Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amakenga ni menshi ku rwaruka ruri mu migambwe ku matora yo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amakenga ni menshi ku rwaruka ruri mu migambwe ku matora yo mu (...)

Amakenga ni menshi ku rwaruka ruri mu migambwe ku matora yo mu 2015

vendredi 22 Myandagaro 2014

Urwaruka ruri mu migambwe itandukanye rurafise amakenga ku matora ariko arategurwa yo mu mwaka w’2015, aho urwo rwaruka rubona ko atamahiganwa azoba, mu gihe bigaragara ko umugambwe CNDD-FDD ariwo ushikira abanywanyi bawo wonyene.

Ivyo bikaba biri mu vyashikirijwe na bamwe mu ndongozi z’urwaruka ruhurikiye mu migambwe, mu nama batumiwemwo n’ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe z’Amerika mu Burundi. Amakuru ikinyamakuru IGIHE cahawe n’abo barongoye abandi, akavuga ko berekanye ko bamwe mu bapfungiwe mu mabohero atandukanye bazira ivya poritike, canke abandi bahunze abandi nabo bakaba baherutse kumenyeshwa ko ataburenganzira bazoronswa bwo kwitaba amatora, vyerekana ko umugambwe CNDD-FDD utazoronka abandi bahiganwa, ndetse ayo matora akazoba nk’inkina mico.

Basaba nyabuna ko imigambwe bavamwo itoza iraburagizwa iyo ishatse kubonana n’abanywanyi babo, ndetse n’umurwi CENI ukareka kwerekana ko uhengamiye ku ruhande rwa CNDD-FDD. Urwo rwaruka rwari rwitavye ivyo bikorwa, rukavuga ndetse ko uravye uko CENI n’umugambwe CNDD-FDD bariko barakorana, bigaragara ko ubusuma bw’amatora bwatanguye. Aha bagatanga akarorero k’amakarata ndangamuntu bavuga ko ahabwa abana badakwije imyaka, abandi bagahabwa izirenga imwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • abo bavuga sysmuhe ngo cndd fdd ixoba iriko itamba yirorers 2010 ko bijuyemwo amatora ntiuabandanije Iyo nintango yo kwivumbura mu matora babony ko ata banyagihugu bafise

  • kuki nandits ntabona ivyo nandits mbwira uko bigenda!! namba ndabikora nabi

  • Bacemwo bacemwo ntibabona...huuuuuuu. Emama ngo amakarata yamatora ngo yakorewe muri Africa y’epfo. Kandi yakorewe mu Burundi. Abakwiye kurongora CENI ntibabe aribamwe bomuri 2010.

  • Amatora yo muri2010yibishijwe CENI,nonega boba bahinduye? Bakaba batabahindura,ni...bacemwobacemwo. Emama ngo amakarata ngo yakorewe muri Afrika yepfo:)kandi yakorewe mu Burundi. Baraba barahinduye abagize CENI.bitaruko muzombarira.

  • iyo bwamenya umw bwari ikindi cndd nivh natw dutwar kuko vyabananiy ntidushak gutwarw nabashsh amaras

  • uwobinaniye ntakwatavuga cen iriko ikorera abarundi bos ntabwo ikorera cndd gusa indangamuntu zombona zihabwa bose

  • NGO DD IFISE ABANYWANYI HEHE KO TUGENDA MU GIHUGU!!!ITERABWOBA N AMABWA BAKORERA ABAHUTU BABO GUSA ....ARIKO PETER NTA SONI IVYO YEMEREYE ABAHUTU AKABA ARIKO ARABICA ABAKORERA IVYO ABONYE HEJURU Y INDA YIWE N ABAMUFASHA UBWO KIRYA GIJ=KORANE CO KUBANDWA MUZOCITABA ???NIHO YABAROGEYE ...!!!!NONEHO NGO AMARASO YABUZE MU BITARO MBE KO BITIGEZE BIVUGWA NGO AKAMIYE HE MURI AKA KANYA !!NGO IMIGIRWA Y IBIKORANE YAYATWAYE !!NTACO TUTAZOBONA KURI IYI DDD

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.