Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amafaranga yinjira mu kigega ca OBR yaragabanutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amafaranga yinjira mu kigega ca OBR yaragabanutse

Amafaranga yinjira mu kigega ca OBR yaragabanutse

mardi 4 Ruheshi 2013

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta kuri uno musi igenekerezo rya 04 Ruheshi 2013 bwashize ahabona ibikorwa vyaranguwe mu kiringo c’amezi atanu aheze.

Muri aya mezi atanu aheze amafaranga yinjira mu kigega ca OBR(Office Burundaise des Recettes) yaragabanutse kugera ku bice 14,3% kuyo Leta yari yiteze.

Ikigo OBR cashoboye kwegeranya amafaranga y’amarundi agera ku miriyaridi 140,2 mu kiringo c’amezi atatu ku miliyaridi 163,5 z’amafaranga y’amarundi zari mw’ihangiro. Mu mpera z’uku kwezi kwa Rusama umwaka w’2013, hakozwe ibikorwa biciye amafaranga y’amarundi 21 661 304 2067 ugereranije n’amafaranga y’amarundi
219 177 289 450 mu kiringo nk’iki mu mwaka wa 2012.

Ku kibazo co kumenya ikigiye gukorwa kugira ayo mafaranga aduge, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, Immaculée Bigirimana yashikirije ko ingingo zose ziriko zirafatwa kugira igitigiri c’ayo mafaranga kiduge. Yamenyesheje ko bazorondera ayandi mafaranga ku basanzwe bafasha Uburundi canke naho bakagabanya ku nteguro y’ayo bari bateguye gukoresha muri uno mwaka.

Uwo munyamabanga ntayegayezwa yongeye aramenyesha ko ku bafise ubwoba ko imfashanyo z’abafasha ziva hanze zoteba canke ntiziboneke amenyesha ko baguma bavugana ku musi ku musi n’abafasha igihugu kandi barizeye ko izo mfashanyo zemewe zizoboneka.

Hongeye harabazwa ibijanye n’amafaranga yemewe na Banki y’iterambere rya Afrika BAD(Banque Africaine de Développement) yari yatanzwe ngo afashe mu bikorwa vyo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura yahiye.

Immaculée Bigirimana amenyesha ko ayo mafaranga atayo bararonka kandi ko bazovuga ico azoba agenewe gukora igihe yoboneka nayo akaba agera ku miliyoni 500 z’amafaranga y’amarundi. Ku vyerekeye ibivugwa ko boba bagiye kwimukira mu nyubakwa nshasha yoba izokoreramwo ubwo bushikiranganji bw’ikigega ca Leta, yishuye ko bakivyiteze muri uno mwaka kuko bakirindiriye ko bayishikirizwa.

Yarangije abamenyesha ko ibikorwa bikenewe vyose kugira bashikirizwe iyo nyubakwa ku mugaragaro biriko birakorwa.


Floxella Karire

Messages

  • Il faut que leta igabanya ama depenses ostentatoires, hama revision budgetaire yo muri juillet (si izoba) bagabanye amafaranga leta yategekanije gukoresha. Hama OBR ikwiye kumenya ko trop d’impot tue l’impot, il faut plutot elargir l’assiette fiscale. Merci

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.