Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amasendika arashima kubona akamo ko guhagarika imirimo karitabwe muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amasendika arashima kubona akamo ko guhagarika imirimo karitabwe muri (...)

Amasendika arashima kubona akamo ko guhagarika imirimo karitabwe muri rusangi

vendredi 6 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu nani mpuzamasendika COSYBU na CSB bari kumwe n’amashirahamwe yishinze kurwanya ubuzima buzimvye barashima ku kamo bateye ko guhagarika imirimo kuri uwu wa kane kitabwe ahatari hake. Ariko bakaba banegura ingendo ya bamwe bamwe bashatse gukoresha iterabwoba kandi ari uburenganzira bw’umuntu uwari we wese guhagarika umurimo.

Akamo katewe n’amashirahamwe n’amasendika ahurikiye muri rwa rugamba rwo kurwanya ubuzima buzimvye ko guhagarika imirimo biyamiriza itagisi rya 42 hamwe n’uko igiciro c’igitoro comanuka karitabwe ahatari hake. Avenue de la mission na Avenue de l’amitié amaduka hafi yose yari yugaye kiretse nk’umuntu umwe umwe wasanga yuguruye. Kuva kw ‘ibarabara avenue de l’Amitié kumanuka gushika kuri rond point ya leo ,amaduka yose, amazu y’uburiro, inzu zidandarizwamwo inyama n’ifi zose zari zugaye, kiretse ahakorerwa amafoto bita kuri GTC, hamwe n’uburiro Sihouette zari zuguruye.

Abakozi basanzwe badataha sasita, barabuze aho bivunira umusase kuko imbabura zari zamanitswe ku mazu y’uburiro hafi yose, mbere na bamwe bahora batembereza imfungurwa bari bitavye akamo k’amasendika. Ku nyubakwa y’abashinwa T2000 nyene hariko igufuri. Muri za nzu z’ubudandaji nka village Market hamwe n’inyubakwa nini iri mbere y’ibanki nkuru ya BCB, naho nyene haragaragara kiretse umwe canke babiri baba buguruye. Ku masoko kiretse isoko ya kamenge yari yaremye ukuri kwamye ahandi wasanga huguruye umwe umwe. Muri rusangi akamo karitabwe ahatari hake mbere mu gisagara ca Bujumbura hasa no ku munsi wa gatandatu muri wa mwanya w’ibikorwa rusangi.

Mu Gatondo ka kare, ibituro vy’ama bus nk’abaja mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura haragaragara, ariko mu nyuma haragiye haza ama bus amwe amwe ariko uruja n’uruza rukaba rutari uko rwahora. Ku ruhande rw’ama bus aja mu Buraruko hamwe no Hagati mu gisagara ca Bujumbura ama bus yunguruza abantu yari make cane.

Ku mashure yo mu gisagara ca Bujumbura ahatari make abanyeshure baratonda bagaca basubira imuhira kuko babuze abigisha, ariko hari naho ibibazo vyakozwe ukuri kwamye nko kw’ishure Lycee du lac Tanganyika . Ku bitaro vya Reta hafi nka vyose hariko hakorwa ibikorwa bibayabaye. Ariko rero, hariho n’abitavye imirimo kubera igitsure c’abakoresha canke igiporisi aha twovuga nk’igiporisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara, caguma gitembera candika iparati z’abatwara imodoka zunguruza abantu n’ibintu batatonze ku mirimo.

Ku ruhande rw’amasendika hamwe n’amashirahamwe yari yateye akamo ko guhagarika imirimo kuri uno wakane, bavuga ko bashima ariko rero baranegura inyifato ya bamwe bamwe bakoresheje iterabwoba, babuza iyo yegeyeregeye kandi ari uburenganzira bw’umuyagihugu wese bwo guhagarika imirimo.

Mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi naho bavuga ko abatitavye imirimo bazofatirwa ibihano, kuko iyo yegereyegere idakurikije amategeko, ku bw’umushikiranganji Annonciate Sendazirasa, umukozi ashobora guhagarika akazi mu gihe conyene afitaniye amatati n’umukoresha wiwe, ikindi naco avuga n’uko ayo mashirahamwe n’amasendika atigeze abimenyesha umugenduzi mukuru w’akazi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.