IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe 519 yandikiye ubuserukizi bwa Afrika y’ubuseruko

Amashirahamwe 519 yandikiye ubuserukizi bwa Afrika y’ubuseruko

vendredi 7 Ntwarante 2014

Amashirahamwe 519 asanzwe yaratanguje uruganda rwo gusaba ko atawosenyura amasezerano y’i Arusha yandikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, Richard Sezibera, bamusaba ko yokurikiranira hafi poritike y’Uburundi, yongere arungike ku rubuga umurwi wigenga utohoze ibivugwa, kugira akinge ko igihugu cosubira mu ndyane bivuye ku baharanira inyungu zabo, birengagije amasezerano Uburundi bwateyeko umukono.

Mu rwandiko ayo mashirahamwe yarungikiye Richard Sezibera, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, bamusavye ko mu mabanga ajewe, yokurikiranira hafi ibijanye n’umutekano w’igihugu, intwaro ibereye, intwaro rusangi, ihindurwa rw’ibwirizwa shingiro ku nyungu z’abashaka kwirengagiza amasezerano y’i Arusha, hamwe n’uburenganzira bwa kiremwa muntu n’ubwo gutunganya amanama mu mwidegemvyo biguma bibangamirwa.

Kw’izina ry’ayo mashirahamwe, Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societe Civile) yasavye Richard Sezibera, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, ko yokoresha ububasha ahabwa n’amabanga arongoye, arungike umurwi wigenga ku rubuga, kugira utohoze ibivugwa vy’ihungabana ry’umutekano, hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi. Uwo murwi woheza ugashikiriza icegeranyo abakuru b’ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, kugira bakinge hakiri kare ko igihugu cosubira mu ndyane gihitiyemwo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Barya bwondikiye barazi neza ico kibazo kubasumvya, zirya nkoho cndd yirirwa iraha imbonerakure icese,mwibazako izitanga abarundi n’amakungu bifutse mu maso??? Petero aho guha abarundi amahoro arabaha inkoho zo kumarana izuba riva. Hewe nkuru wewe ntanuwuzogukorako wewe nyene uzobonako uteye isoni uce wishirako akagozi kw’izosi. Ubwambure bw’inkoko bwerekanwa n’umuyaga. Petero nawe suguhinda nya muyaga arasumya tangznyika ariko niyaraba nabi uzomugurukana wenyene nabiwiwe. Ubaye nka Nebukadinezari wo muri bible, Imana yamuciriye mw’ishamba arya ivyatsi, none wewe petero niyaguca uzoryiki muri ubu bugaragwa ngo ni igisagara?

  • Nibarire bahore uravye murirusangi ibibihugu birimuriryashirahamwe ivyizindyanze nkizi mufise navyo nuko ndibaza yuko atohobagiye

  • Abatutsi sha. Akarimi mwarakameze. Ariko ntagihe narimwe mwigera mwiyumvamwo ko na bandi bafise ubwenge? Mbe aba sans echecs basogota imigano abantu ngo ni amaboro mwarihe mwebwe BA Civil society. Ariko manyina mwogira ivyo bijuju vya bahutu bashaka ubutegetsi ku ngumvu mukabura kwikora mu gahoga! Wapi kabisa. Mbe iyo genocide muvuga izova he canke niyo muriko murategura. Ariko ico nobahanura kimwe. Murazi neza ko abahutu bose bo mu Burundi atari nka BA Mugwenzo. Mwibagiyeko abahutu bigwanyeho kandi bakibohoza AMAkungu Yose yaradutereranye. Ntimwirirwa mudutemagura amakungu Yose arorera? Ndazi ko mudahaha nubu mwosubira. Ariko sinzi ko bizobahira. Erega nta myaka myinshi erahera ngo abahutu bibagire ivyo mwabakoreye! Abo nkenka bavyibagiye ni ivyo vyitso vyo muri adc ikibiri. Muzoze muravyibutsa ko na Twagiramungu amaze iminsi arondera FDlr ngo bakorane. Nkeka hari ico vyo kwigisha Leonce

  • sha igihe.com muratwengeje muvuga ngo uwandika wese yisungamategeko yo kwandika adatukanye,adasakuje,atifatiyuwundi mugahanga none nkizo nkuru zo gutyozanya gushika naho batandukira numukuru wigihugu peter nkurunziza,bongera bigishamacakubiri bibacahe kugira bibe publié canke ntimwigera mwanalysa izonkuru nukubesha.sha mwokwikebuka ntimuzobe nka radio mille collines ngo muribinyamakuru akataretse kaba gasema

