Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amasezerano y’i Arusha ntarashirwa mu ngiro yose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amasezerano y’i Arusha ntarashirwa mu ngiro yose

Amasezerano y’i Arusha ntarashirwa mu ngiro yose

jeudi 6 Ruhuhuma 2014

Amasezerano y’amahoro n’ugusubiza hamwe hagati y’abarundi yateweko umukono ku genekerezo rya 28 Myandagaro umwaka w’2000 mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya, yatumye intambara ihagarara, abanyagihugu bo mu bwoko bwavuga ko bucinyizwa baraserukirwa mu nzego z’igihugu, umwumvikano n’amahoro navyo biragaruka. N’aho Arusha yashoboye gukemura bimwe mu bibazo vyacanishamwo abarundi, haracakenewe ko ibikorwa bikomeye vyumvikanywe i Arusha bishirwa mu ngiro, nk’umurwi ujejwe kumenyesha ukuri n’ugusubiza hamwe, sentare idasanzwe ihana ivyaha n’amabi vyakozwe mu gihe c’intambara.

Inyuma y’aho Uburundi buronkeye intahe y’ukwikukira mu mwaka w’1962, intwaro zakurikiranye ku butegetsi zamye zitizigiwe n’abanyagihugu bamwe bamwe bazagiriza ko ari iz’ubwoko bumwe bw’abatutsi, ari navyo vyahavuye bituma imirwi y’abarundi b’abahutu bavuga ko batagira ijambo bafata inzira y’ishamba, intambara ziraduka zihitana abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi, igihugu kirasamburwa. Agahengwe kagiye kuboneka inyuma y’aho amasezerano y’amahoro n’ugusubiza hamwe ateweko umukono n’imigambwe 17 ariyo ABASA, ANADDE, AV-INTWARI, CNDD, FRODEBU, FROLINA, INKINZO, PARENA, PALIPEHUTU, PIT, PL, PP, PRP, PSD, RADDES, RPB na UPRONA i Arusha. Abarundi baciye bumvikana ingene bokwitunganiriza intwaro, amako n’intara zose biraserukirwa. Mu gihe imyaka hafi cumi n’ine iheze ayo masezerano ateweko umukono, ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement), kuri uwu wa kane igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2014, ryatunganije ikiganiro cari catumiwemwo imigambwe, amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, hamwe n’abaserukira amashengero. Muri ico kiganiro, abatumiwe barabiye hamwe ingene amasezerano y’i Arusha yashizwe mu ngiro, hamwe n’icokorwa kugira amahoro n’umwumvikano bikomoka kuri ayo masezerano bishobore gutsimbatazwa, kugira ntihazosubire kwaduka intureka zakwezegeye akarambaraye igihugu.

JPEG - 1.6 Mo
Umushingamateka Festus Ntanyungu, yaserukiye umugambwe CNDD FDD muri ico kiganiro

Uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi, umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya asanzwe ari nawe yateguwe icigwa catanzwe kw’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano ya Arusha, yamenyesheje ko atawokwirengagiza uruhara rw’umwumvikano wabereye i Arusha, ari navyo vyatumye ubutegetsi bwavuye mu matora bushobora kumara ibiringo vyabwo, aho akibutsa abatwaye Uburundi babiri n’abandi bategetsi bagandaguwe imbere y’uko amasezerano ya Arusha ajaho. Umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya ashikiriza ko aho umwanya ugeze vyari bikwiye ko abatwara bagaruka kuvyo abarundi bumvikanye i Arusha, kugira bashire mu ngiro ivyasabwe nk’ishirwaho ry’umurwi ujewe ukuri n’ugusubizahamwe, abarundi bavugane ukuri, haboneke ubutungane bw’inyuma y’intambara, abagirizwa ivyaha n’ayandi mabi bakurikiranwe mu butungane.

JPEG - 1.7 Mo
Umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya yatunganije ico cigwa

Sylvestre Ntibantunganya amenyesha ko iyo umurwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga ujaho habanje gutangura uwujejwe kumenyesha ukuri kuvyabaye, impari zihari ntizobonetse, kuko ibihari ubu ari uko amako yose yagirizanya amabi yabaye ku Burundi, kuko ubwoko bumwe bwose bwihariza ukuri. Kubw’umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya, mu gihe ibibazo vy’amako n’uguserukirwa mu nzego vyatorewe inyishu mu Burundi, ubutegetsi bubifashijwemwo n’abahoze barongoye Uburundi, bari bakwiye kuja hamwe bakiga ibibazo bindi bihari nk’ubwigenge bw’ubutungane n’ibindi.

Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE ryatunganije ico kiganiro, yamenyesheje ko n’aho ibibazo vy’ubuserukizi bw’amako yose mu gisata c’ubutungane n’ic’umutekano (igiporisi n’igisoda) vyaheze, haracasigaye uguha ubwigenge izo nzego, kugira ntizisubire gukoreshwa mu guhohotera n’ukwaka ubwigenge uwoba adasangiye ivyiyumviro n’ubutegetsi buhari. Nk’uko vyashikirijwe na pacifique Nininahazwe, uguserukirwa mu nama nshingamateka na nkenguzamateka vyari bikwiye kandi gusubirwamwo, abanyagihugu akaba aribo bitorera abo barungika kubaserukira mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, ivyo bikazofasha kuvavanura n’ingendo y’abaserukira abanyagihugu bigenza nk’abakorera imigambwe iba yabashize ku ntonde, bakibagira ko bahembwa amafaranga y’ikori ry’abanyagihugu.

JPEG - 1.9 Mo
Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE

Muri ico kiganiro cari catumiwemwo abanyeporitike n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, umugambwe UPRONA wari waserukiwe na Yohani Batisita Manwangari hamwe na Evariste Ngayimpenda. Umugambwe FNL nawo wari waserukiwe n’abavuga ko ari abakuru bawo babiri, aribo Agathon Rwasa avuga ko akiramutswa FNL, hamwe na Yakobo Bigirimana arongoye FNL yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ntanyungu ni we mukamwe bafise aba dd azi ivya kera ahera muri 61 avuga kugira afate umwanya woose ikiganiro gihere !!!Aba dd iyo bamaramaye barungika uwuzi gusamaza abantu !!!Ariko igifaransa kizokama..
    Nibazane CVR abateye ama grenades, bateze ama mines , bamaze abantu bafatwe ,abishe Mgr RUHUNA bareke gukura ibirwanisho kuko nivyo bakoresheje mu kwica Ruhuna ahubwo nabo batinya ko bibica barihenda,,,,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.