Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ali Kiba na Mkombozi bagiye gukora amasanamu y’indirimbo yabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ali Kiba na Mkombozi bagiye gukora amasanamu y’indirimbo yabo

Ali Kiba na Mkombozi bagiye gukora amasanamu y’indirimbo yabo

mercredi 12 Ruheshi 2013

Haheze imyaka ibiri umuririmvyi w’umurundi Mkombozi akoranye indirimbo yitwa Eastern African Queen na Ali Kiba wo mu gihugu ca Tanzaniya .
Ubu amakuru dukesha abo baririmvyi bompi, bavuga ko bariko bitegura gukora amasanamu y’iyo ndirimbo bakaba bazatangura kuyikora hano i Bujumbura kw’igenekerezo rya 1Mukakaro 2013, aho bazoba bavuye mu biteramo mu gihugu ca Kongo.

Nk’uko Mkombozi akomeza abivuga ko Ali Kiba azoba ari mu gihugu ca Kongo kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2013, noneho Mkombozi amusangeyo ku munsi ukurikiyera aho afise igiteramo muri ico gihugu.

Bikaba bitegekanijwe ko bazokorana igiteramo noneho kw’igenekerezo rya 1Mukakaro 2013 bace bazanana hano i Bujumbura batangure gukora amasanamu y’iyi ndirimbo.

Mkombozi yaboneyeho akanya ko gutangariza abakunzi b’umuziki wiwe ko ariko yitegura mu minsi ya vuba gushira ahabona indirimbo yiwe nshasha izoba yitwa “ Umubanyi siwe muryango” akavuga ko imvo zatumye iyi ndirimbo iteba gushirwa ku mugaragaro, yashatse kuyitondera haba mu nyandiko y’ayo ndetse no mu ndirimbo atibagiye n’umuziki uyigize.

JPEG - 6.5 ko
Ali Kiba, umuririmvyi wo mu gihugu ca Tanzaniya

Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.