Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amafaranga Reta ikoresha yariyongereyeko ayarenga imiliaridi 100 muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amafaranga Reta ikoresha yariyongereyeko ayarenga imiliaridi 100 muri (...)

Amafaranga Reta ikoresha yariyongereyeko ayarenga imiliaridi 100 muri 2013

mercredi 12 Kigarama 2012

Gushika ubu Reta ntirarrungikira mu nama nshingamateka integuro y’itegeko ry’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2013 ‘’loi budgeteaire’’. Ariko ngo azorenga kuyakoreshejwe mu mwaka w’2012. Yavuye ku miliaridi arenga 1.2117 aja ku yarenga imiliaridi 1.319 y’amarundi.

Mu mwaka w’2013, Reta yu’u Burundi izokoresha amafaranga arenga imiliaridi 1.319,3 y’amarundi hafi imilioni 864 y’amadolari. Muri uyu mwaka w’2012 ugiye kurangira, Reta yari yakoresheje amafaranga arenga gato imiliaridi 1.211,7 y’amarundi hafi imilioni 793 y’amadolari y’ananyamerika.

Hiyongereyeko ibice 8,2 kw’ijana. Ayo u Burundi bukeneye mu mfashanyo mvamakungu, arenga imiliaridi 45 mu gihe mu mwaka w’2012 hari hakenewe ayarenga imiliaridi 47 y’amarundi ava mu mfashanyo.
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabou Abdallah Manirakiza avuga ko ibisata bizoshirwa imbere ari ivyerekeye kugwiza umwimbu ‘’secteur de production’’ hamwe no gufasha abanyagihugu ‘’secteurs sociaux’’.

Amafaranga Reta yari yiteze ava hanze mu mwaka w’2012 ntiyashoboye kuboneka yose. Ubu, umushikiranganji w’ikigega ca Reta avuga ko ikigo OBR kizofasha cane kuko cegeranya amakori n’amatagisi menshi.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.