

Ku kibuga c’indege Zaventen co mu Bubirigi, Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) yahagaritswe n’igiporisi c’aho mu Bubirigi. Yumvirijwe n’ico giporisi amasaha abiri yose arenga, amakuru dukura aho ku kibuga c’indege Zaventen mu Bubirigi akavuga ko bamwe mu banywanyi ba ADC Ikibiri bamurindiriye hanze.
Alexis sinduhije yahagaritswe ku mutahe ubutungane bw’Uburundi bwasohoye bumwitwarira, inyuma y’imishamirano yabaye hagati y’abanywanyi ba MSD n’abaporisi b’Uburundi, ku genekerezo rya 8 Ntwarante 2014.

Amakuru dufise amenyesha ko Alexis Sinduhije yahagaritswe ku kibuga c’indege Zaventen avuye i Nairobi mu gihugu ca Kenya.

JPEG - 30.3 ko
Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD

Egide Nduwimana

Messages

  • RWA I BULAYA NTIBITINYITSE KUKO NTAZICWA ..EREGA AMATEGEKO HO ARAKURIKIZWA..MBONEYHO NO GUFATA MU MUGONGO ABAPFUNZWE NKA NELLY

  • Bandanye ahubwo mudutohoreze ico bamushakako ,uko bija biragenda mutumenye,kubera ntivyumvikana aho umuntu ashaka kwikiriz’amagara maze akaguma aburagizwa.

  • barabanday mutubwra ngen bimez kuk cé un homme politique arashobor gufatw agafungw kuk ntibabur ivy bamwagriza

  • Haaaa hiuuii riiii diiiiiii .ehe DD vyabagendekeye gute?bwabuhiga bwanyu bwase gukora?zabonerakure na ryaperereza vyase????DD mumaze imisi mwaguye umwumwa kuko amaraso yabuze gerageza munywe amazi

  • yagiye nairobi ni bus abifashijemwo nabamushigikiye agezeyo yaciye akoresha paspport yaba farasa umu tiype ahita ava hasi niba adahiye arababautse basi.. none ko avuga ngo azemera bamwice ngo ntazova mugihugu abo yataye murudubi bavundiye mumpimba ... ewe panyeporitique !!!!!!!!!!

  • aba iminsi yabo iriko irahera. turizeye ko abazungu badatamikwa ijambo. baramurekura.

  • nibamuzane ino muburundi kuko niho yakoreye icaha jewe ndemeye kuzoyiterera itike yoku yigarukana iyo nyanka burundi

  • ixbarabuze ivyo bakora. ni banywe amazi koko. ntaho yagiy ntabavugizi dukeneraniye

  • Hooohooooh hahahahhaha kikikikikik yayyayaya nibamugarukane muburundi ubwo bwana tubanze tubuzirike hanyuma yenene kugiti,akabwa gusa kumunwa ariko wewe sinduhi,ubona wewe kabisa utari bebe muri politique?egera bagaza na buyoya bakwigishe politique canke ubaze Bikomagu wewe yogucira kumayange.DD oyeeeeeee,DD nguvu,umva aka karirimbo. Ehizondongozi zabo zimezeeeee nkumupfumu yapfanywe numuntu,batangatangeee *7 batangatange tubashire kumurongo. Mumenyeko na UN iriko imurondera ahubwo agahuru kimwa karahiye

  • yemw yemw,muburundi namayobera mbe ko president abandanya ashimira inkozi zibibi nkaba police aho gushimira abanya politique nabari muri sociète civile raba agahembo ahay sinduhije kuvyiyumviro vyiw ko kumwangaza.

  • Erega ubutungane bwo mu Bubirigi si "ubutungane nyakurisé" nka bumwe bwa barandagiye na Bagorikunda
    Baramurekura kandi azogaruka mu Burundi akore politique

  • Nukuri ndabishmye nafatwe agarukanw muburundi iwe ariko ntihagre nakimwe bamukorera nkuko tubimenyerew bikorwa.igito gitabwa iwabo.amen

  • Ha!mu bdi nibibazo gusa,uwuseruye umutwe wese nitera iyo sema,non dutarire munda?ntamvura idahita,mugabo twebwe bato tuzoherera kumigeto.

  • Tugire mcd abo bavugako bamukeney kumweneneka kugiti ntimukorako urya mumugize ikintunakimwe guhera iyisaha tworonderana nababikozebose nibikorwa vyomuburundivyose bigahagarara ntimwigirerengomuradufise muyitangure dufatane ntanda ikoroka!

  • Tugire mcd abo bavugako bamukeney kumweneneka kugiti ntimukorako urya mumugize ikintunakimwe guhera iyisaha tworonderana nababikozebose nibikorwa vyomuburundivyose bigahagarara ntimwigirerengomuradufise muyitangure dufatane ntanda ikoroka!

