IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amakungu abandanya kwerekana ko yipfuza amatora meza yo mu 2015

Amakungu abandanya kwerekana ko yipfuza amatora meza yo mu 2015

mercredi 30 Mukakaro 2014

Ibihugu bitandukanye birabandanya gutanga uburyo buzofasha mu matora yo mu mwaka w’2015, ariko kandi bigasaba ko abanyeporitike bose n’imigambwe yabo vyofatwa ku rugero rumwe.

Igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika ziserukiwe n’umupfasoni Dawn Liberi asanzwe aserukira ico gihugu mu Burundi, kikaba catanze imfashanyo igera ku madolare y’Amerika agera ku miriyoni zitatu n’ibihumbi amajana ane na mirongo indwi n’umunani, azofasha mu matora yo mu mwaka w’2015. Ayo mafaranga rero akaba aje hageze, nk’uko umushikiranganji w’ugufashanya kw’Uburundi n’ayandi makungu, Laurent Kavakure yabimenyesheje.

JPEG - 33.7 ko
Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu (i buryo), hamwe na Down Liberi (aserukira igihugu ca Reta zunzubumwe bwa Amerika) mu Burundi

Laurent Kavakure akaba yavuze ko iyo mfashanyo izofasha mu bice bitatu. Ivyo navyo bikaba ari nk’ibijanye n’ugufasha umurwi CENI ujejwe gutegura amatora mu bikorwa vyawo, gufasha amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike harimwo n’ibinyamakuru, gufasha gutegura amatora meza, akazofasha kandi mu gushiraho icuka ciza hagati y’imigambwe no gukinga indyane zokwaduka mu gihe c’amatora. Umushikiranganji Kavakure rero, akaba ashima cane iyo mfashanyo yatanzwe n’ico gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika.

Izo mfashanyo z’ibihugu bitandukanye zikaba ziza, mu gihe kandi ivyo bihugu bigaruka bigasaba Reta y’Uburundi ko yofasha mu gutuma imigambwe yiyunga, umugambwe CNDD-FDD ukazoronka imigambwe ifise ijunja ishobora guhiganwa nawo, atari imigambwe yacitsemwo amashami yoba ije guherekeza CNDD FDD gusa. Imigambwe nayo kugeza ubu yasambutse kandi bigaragara ko ifise ishaka ryo kwiyunga ariko intambamyi zikahaba, akaba ari nka UPRONA, FNL, na FRODEBU. Ibihugu bisanzwe bifasha Uburundi bikaba birajwe ishinga rwose n’ukwo kwiyunga kw’imigambwe yagiye iracika ubunywenywe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nivyiza Turashimye Ariko Turasaba Abanyeporitike Kuvyifatamwo Neza Bareke Kurya Ayomahera Bariko Batanga Yokoze Vyinshi Iwabo Nabo Niberekane Ubutwari Biyubahe,iyo Urugo Rwumubanyi Bama Baryana Ntanumwe Atarugaya,iyo Biyubaha Naho Kocamwo Kagaherera Munzu Urworugo Rurubahwa Imana Itujimbere Ntitumaramare Ngo Muburundi Bariko Baryana Bapfa Amatora,uwotsinda Ntiyishime Uwutsinzwe Ntashavure Turi Bene Mugabumwe.Murakoze.

  • Agasozi kintahanirwakahiye abagabo babona.Cndd-fdd na l’Etat urongoye uvyamize k’umuzirikanyi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.