IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe 17 y’abagura kandi bakagurisha amafaranga yarugawe

Amashirahamwe 17 y’abagura kandi bakagurisha amafaranga yarugawe

mercredi 29 Rusama 2013

Kuva ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 26 Rusama 2013, ibanki nkuru y’igihugu yarafashe ingingo yo kwugara amashirahamwe agera kuri 17 ajejwe kugura no kugurisha amafaranga asanzwe akorera hano mu gisagara ca Bujumbura.

Ayo mashirahamwe uko ari 17 yagirizwa kuba yarahonyanze amategeko ya Leta mu kudakurikiza ivyo Leta isaba ku bijanye no kugura no kugurisha amahera. Leta iyagiriza kuba agurisha amahera mvamakungu ku giciro kirengeye ayo iba yarashinze.

Ikinyamakuru «IGIHE» cagendeye amwe muri ayo mashirahamwe ajejwe kugura no kugurisha amafaranga yari yafatiwe ingingo yo kwugarirwa kubw’ivyo yagirizwa kugira gitohoze inkuru yimvaho.

Bamwe mu barongoye ayo mashirahamwe bavuze ko baronka amahera mvamakungu ku giciro kinini bigaca bituma nabo bayagurisha ku mahera menshi kugira ntibakorere ku ruhombo. Ikindi naco n’uko hasanzwe hari abandi bantu bakora uwo mwuga wo kugura no kugurisha amafaranga bidaciye mu mategeko bazwi kw’izina «ry’abavunjayi». Abo nabo bakaba batera intambamyi abasanzwe baratanguje amashiramwe akwije vya ngombwa kuko nomba nk’idorare rimwe rigurishwa amafaranga 1550 kw’isoko mpuzamakungu, muri ayo mashirahamwe akorera ku mugaragaro bo baca barigurisha ku mafaranga 1600. Ivyo bigaca bituma bagira uburyo bwose bushoboka kugira bagarukane isoko ry’abahora baza kugurisha ayo mafaranga mvamakungu mu kuduza igico kirengeye ayo Leta yashinze.

Ibanki nkuru y’igihugu imaze kugenzura ibikorerwa muri ayo mashirahamwe niho yaca ifata ingingo yo kuyugara gushika yemeye gukurikiza ivyo Leta isaba. Amwe muri ayo mashirahamwe akaba yasubiriye gukora ku mugaragaro nyuma yo gutangishwa amahadabu yo kurenga amategeko ya Leta.

Abajejwe amashirahamwe yo kugura no kugurisha amafaranga mvamakungu basaba Leta gutuza abo bakorera mu kinyegero kuko bo bakora ibidahwanye n’ivyo Leta isaba ku bijanye no kugura no kugurisha amafaranga.

Ikindi naco, basaba ko hoboneka amafaranga mvamakungu mu gihugu, kuko abonetse, n’amafaranga y’igihugu azogira agaciro mbere n’abanyagihugu bahatorere akoyokwe.

Mukibuka ko ayo mashirahamwe yari yashinzwe kugira yorohereze uruja n’uruza rw’amafaranga muri bino bihugu vya kano kerere.
Leta igasaba ayo mashirahamwe yari yahagaritswe n’ayandi adakurikiza ibisabwa n’amategeko ko yokwikosora agakora ibihwanye n’amategeko ku bijanye no kugura n’ukugurisha amafaranga.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.