Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alida Baranyizigiye agiye kuza gukorera amasanamu ya zimwe mu ndirimbo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Alida Baranyizigiye agiye kuza gukorera amasanamu ya zimwe mu ndirimbo (...)

Alida Baranyizigiye agiye kuza gukorera amasanamu ya zimwe mu ndirimbo ziwe

mardi 24 Nyakanga 2013

Umuririmvyi Alida Baranyizigiye aba mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko agiye kugaruka mu gihugu c’Uburundi kugira ashobore gutegura amasanamu ya zimwe mu ndirimbo ziwe.

Alida aganira n’ikinyamakuru IGIHE, yavuzeko haheze imyaka 10 atanguye ibijanye n’umuziki, ari nayo mvo yatumye ishirahamwe Brarudi ryaramwiyumviriye, akarikeza kuko vyatumye yunguka vyinshi mu kwitabira ibikorwa vy’iryo higanwa. Avuga ko muri iryo higanwa, amaze kwumva ukwo umuririmvyi Sat-B aririmba, vyamunezereye, ndetse aca ajana nawe kwa Washington bakorana indirimbo yitwa Stay with me iyo ikaba igiye gusohoka vuba, ndetse Alida akavuga ko afise n’amasanamu y’iyo ndirimbo. Abandanya avuga ko afise afise n’intumbero yo kuzoririmbana na Rally-Joe. Alida akaba yaranakoze amasanamu y’indirimbo Mama Land, ihayagiza cane igihugu ciwe c’Uburundi.

Yatangaje ko mu ndwi zibiri agiye kugaruka i Bujumbura aje mu gikorwa co gukora amasanamu ya zimwe mu ndirimbo ziwe, iziri kw’isonga y’izo azotangurirako ni iyitwa :my half n’iyitwa birarenze akazoza azanye n’umuhinyanyuzi amukorera indirimbo azwi kw’izina rya Pastor P, uyo akaba yitezwe n’abaririmvyi benshi bo mu Burundi.

Alida Baranyizigiye avugako uretse gukora amasanamu y’izo ndirimbo, arafise n’izindi gahunda agomba gukora mu Burundi, na cane nko kubonana n’abamenyeshamakuru mu rwego rwo kubandanya amenyekanisha ibikorwa vyiwe mu gihugu.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.