IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amabarabara mashasha ku miduga minini

Amabarabara mashasha ku miduga minini

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Mu kurindirako ibarabara rya Bujumbura - Bugarama risubira gusanurwa, ubushikiranganji bw’ingenzi bwafashe ingingo ko imiduga minini minini yose yohindura inzira, kugira bikingire impanuka, kuva aho imvura y’isegenya yononeye ibitari bike.  

Iryo barabara rero ryarononywe n’imvura yaguye kuri uyu wa 9 Ruhuhuma, ubu ntamiduga minini yoshobora kuricako. Imiduga minini minini ija mu ntara ya Kayanza, izohora ica mu Rwegura - Rugombo - Nyamitanga - Bujumbura. Nayo iyo mu ntara ya Gitega, izoca Songa - Mwaro - Nyakararo - Jenda - Bujumbura. Iryo barabara rya Bujumbura - Bugarama, ubu rikaba ryugururiwe imiduga mito mito gusa.

Abasanzwe rero bakoresha imiduga mini iremereye, bakaba basabwa kubahiriza iyo ngingo. Ni mfatakibanza, kuko iryo barabara ritegerezwa kubanza gusanurwa imbere y’uko iyo miduga isubira kuhaca. Abajejwe gucungera uruja n’uruza bakaba basabwa gushira mu ngiro iyo ngingo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.