Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inoti z’amafaranga ashaje zicapfuza isanamu y’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Inoti z’amafaranga ashaje zicapfuza isanamu y’igihugu

Inoti z’amafaranga ashaje zicapfuza isanamu y’igihugu

vendredi 28 Ruheshi 2013

Haraheze iminsi haboneka inoti z’amafaranga y’amarundi zishaje cane. Mw’ibanki nkuru y’igihugu bamenyesha ko ata ngaruka bifise ku butunzi bw’igihugu, ariko ko bicapfuza isanamu y’igihugu.

Clément Butoke wo mu gisata co gushingura amafaranga mw’ibanki nkuru y’igihugu amenyesha ko inoti zose zaba iz’amafaranga mato n’iz’amafaranga manini, zose zibangamiwe n’ukwo gusaza, ariko ko ahanini izibangamiwe ari inoti z’ijana n’iz’ibihumbi bibiri.

Kubwa Clément Butoke, imvo nyamukuru ni amabanki y’ubudandaji adakurikirana kandi ntahindure izo noti zishaje. Aranegura kandi abakoresha izo noti kuko nabo nyene bazifata nabi cane, akamenyesha ko binagoye ko bayasubiriza n’ibingorongoro kuko abarundi benshi badahuta baremera kubitunga.

Ku ruhande rw’abadandaza, ingaruka z’izo noti zishaje zirabashikira. Umwe mu bakenyezi badandaza ivyamwa twaganiriye yamenyesheje ko iyo bazisubije abaguzi batazemera, bagaca nabo bahahombera.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.