IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasezerano yo gukorera hamwe hagati y’ishirahamwe Brarudi na (...)

Amasezerano yo gukorera hamwe hagati y’ishirahamwe Brarudi na FESTICAB

vendredi 18 Ndamukiza 2014

Isabukuru ry’amareresi mu Burundi, FESTICAB (Festival International du Cinéma et de l’Audiovisuel du Burundi) rigiye gutangura ibikorwa vyayo bigira gatandatu ( 6ème édition). Ibishasha muri ivyo bikorwa, akaba ari uko hashizweko umukono wo gukorera hamwe mu kiringo c’imyaka itatu hagati ya FESTICAB n’ishirahamwe BRARUDI.

Leonce Ngabo arongoye FESTICAB

Nk’uko vyama biba ku mwaka ku mwaka, ibikorwa bigira gatandatu vy’isabukuru y’amareresi FESTICAB muri uno mwaka w’i 2014, bikazotangura kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika kurya 20 Ruheshi. Icivugo c’uno mwaka akaba ari : “Ireresi n’intwaro rusangi”. Léonce Ngabo, umukuru wa FESTICAB avuga ko iciyumviro c’ico civugo yagitoye yisunze ukungene imibereho ya kino gihe yifashe mu Burundi, haba mu vya poritike, mu vy’imibano no mu vy’ubutunzi.

Ikindi naco camutumye atora icivugo c’uno mwaka, ni uko ibibandanya bivugwa mu Burundi muri kino gihe, ari amatora yimirije mu mwaka w’i 2015 asabwa kubamwo intwaro rusangi. Naho umenga mu gutora icivugo “Ireresi n’intwaro rusangi” yishimikije cane mu vya politike, Léonce Ngabo yisiguye avuga ko muri iryo sabukuru FESTICAB ryimirije, yashatse gukoresha ireresi nk’igikoresho cigisha kandi gihimiriza.

Maarten Schuurman umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Brarudi

Igishasha kindi mw’isabukuru FESTICAB ry’uno mwaka, n’umuhagaritsi mushasha azoba ashigikiye ibikorwa vy’uno mwaka w’i 2014. Uyo nawe n’umufaransa yitwa Marie Bunel, yari umukinyi mukuru (actrice principale) mw’ireresi ya “GITO l’Ingrat”. Hazoba mbere n’ihiganwa rishasha ry’amareresi yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko aho ibikorwa vyayo bizokwuguruzwa i Bujumbura, hongere habe n’inyigisho ku bakinyi bafise impano zo gukina amareresi muri Afrika y’Ubuseruko.

Amafaranga agera ku miriyoni 120 y’amarundi akaba ariyo yashizweko igikumu hagati y’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Brarudi, Maarten Schuurman na Léonce Ngabo, umukuru wa Festicab. Bakaba bagiriraniye amasezerano yo gukorera hamwe n’iryo shirahamwe, mu kiringo c’imyaka itatu. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Brarudi, Maarten Schuurman akaba yamenyesheje ko rigize incuro ya kane bakoreye hamwe na FESTICAB mu ntumbero yo guteza imbere imico y’abarundi hamwe kumenyekanisha Uburundi biciye mu mareresi yerekanwa.

Léonce Ngabo akamenyesha nawe ko ayo masezerano bagiriraniye n’ishirahamwe BRARUDI ari amasezerano yo kwizigira. Akavuga kandi ko FESTICAB ari igikorwa ndangakaranga conyene mu Burundi kimaze gushinga iminzi mu myaka itandatu kandi kigifise n’impano yo kubandanya no myaka igiye kuza.

Mwomenya ko ivyo bikorwa vyo gushiraho amasezerano hagati ya FESTICAB n’ishirahamwe BRARUDI, vyari vyashigikiwe n’umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imicokama.

Adolphe Rukenkanya, umushikiranganji w'inkino n'imico kama

Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.