Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amafaranga yinjiye mu kigo OBR muri Nzero yagabanutse ku bice 2,22 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amafaranga yinjiye mu kigo OBR muri Nzero yagabanutse ku bice 2,22 (...)

Amafaranga yinjiye mu kigo OBR muri Nzero yagabanutse ku bice 2,22 kw’ijana

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Amafaranga yari kwinjira mu kwezi kwa Nzero 2014 mu kigo OBR kijejwe gutororokanya amakori ya Reta yaragabanutse ku bice 2.22 kw’ijana bagereranije n’ayo bari biteze. Mu biharuro vy’imfatakibanza, ikigo OBR cinjije mu kwezi kwa Nzero 2014 amafaranga aharurwa mu miriyaridi 51,88 y’amarundi, mu gihe bari biteze imiriyaridi 53,06 z’amafaranga y’amarundi.

Mu kigo OBR (Office Burundaise des Recettes) basigura ko iryo gabanuka ry’amafaranga yari kwinjira ryavuye ku mafaranga amashirahamwe yari kuriha ico kigo muri ukwo kwezi kwa Nzero 2014, ariko akaba atararishwa. Ikigo OBR citeze ko ayo mafaranga azorihwa muri uku kwezi kwa Ruhuhuma 2014.
Ikigo OBR kimenyesha ko kizoshobora kwerekana uko ibiharuro vy’imfatakibanza vyifashe inyuma y’ukwezi kwa Ruhuhuma 2014, ayo mafaranga aheranywe n’amashirahamwe yamaze kurihwa, ari naho ibiharuro vy’igice ca mbere c’umwaka bizoja ahabona, kuko ikori ku mashirahamwe riheza kurihwa mu kwezi kwa Ntwarante.

Mu kigo OBR baciye baboneraho akaryo ko kwerekana ibiharuro vy’amafaranga yagiye arinjira mu kwezi kwa mbere kw’umwaka, kuva mu mwaka w’2011

2014 : 51 879 030 630

2013 : 57 148 284 942

2012 : 53 737 629 723

2011 : 37 853 937 196


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.