  • Jewe nzobareka; we Nwanwa n’abandi bose batang’inkuru mutatohoje,INKURU MBARIRANO IRUTWA N’IYO.........?baza neza ngene yaje n’ah’ari!Uwubizi neza ni P.Cimpaye we yazinduts’ijoro ava kubilometero mirongo i Charles lois,na Abduri Nzeyimana,n’Umukobwa wa Alex Sindushe bobo batunye buratondera kuri Aéroport int. Zaventem ngo baramutegereye amas’agahera munzira nawe yaza yibereye mu kabiriti aho yahejeje gukorerwa Dossier nyuma ya deux heur arikw’arasambisha n’igi Police ca BELGIQUE ahubwo nyaruka muje kumutegera kuri Jomo Kenyata Aéroport intern.mubaze neza kuri net amasaha y’indege,hama nagomba guhanura nwanwa n’abandi bameze nkawe ko bo bokwama bandik’inkuru batohoje bikunze bakishikir’aho yabereye gurtyo twirinde gushikiriz’ikinyoma kuko bitebe bitebuke umwe wese azobibazwa kugatwe kiwe ntituze turaturira nka K.Domitira wewe yamaze guhungishiriz’umuryango muri Belgique aho yanarons’ubwene gihigu aho bamubajije yivugiye kw’agiye kurwa k’urugamba,none ntakuntu A.S.nawe yokwemera kurwa k’urugamba?ndafashij’umubabaro L.Nyangoma aho baribateguy’amazimano muhira i Liège aho ADC yari yamuteguriy’ikirori gikomeye caaaaane kugirango le soir bahava bamuherekeza na cortège yari kumugeza mubihugu c’ubu Hollandais kwa ambassadeur N. Ve. mugabo hoho bari baramaze kumwitegurira k’uburyo agihonyoz’ikirenga k’ubutaka yategerezwa gutabga muri yompi,ubu Abarundi twarikanuye nta mubisha azoducan’umutaru,kuko Abahima mwari muzi ko mwahifatiye hoooooose mugabo murabonye ko rutitaha,Mbega nk’uwokubaza wovuga cank’uwomubaza arazi kw’abamufatisha bavanye muri Kenya?ubu mbere uwuzigira sur’ivu wese mu Burayi n’uguhanirwa muri Train,Bus,Tram,na Metron kubacanir’amakofe kuko mukor’amabi mugihugu mukirukira Europe ntasoni!?erega n’abazungu bazobahaga reka gucafuz’ibihugu vy’abandi mwa mpunzimwe,mais gerageza muvangure abicanyi booooose basubizwe mubihugu vyabo kandi kuneza yanyu mudom’urutoke kur’uwo wese wo mumoko yose n’umugambwe wose afit’ico yagiruzwa ku makuba yose yashikiy’igihugu cacu kuva 1965,1972,,1988,1991,1993 kubandanya maz’abafis’ibiganza vyera mumoko yose,mumigambwe yose havuyemw’Abahima,muze twubak’UBURUNDI buzir’amaraso n’akarenganyo,burangwa neza mumakungu butunzwe n’amasengesho no gukora kuneza yacu,kandi muvyanka, muvyemera,ineza izotsind’inabi kuko ijambo ry’Imana muri Yesaya riratomoye ng’umunyakibi ntazokwam’atsindaje,kandi ngw’abanyakibi bazohunga atakibirukanye,inyongera ngo bazovunagurwa batagira gitabara.Ndavuga simvura!imvugira kuyamara y’umugabo.......?uwazananye na A.S.n’ubu aramutegereye yurire burirane s’itike mumurihira,ariko yitanga ku neza y’igihugu cacu mugukurikiran’injavyi uwugomb’inkur’iramvuye kubijanye n’urugendo rwa A.S.arandondera tubivugane kugeza birangire neeeeeeza ndabisozereye mureke gut’umunwa m’ugucokor’aba canke bariya KUKW’IMINSI Y’IGISUMA IRAHARUYE PE!Ok have a nice day.

  • Erega Mana yanje babarira akora ivyo batazi nkaba DD biyumvira ko uburundi babuguze amahera!aho hari abandi kandi namwe muzohava bidatevye,mbe nn ko twirije amatora mutsinzwe muzoca muhungira he?sinduhije siwe yirirwa aratanga ibirwanisho vyo kuzomara abantu ahobukera kandi siwe yirirwa arica abantu kumpande z’igihugu...none peter amuziza iki?CN DD,basenge bumvirwe!!!

