Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amanoti amwe amwe agiye gusubirizwa n’ibiceri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amanoti amwe amwe agiye gusubirizwa n’ibiceri

Amanoti amwe amwe agiye gusubirizwa n’ibiceri

lundi 2 Ruheshi 2014

Amanoti y’amafranga mato mato ya mirongo ibiri, icumi hamwe n’iza mirongo itanu zari zisigaye zigiye kuvaho zisubirizwe n’ibiceri, kuko ziri mu noti zikunda gusaza cane bigatuma muri BRB baguma basohora uburyo bwinshi bwo gukoresha izindi.

Clément Butoke arongoye igisata kijejwe gukora, gushingura no gusohora inoti mw’ibanki nkuru y’igihugu amenyesha ko inoti z’amafranga make zisubirizwa kenshi kuko zisaza n’ingoga bivuye y’uko akenshi zitabikwa muma banki nk’inoti zinini nk’ibihumbi bitanu, ibihumbi cumi n’ayandi. Kubera rero ko uburyo bwo kuzisubiriza buzimvye, mw’ibanki nkuru y’igihugu bamenyesha ko izo noti zigiye gusubirizwa n’amafaranga bita ibiceri kuko vyo biramba, kandi bigashobora kumara imyaka 20, mu gihe inoti isanzwe yo ubuzima bwayo ari amezi icenda gusa.

Igituma kandi abanyagihugu bakunda kwidoga ko inoti z’ibihumbi bibiri n’iz’amajana atanu arizo noti zikunda gusaza n’ingoga kuruta izindi, Clement Butoke agira ati : "S’uko zidakozwe nk’izindi ahubwo, n’uko akenshi arizo zikunda gukoreshwa zama zizunguruka mu banyagihugu, kuko ari nazo noti zigura ibintu bitari bike vya nkenerwa nk’isukari, ikiyeri, igitoro n’ibindi.

JPEG - 966.6 ko
Clément Butoke arongoye igisata kijejwe gukora, gushingura no gusohora inoti mw’ibanki nkuru y’igihugu

Tubamenyeshe ko ibanki nkuru y’igihugu iriko ihimbaza yubile y’imyaka 50 imaze irangura ibikorwa. Mu ntumbero yo guhimbaza iyo yubile hakaba hatunganijwe ibikorwa bitandukanye, aho imiryango yugururiye kuri uwo wese yipfuza kumenya ibikorwa birangurirwa muri yo banki (Journées portes ouvertes), bakaba bategekanije ko abantu bo mu bisata vyose baza barishura ku bibazo vy’abanyagihugu bazogendera iyo banki muri iyo minsi imiryango yuguruye.
Muri ivyo bikorwa vy’ukwugurura imiryango vyatanguye kuva kuri uwu wa mbere gushika kuwa gatatu, ku mameza atandukanye hakaba hari inoti ubwoko butandukanye bw’inoti Uburundi bwagiye bukoresha, haramanitse abagiye batwara iyo banki kuva ivuka gushika kino gihe. Ibikorwa nyezina vyateguwe mu guhimbaza iyo myaka mirongo itanu bikazorangira ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 7 Ruheshi.


Floxella Karire

Messages

  • Nukuri ivyo mu Burundi biratangaje,iyo simvo yotuma inoto za cumi,mirongo ibiri,mirongo itanu zivanwaho,ahubwo amahera y’uburundi agomba amere nka macongomani yakera.Ivyo bisigura ko igihugu kigeze ahatemba,genda kwisi yose izonote ziraha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.