Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amafaranga yinjiye mu kigo OBR yiyongereye ku bice 6,24 mu mwaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amafaranga yinjiye mu kigo OBR yiyongereye ku bice 6,24 mu mwaka (...)

Amafaranga yinjiye mu kigo OBR yiyongereye ku bice 6,24 mu mwaka w’2013

mercredi 15 Nzero 2014

Amafaranga yinjiye mu mwaka w’2013 mu kigo OBR (Office Burundais des Recettes) yarongerekanye n’aho batashikanye ayo bari biteze mu biharuro bari bakoze. Muri ico kigo gitororokanya amakori ya Reta, bamenyesha ko bamaze gufata ingingo zizobafasha gushika kw’ihangiro ry’amafaranga imiriyaridi 633 bategekanya kwinjiza muri uwu mwaka w’2014.

Ikigo OBR cashikirije mu gatondo kuri uwu wa gatatu icegeranyo c’ibikorwa vyaranguwe mu gice ca nyuma c’umwaka w’2013. Muri rusangi, mu mwaka w’2013, amafaranga agera ku miriyaridi 559,51 y’amarundi yarashoboye gutororokanwa n’ikigo OBR, mu gihe bari biteze ayashika ku miriyaridi 560 y’amarundi. Umuyobozi mukuru w’ikigo OBR, Kieran Holmes amenyesha ko ahanini vyavuye ku ngingo Reta y’uburundi iheruka gufata yo gukura ikori ku mishahara y’abakozi ba Reta badashikana agahembo k’amafaranga y’amarundi ibihumbi ijana na mirongo (150.000Fbu), iyo ngingo ikaba yafashwe bari baramaze gutegekanya ayokwinjiye muri uwo mwaka w’2013 waraye urangiye. Ikindi catumye ayo mafaranga mu kigo OBR bari biteze adashobora kuboneka ni ugusha kw’isoko nkuru ya Bujumbura hamwe n’uturusho two kutariha ikori twahawe abinjiza ibikoresho bifasha vy’iterambere ry’igihugu.

JPEG - 27.5 ko
Kieran Holmes, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR

Kieran Holmes, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR amenyesha ko bagiye kubandanya bahimiriza abadandaza gutanga amakori, bongere baborohereze mu buryo boyatanga bitabagoye. Amenyesha kandi bagiye gutunganya ubuhinga bw’ingene hojaho umurongo abanyagihugu bohamagarako kugira bashobore kuronka amakuru yose ajanye n’itangwa ry’amakori.

Ku ngingo ya Reta y’ugukura amakori ku vyinjira mu gihugu bije gufasha mw’iterambere, Désiré Musharitse, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, ari nawe yari yaserukiye ubwo bushikiranganji muri ico kiganiro catunganijwe n’ikigo OBR, yamenyesheje ko hari umugambi watanguye wo kwiga ingene botomora ivyokwinjira bitariha ikori uko vyongana, n’ibisata nyamukuru vy’iterambere ry’igihugu vyorabwa n’iyo ngingo, kugira birinde abikika mu kiza mu kutariha amakori, kandi ivyo baba binjije bitaba ari ibizokoreshwa mw’iterambere rya bose.

JPEG - 27.3 ko
Désiré Musharitse, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.