Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashengero arababazwa n’imvugo z’ibinyoma zikoreshwa n’abanyeporitike - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amashengero arababazwa n’imvugo z’ibinyoma zikoreshwa n’abanyeporitike

Amashengero arababazwa n’imvugo z’ibinyoma zikoreshwa n’abanyeporitike

mardi 6 Rusama 2014

Bamwe mu baserukira amashengero bamenyesha ko imvugo z’abanyamigambwe ziteye ubwoba, ndetse bagiye nabo kuza barereka abo barongoye bamwe mu banyeporitike bakoresha imvugo z’ibinyoma.

Mu nama umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yaremesheje mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Rusama uyu mwaka, abarongoye abandi mu migambwe, amashengero, amashirahamwe yigenga, ba buramatari, abasitanteri, abatari bake ngaho bakaba bashikirije amakenga y’imvugo zimwe zimwe z’abanyeporitike babesha, canke bagakoresha imvugo z’ikinyoma, canke ivyapfunditswe ntibishirwe mu ngiro.

Muri iyo nama, bamwe mu bayitavye ntibarya umunwa ko hariho rumwe mu rwaruka rutera ubwoba abandi, aho rukoresha amahiri, ivyuma, gukizura, canke gukubagura abandi, kandi bigatera ubwoba abanyagihugu. Ndetse n’ibikorwa n’Imbonerakure za CNDD FDD bikaba bivugwa ko biteye ubwoba. Ku bwa Pacifique Nininahazwe yari yaserukiye ishirahamwe FOCODE, we yemeza ko ibikorwa n’urwo rwaruka ruhurikiye muri uyo mugambwe uri ku butegetsi, uwo bitotera ubwoba ari uko yoba abegereye, canke ari muri urwo rwaruka.

Abaserukira amadini bo, bavuga ko batagiye kuzoguma bihanganira imvugo z’ibinyoma zikoreshwa n’abanyeporitike, canke ibikorwa bibi bashigikira abanyagihugu barorera. Mw’ishengero Rema Church bo, bakavuga ko bazoteba batangura kwereka abakirisu babo, abanyeporitike b’ibinyoma, kandi ko bazonababuza kuzoha amajwi abo bagenda baryanisha abanyagihugu mu gihe c’amatora.

Mukamenya ko umushiranganji Edouard Nduwimana yasabwe gufasha abo arongoye mu bushikiranganji aramutswa, kwubahiriza amategeko, kandi bagafanya n’abandi mu gushira mu ngiro ibiba vyafundikiwe hamwe, mu kureka imigambwe yose ikidegemvya ata wandya wa ngura, ndetse ata mwana n’ikinono.


Aristide Nizigire

Messages

  • mwamubwiye edourdo nuko atumva womengo yariye imitwe yinyoni itaribwa kuko ibivyose biba ni number one abisemwo uruhara,gusa komusenga mumusengere,nivyomwavuganye nimwibaze yavyemeye oya.ahubwo nambashaka ineza yigihugu nasubize imigambwe beneyo.

  • emwe reka turabe!muga iconzico nuko babwiy igipfamatwi nayo kubwira igipfamatwi bisa nogusekura igipfu mwisekuru kuko ntikinoga

  • Amategeko nubugesera nkuwo mumwitaba gute?umwicanyi arabaza asigure abantu yishe bibusinde

  • Uyo ni umwe yavuga i Businde ngo ikimenyamenya ko barya bari ngaho ko bari biteguye kugumuka ngo ni uko bambaye udukabutura munsi y’amajipo agaca adushinyagurira ngo babamaratiri mwarondera...uyo niwe muriko murumviriza kweli? Murizera kabisa, jewe naramuhebuye kandi nsinota umwanya ndamwumviriza.

  • ,,burundi my poor country;let us be united in the aim of lifting you from this valley of death,,,,,,

  • ,,burundi my poor country;let us be united in the aim of lifting you from this valley of death,,,,,,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.