IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasendika y’abigisha aragabisha Reta ko ashobora kutazotanga (...)

Amasendika y’abigisha aragabisha Reta ko ashobora kutazotanga amanota

mardi 17 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Abigisha bahurikiye mu masendika STEB, SLEB , SYNAPEP na CONAPES bamenyesha ko bashobora kudatanga amanota y’igice ca kabiri c’umwaka w’ishure mu gihe Reta itobumviriza igakuraho ubusumbasumbane bw’imishahara.

JPEG - 34.4 ko
Eulalie Nibizi arongoye sendika STEB

Mu kiganiro abo bigisha bahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, bavuga ko iminsi yose Reta yama yemera ibintu ariko ntiyigere ibishira mu ngiro. Eulalie Nibizi arongoye sendika STEB avuga ko bipfuza ko imishahara yoharurwa hakurikije amategeko. "Ntivyumvikana ingene umushahara wanaka usumbana n’uwo bakorana canke uwukora mu kindi gisata, igituma umushahara munaka ku rupapuro rw’umutsindo kanaka idasa. Reta ikwiye kurwanya kwitwaza ubugenzi, ubucuti n’imigenderanire yegeranye cane hagati y’ubushikiranganji bunaka n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta canke n’ubutegetsi bwo hejuru mu gihugu mu gushinga imishahara."

Muri ayo masendika basaba Reta ko yokorera ku mategeko, mu guharura ingene imishahara itangwa n’ingene ikwiragizwa mu bakozi hamwe n’ingene bayiduza vyose bikaba bikurikije amategeko, nk’uko Eulalie Nibizi abandanya abishikiriza. Amasendika y’abigisha avuga ko bashaka kurwanya ico kintu c’uko bamwe bafashwe neza abandi nabo bagafatwa nabi.

Mu gihe Reta itobumviriza, baragabisha ko bashobora gufata ingingo yo kudatanga amanota y’igice ca kabiri, kugira bagondoze Reta ibahe ivyo yiyemeje.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.