  • ikimbaje nuko atafatiwe muburundi kuko abashaka kutwononera amaho turimwo aho utaha aho ushakiye ukaduga amasaha ushakiye ukamanuka amasaha ushakiye ariko abamenyereye gusesa amaraso baguma badutesha umurongo wamahoro

  • Nimurindire harivyishi mutarabona bigiyegukorwa bizotuma natwe muburundi tugendera kuri democratie imezenkiyiri mubindibihugu kukongaha muburundi Icodukwiye kumenya nukodukwiye gutandukanyako irementanya na democratie, irementanya ntirifasha mugihu kirimwo democratie murazoreba ngahiwacu abavugako bazi democratie icisigura nibobirirwa bategura imigumuko, guteranya, gutukana, kubesheranira, gukokeza, gushotora, gushaka gutwara igihugu kunguvu (vyasebikunze) nibindi bintubiteye isoni. Ntitwokwiyibagiza abantu baherutse kwubahuka bagafata ivyobamenyereye bagumura abenegiyugu,ntibatinye nokwubahuka kugumura ishirahamwe rikomeye ngahakw’Isi ryitwa ONU baribwira amabwabwa ngomu Burundi biracika! ububeshinyene nkabumwe Alexis aherutse kuvugango arikwaraharanira ko abarundi bafungura gatatu kumusi! akongera agahenda abenegihugu ngonibaje mwibarabara kugeza batembagaje reta ihari ngokandi ntiyiteze guhagarika ngokiretse bamutwaye arintumbi mumpimba, none gutembagaza ubutegetsi yavuga kugira abarundi bashoborengura 3 kumusi bivuyemwo kwigira Bulaya asize ahenze abanabu Burundi bakabashira mumabohero!? uburero yariyarababwiyeko nubwomuzobona tutabakuye kubutegetsi twebwe ngohariho iyindintabwe yiteguwe kuzokorwa kurwego rwohejuru mukubakura kubutegetsi tubicishije mukwagiriza iyi reta ko iriko iritegura gukora genocide ngomaze tuvyemeze ONU twebwe MSD na ADC ngonamashirahamwe amwamwe adaharanira ivyicaro vya muri reta azodufasha kunyurwisha ONU atikanti ndafise abantubakomeye bakora muri ONU turikumwe mwuyumugambi, abanababarundi nabosukumushigikira bivayo kubera yariyamaze kubakorogoshora mubwonko muvyukuri Alexis ntabwoyakoreye aba MSD ihonya bwoko, ahubwo yabakoreye IHONYABWONKO.

  • Nave muri politike aje kuvuga amakuru kuri RPA arekere politike beneyo. imyaka ibaye myinshi ariko aturatuzwa. afungwa afungurwa ahunga igihugu akigarukamwo none azogeza ryari????????? nahebe abandanya akazi kiwe kubunyamakuru ibindi abitere umugongo kuko jewe mbona nta image nziza abifisemwo. ico nomubwira nuko yobiheba bitaramuca nagatwe kuko ivyubu mbona ari umunuko gusa. voila.

  • Reka reka .... Ngo yaciye he? Hariho ngira abatazi uko igihugu cacu kimeze !!!!!! Vyose ngaha biragugwa meme avec quelques billets de 10000 FBU tu peux acheter l’ame d’un officier de police. Nos brave policiers n’hesitent plus a quemander un dix mille ou un cinq mille FBU harya ku kibuga c’indege indamutso nimwe : None ntanaka amstel udusigiye womenga ntibagihembwa hehehe? Ibaze namwe ce qu’un voyageur etranger ashobora kwibaza devant une telle solicitation d’un officier d’imigration????
    Igiturire cararenze limite kuburyo tu peux acheter le service de n’importe quelle autorite meme son ame.
    Alexis yaciye harya nyene ku kibuga c’indege ca Bujumbura yaco mwiyobagiza akaranda kari mu gihugu.Le Burundi n’est plus que l’ombre de lui meme,umwe wese nukwimenya dans un denument total nayo nos fameux cadres etatiques,generaux policiers et militaires ,membres du gouvernement,..... nuguterura utwo bashikiriye twose wokwibaza ko ari abacangero.

    Courage nta mvura idahita

  • Jacques namwe mwagiye mw’ishamba mukiba ibitoke vyabanyagihugu n’inka mugatako mu kica ntibabashize ku bite ngo mwenene muz mu raraba imvugo mukoresha vraiment bizobafasha! Mb nigiki yabakoreye kuburyo uvuga uko? Hari uwo yakwiciye? Iyo nyandiko yawe irababaje canee!

