IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yandikiye Edouard (...)

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yandikiye Edouard Nduwimana

lundi 16 Ruheshi 2014

Mu rwandiko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, bamusavye ko yokwubahiriza amategeko mu kureka ayo mashirahamawe akagira urugendo rwo gushigikira Petero Karaveri MBONIMPA.

Urwo rugendo rutegekanijwe ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 20 Ruheshi 2014. Ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike amenyesha ko atashimishijwe n’ukubona umukuru w’igisagara ca Bujumbura yarabankiye kugira urwo rugendo kuri uwu wa mbere. Ayo mashirahamwe akavuga ko Saidi Juma umukuru w’igisagara ca Bujumbura atisunzwe itegeko na rimwe mukubabuza urwo rugendo.

Tubibutse ko ishirahamwe FORSC ryari ryahamagariye abarundi kugira urugendo rw’amahoro ku munsi wa mbere igenekerezo rya 16 Ruhenshi. Aho akaba ari mu ntumbero yo gusaba irekurwa ry’amukuru w’ishirahamwe APRODH, Petero Karaveri MBONIMPA. Iryo shirahamwe FORSC rikaba ryaciye rimenyesha ko urwo rugendo rwasivye kuko umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Saidi JUMA yanditse ikete rimenyesha ko urwo rugendo rutarekuwe. Ivyo rero mw’ishirahamwe FORSC bakavuga ko ari ukudatahura uko amategeko avuga.

PNG - 650.1 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Vital NSHIMIRIMANA yibutsa ko uko amategeko agenga imyiyerekano n’amanama atunganijwe, urugendo bararumenyesha gusa. Ivyo rero bakaba barabikoze, bararumenyesheje ariko si ugusaba uruhusha. Arongera kandi agashikiriza ko hakiri ingorane kuko bavuze "urugendo rw’amahoro" benshi babifata nk’imigumuko, nk’ukumenja.

Muri ayo mashirahamwe bizeye ko Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu atazobuza urwo rugendo rw’amahoro rutegekanijwe kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya rya 20 Ruheshi 2014.


Egide Nduwimana

Messages

  • Komera kumuheto FORSC kuza muribuka kandi munaremesha mutama wacu MBONIMPA eka mwongera mwibutsa abarundi n’amakungu ko uyo mutama azira akarenganyo mugukebura leta y’uburundi gusa" ukuri kwama kubabaza" imisi yose, mutama MBONIMPA, Nukwihangana na Biblia irabivuga yuko uwihanganye ariwe azobona ubwani bw’ijuru, nivyishi bibereye wakoreya abarundi harimwo nabo bakagutayemwo kimwe gusa ntaworonka impembo baguha atari imana yonyene yo mw’ijuru. Mr. Vital courrages, mugabo ntaho mwavuye kandi ntaho mwaroye kuko Saidi na Edouard nibamwe( cndd fdd) reka twizere rurema. Wait and see.

  • UMUNYORORO ARACA WUFUNGURA, MWARAMUHENZE NGO NAREMENTANIRIZE LETA NGO NTACO BAZOMUGIRA!!!!!!!!! hahahahaha REKATURINDIRE ARIKO NIBAZAKO GUTAHA ARI EJO!!!!!!!!!!!! URUDANDAZWA RWIBIZIGA REKA ARUHUKE RWARI RWARAMUHAYE!!!!!!!!

  • PACIFIC YAMA AVUGAKO LETA NAHO YOKORA IVYIZA VYINNSHI MUNYUMA IGAKORA IKIBI KIMWE NGO VYOSE BIBA BIBAYE INFAGUSA!!!!!!!!! NONE NOKURI MBONIMPA NUKO UBU IVYIZA VYIBAGIWE,REKA BAMUKOREREKO KURIVYO BIZIGA YAGIYE KUZURA I CONGO!!!!!!!!! AHUBWO MBERE IGENDEREZA RYARI RIKWIYE KURABA NEZA KO MBONIMPA ATOBA AKORANA NA WAMUZUNGU BAFATANA UBUHANGA BWABANTU!!!!!!!!!

  • societe civile muzosaba ryari uruhusha rwo kugira imyiyerekano, musaba ubutungane kuri erneste kabushemeye!!!!!!!!!!!!! canke muzoja mwibarabara musaba ubutungane kuri zanzirakarengane zo muri kaminuza ryari?????????????

  • Abo BA sans echecs bibazako tukiri mu ma 93,94,95. Kubita izo mburakimaza ata kigongwe

  • SIDUKANE NIYONKA MWIBARABARA KUWAGATANU, KANDI MUZE MUZE MUZE MUTOZE KIZIMYAMWOTO ZIRABARINDIRIYE HAHAHAHAHAAA, NTIHAZE HAGIRE UWUBAKOZAKO INTOKE!!!!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.