  • Uwo nyene NSHIMIRIMANA Vital na Pacifique muri 93 bari aba sens -echec,abahutu bishwe baturizwe amapine muza kamenge na essence abo bagabo barabizi,none rero birukiye gushinga amashirahamwe ngwadaharanira amaporiike n,ivyicaro.none ngo bandikiye umunyamabanga wa Africa y,ubuseruko kandi wumunyagwanda?!,mbega basha uwovuga ko yantambara bagiye kuyitegurira murwanda ntiyoba yibeshe,abo bagabo barongoye ayo mashira hamwe bariyobegwa pe,ahubwa iyo mwandikira IMANA yo mwijuru,ivyarivyovyose mugakwega intambara ndibaza ko namwe mutazorohegwa sha,nobamenyesha ko umuhutu azorasana n,umututsi rikanguha.aho mwavuga ngo inkoho irasira hose,ngo ntamuhutu yokozako intoke,ubuho ivyari imagera vyaragerutse,umuhutu asigaye azi kuyihegekera nkumututsi.nimusigeho,reka tubane mwabatutsimwe,ndababwizukuri jewe ndi UMUHUTU windero kandi niyemera,nkemanga ubwoko bwanje kandi ndanezereregwa nico ndi,mugatera intambara ntabahutu tuzosubira guhunga,igihugu cacu.tuzomaraniranira ngaha mugihugu.uko nukuri pe.

  • Birababaje kubona umuntu yirirwa arategura ikibi agaca qvuga ko uwundi ariwe ariko arabitegura. None, ko Imana yaremeye Umuhutu n’Umututsi mu burundi, ubu haheze imaka umunani duasangiye, uwahora yihereza vyose arageze gushaka kubitwara vyose? Emere tubane kuko urucira mukaso rukarya nyoko. Burya abarundi twari twarabonye, ngira ngo dushaka ko Imana yiyururukira kutubwira. Yicokoze izoza. Vyokabura imiryango cumi ikarungika umwana w’umututsi kwiga hanze buri kwezi ngo bariko bitegura guturirana Uburundi n’ababusigayemwo. Rekeraho, Imananga ntimarira Imana. Ni igiki abarundi tutabonye? Ni igiki abarundi tudafise? abantu 14% bagahabwa 40% vy’intebe mu butegetsi bakagumana ipfa! kandi 85% batekereje na 60%? Iyo ngeso ni mbi. Mbega ko ubuzi bwa Leta burenga 85% buri mu maboko ya 14% kandi 85% bakaba batekereje, ubu rero, niho ibara ryaguye kuri 14%? Uwushaka akarenzo arenzwa ivu. Reke gukoresha ubuhanga bwa diplomacie mwabayemwo imyaka irenga 400, reke gukoresha itunga mwasahuye igihugu imyaka yose mu guhenda amakungu, mugufinansa icitwa societe civile atariyo, mu gukoresha amaradiyo mwashinze ngo abagarurire ubutegetsi ku nguvu, mwibaza ngo abandi n’amakungu ntabibona. Bayina n’uko vyabananiye kwongera gukerera incabwenge z’abahutu zasubiriye kurwira!!! Reke ikinyoma di! Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe, kandi ureka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nkayo. Iyo mwava mwari mufise akazikira. Turabasengera ku Mana. Kandi si Umuhutu yigira speciale, si umututsi yigira umujanja azi ivyo abandi batobna!!!! Uwanka awundi nawe nyene ntakwiriye kuabaho. Dukundane tutbane basha!

  • @Gezaho,ivyo wanditse wumva bifasha igihugu kwogorora?Aho uwokubaza neza imbere y’amategeko ivyo uvuze wovyemanga?Sakirimikibi yatanze umurozi gupfa!!!Mbe aho 93 haheze imyaka ingahe?Le passe devrait etre pour les burundais le tremplin du meilleur futur ntakuguma hahandi turabe ibitwononera ubu muntumbero yogutera tujimbere!Ivyo ayo mashirahamwe ariko arakora nivyo kuk ariko ategura kazoza keza kawe n’abana bacu!courage basha!!!

