Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alexis Sinduhije yarabujijwe urugendo yarimwo hagati mu gihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Alexis Sinduhije yarabujijwe urugendo yarimwo hagati mu gihugu

Alexis Sinduhije yarabujijwe urugendo yarimwo hagati mu gihugu

dimanche 1er Nyakanga 2013

N’aho abanyepolitike bari barahunze igihugu bariko baratahuka, haracibonekeza ingorane mu mwidengemvyo wabo, cane cane iyo bagiye mu gihugu hagati. Umwe muribo, Alexis Sinduhije yaheruka gutaha yarabujijwe urugendo yari yafashe aja mu ntara ya Cibitoke, aho yari agiye kugendera abanywanyi biwe boba bari bakubiswe n’imisore bivugwa ko ari imbonerakure.

Mu rugendo yarimwo mu ntara ya Cibitoke ku munsi wa kane, Alexis Sinduhije yagiye abona imodoka y’igipolisi imuhagarika, aca ahabwa itegeko n’igipolisi ryo gusubira inyuma. Abo bajejwe umutekano bamumenyesheje ko baje gushira mu ngiro ingingo y’abajejwe intwaro muri iyo ntara. Abajije igituma bamubuza kwidegemvya, abajejwe umutekano bamumenyesheje ko ivyo yobibaza abajejwe intwaro.

Abapolisi n’urwaruka rwari ngaho bivugwa ko ari imbonerakure barakubaguye abanywanyi ba MSD (Mouvement pour la solidarité et la démocratie) hamwe n’abamenyeshamakuru bari baje gukurikirana ivyariko biraba. Kubwa Alexis Sinduhije, biratangaje ingene abajejwe umutekano bigenjeje. «Nitivyumvikana ingene umenga abapolisi bakorera ku mategeko y’imbonerakure ».

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi araremesha ko igipolisi cakoze akazi kijejwe. Ku bijanye n’imbonerakure zari muri ico kibanza, icegera c’umuvugizi w’igipolisi ntiyatomoye neza mu nyishu yatanze. Pierre Nkurukiye ati : « Igipolisi gikorana n’abanyagihugu muri rusangi. Iyo rero bariko barakorana, ntibaraba umugambwe umwe wese aba avuyemwo ».


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.