  • Mon cher ami Alexis SINDUHIJE, comme je suis membre du parti MSD depuis sa création , j’ai découvert que tu n’étais pas digne d’être le Président de la République du Burundi depuis que tu t’es donné le pouvoir d’insulter les officiers Généraux d’un pays qui tu cherchait àdiriger. Ce qui c’est passé dernièrement découle de ta manque de maturité politique. Mon cher président de notre parti, rappelez la veille du désordre que tu as dirigé àBujumbura je t’ai dis que semer le désordre dans un Pays que nous contons diriger est une mauvaise option , tu m’as répondu avec arrogance que le pouvoir des HUTUS ne doit pas continuer dans la tranquillité. Rappelez vous que un autre compatriote proche de vous vous a dit aussi que la lutte politique ne devrait pas être fondée sur une idéologie de ségrégation ethnique, tu lui a répondu qu’il n’y a pas de HUTU qui peuvent nous élire , et pourtant le Burundi n’est pas pour une seule ethnie des TUTSI.
    Nous qui sommes dans le Pays et qui ne soutiennent le désordre fondé sur la ségrégation ethnique, alors que nous nous souvenons du passé des années 1965,1969,1972,1988,1993,2003 nous nous insurgeons contre la politique divisionniste , nous voulons vivre en harmonie avec nos frères HUTUs, je lance un appel àtous les politiciens burundais de se désolidarisé avec les gens qui cherchent ànous entrainer dans des situations de violence . c’est le moment de développer notre pays , et d’ailleurs la démocratie n’est pas le désordre.

  • Nukuri abarundimwakazamurenza gerageze ururimi murupungu nkogutwoza inzegozumutekano ngo ninkozizikibi muzoburanahomuhungira jewe ndi impuzi ariko nuyumundubaha inzego nonemutamanawe nubu ikimufata babapolic 2 yagirimbohe benedata arukontacomwanze retazose kwisi nimwe ntihinduka ninkabiblea

  • Noneho reke kuvuga amajambo menshi Alexis Sinduhije ntiyafashwe kubera ivyo yagirizwa na Reta yuburundi yafashwe kubera Passport yakoresheje rero irya ni qeuss ya imigration kandi naho murigirira diport ntabwo bamurungika mu Burundi bamutwara iyo yaraje ava rero ntimunasimbwe nimitima ntaho agiye kandi ntimwibaze ngo arafungwa

  • mbega ko abantu mufise inzigo, yaba SINDUHIJ, bwaba ubutegetsi twese turi bene Burundi rero ntituje hagati ngo dutere inzigo leta canke abanywanyi ba sinduhije ahubwo turondere icotuma uburundi buba iparadizo bukavamwo umwanda bugatera imbere nk’ibindi bihugu.

  • nsomye amakuru kuri www.bujumbura.be ko bamurekuye akabandanya urugendo uwuyahinyuza nawe nanyishure kugirango tumenye ukuri ...

  • Noneho reke kuvuga amajambo menshi Alexis Sinduhije ntiyafashwe kubera ivyo yagirizwa na Reta yuburundi yafashwe kubera Passport yakoresheje rero irya ni qeuss ya imigration kandi naho murigirira diport ntabwo bamurungika mu Burundi bamutwara iyo yaraje ava rero ntimunasimbwe nimitima ntaho agiye kandi ntimwibaze ngo arafungwa

  • Abavuga ivyo batazi ndibaza ko amazinda yohera Alexis Sinduhije yararukuye inyuma yuko baheza kugira control ya passport yiwe nkuko namye ndabibabarira ntiyafashwe kubera ubutungane bwuburundi yafashwe kubera Passport yakoresheje rero ngira amajambo yohera

  • alexi sinduhije kugeza nubu ntararekugwa aracari kukibuga cindege arindiriye ingingo yigipolice co mububirigi uwuharira nazane icemeza ko yarekuwe aracafashwe

  • Ku bwanje A S ntakosa afise usivy ko mu burundi bafise intumbero yo kurwanya umuntu wese akomeye mu vya politike kugira ngo barabe ko bazotsinda amatora ya 2015,comme ça ntimugire ubwoba azorekurwa kuko iyamukye muri Tanzaniya iramubona! Abanwanyi biw mukomere ku rugamba! I encourage you and i wish to stand as the respected men as you were,Peace and love between all his members. Every body who live in this country see what is happening. Then continue to fight for your right!!!!!!!!

  • abarundi nkabo batabona ingene boragira abo bajejwe barakwiye kwamburwa ubusho bwabo. S yataye abana b’igihugu mu manga abigisha kwica kuroga kuborerwa ...wa mugani ngo umwana atari rwawe umwigisha kuborerwa, kunywa itabi n’urumogi no kurongora, nivyo uyo mugabo yakoreye urwaruka rumuyoboka.
    sindu yafashwe kubera son passport yari ifise visa yo muri kenya ya faux, yategerezwa rero gusubizwa iyo yayikuye pour assumer.

  • Banta mu comanta nimubura kuza muraraba ivyo mwandika canke mwirekera jehontaco mvuze. nakazi kanyu!

  • Nashaka Kumenya Neza Ko Iyonkuru Ariyo???

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.