  • Wewe witwa Jean,ibi nanditse ndavyemanga kuko mwirya myaka nari nkuze kandi nateshejwe ishure nabo basanzs checs,mbega kugomba kwirengagiza ivyo vyabaye nikuki?.nuko vyakozwe nabo musangiye UBWOKO,ngaho rero ukaja imbere mubavuga ngo mukeneye imigwi yokuvugana ukuri nokurekuriranira,iyo migwi izobaho gute?kandi hakiriho abantu bameze nkawewe JEAN,rekareka twarabahinyuye ariko mwebwe umenga ntavyo mubona,jewe ndemeza ko abiswe ari ABHUTU,mu58,68,72,88imarangara,93 bishe ndadaye,,gushika2003,ariko wewe nkivyo ntavyuzi.wewe wari ikibondo.bishwe nabatutsi,kuko nibo bari bafise inkoho,kuko igisoda cari icubwoko bumwe bwabatutsi muyooooo!.nkumututsi yoba yarapfuye mwicogihe nuko yaba yanyegeje umuhutu,canke ugasanga adashigikiye abatutsi benewabo muvyo barimwogukora.bagaca bamujaniranya,ivyo uzobibaze abakurambere bazoguhe inkuru ikwiye.nayo wewe uri ikibondo cejo.

  • @Jean, uwitwa GEZAHO ivyo yavuze nivyo, aboba Vital na Pacifique nanje narababona muribirya vyoguturirisha abantu amapine ariko sinziko aribobayobora abandi nkuku mubona birirwa bayobora abaja kwisiyose kuvuga ko ubutegetsi buyobowe nabahutu atakigenda, ariko ntibavuga kwarukuberako arubutegetsi buyobowe na bahutu bakoresha ubwenge bwahatali udashishoje rero wokwibaza ngonabantu bakundigihugu gusumvya abandi ariko niwashaka kubamenya abaribo urazobumviriza uko bafata nyakwubahwa umushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu Edourd Nduwimana, ntakindi bamuziza nukubera arumwe mubatutsi akunda amokoyose yabarundi kuriwe hatwara abatutsi canke abahutu ndetse nabatwa ntakibazo kuriwe, ariko abobamwanka bishakira intwaro yubwobumwe abahutu bamwankirako yagiye mukibanza gikomeye ngokandi DD irwiriyemwo abahutu, abatutsinabo bakamwankira ngokuko yagiye mumugambwe urwiriyemwo abahutu maze bakiyibagizako CNDD FDD abayitanguje atri abahutu nabatutsi.!Vital rero na Pacifique bacababagirizako bahawe amahera na reta irongowe na nyenicubahiro prezida Nkurunziza, ndafise akarorerokavuba Concilie aherutse kwanka ko aguma mumurwi ukomeza kugambanira nokuburagiza reta iriho ubu , ngirango mumazimisi mwumva ivyobamuvugako? Barundi barundikazi Namwe Rwaruka, ngirango muribuka inkotanyi zitera mu Rwanda mumyaka ya 90 abataribake muravyibuka ko batera mwijoro mumyaka ya 90 bakica badatoranije mazebwaca bakirwangaza bwasubirakwira bakajakwica badatoranije, intumbero zari zibiri, 1 kwereka abakunguko ubutegetsi budashoboye gucungera abenegihugu (abaturage mukinyarwanda) 2 kugira bashavuze ubwoko bwarikubutegetsi maze busimbire kubwoko buzwiko abatera mwijoro basangije ubwoko babwice. Uburero inyuma yuko Busokoza agiriye mu Rwanda murabonye inama yahaye aboba Vital Nshimirimana ko bagenda guhura numunyarwada ariko bakoresheje bwabwenge ngo bamwituye kurwego rwa EAC! Kuberiki batituye umuhuza wabarundi!? abonyene ba Vital mumisi nibabona ivyobarimwo vyase ntakindibazokora atari kuzoshiraho umurwimukinyegero wokwica abarundi kugira berekane ko ivyobavuze bitanguye, intumbero izobariyo kubatamumutego nkuwo inkotanyi zatayemwo abanyarwanda, reta yu Burundi mukomeze umugambi mwamanye wokwubaha amokoyose agize abarundi. Ayomashirahamwe arazohenda abazungu ariko twebwe abarundi turazinanye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.