Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashirahamwe arwanya igiturire na Leta bakwiye gukorera hamwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amashirahamwe arwanya igiturire na Leta bakwiye gukorera hamwe

Amashirahamwe arwanya igiturire na Leta bakwiye gukorera hamwe

vendredi 26 Mukakaro 2013

Ishirahamwe OLUCOME rirwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo y’igihugu, babifashijwemwo na BNUB baratunganije ku munsi w’ejo kuwa kane, mw’ihoteli Source du Nil, uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro, mu ntumbero yo guharanira ugukorera hamwe hagati y’abakora mu bisata vya Leta n’abahurikiye mu mashirahamwe adkiranira ivyicaro vya politike.

Siméon Barumwete, umuhinga yaremesheje ikiganiro, ari nawe kandi yokoze icirwa, yamenyesheje ko inzitizi mu mirimo ya minsi yose zitabuze, ivyo bikagaragarira mu majambo y’abategetsi,aho bagiriza abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ko yoba akorana n’amashirahamwe mpuzamakungu arwanya igiturire nka Transparency International n’ayandi. Nk’uko umuhinga Siméon Barumwete yabimenyesheje mu cigwa ciwe, Leta kenshi yagiriza mwene ayo mashirahamwe ko ariyo akorana n’amashirahamwe mpuzamakungu akora ivyegeranyo bidatanga isanamu nziza ku gihugu.

Ku ruhande rw’ayo mashirahamwe nayo, bagiriza Leta ko idashira mu ngiro ingingo ziba zarafashwe mu ntumbero yo kurwanya igiturire. Ivyo vyose rero bikaba arivyo bitera ukutumvikana hagati y’izo mpande zompi kandi bari bakwiye gukorera hamwe mu gutuza igiturire mu Burundi.

Kubwa Barumwete, yaba abakora mu buzi bwa Leta, yaba abahurikiye mu mashirahamwe arwanya igiturire, badakoreye hamwe, igiturire gishobora gushwara ibisata vose vy’akazi ka Leta, ingaruka nazo amaherezo zikarwa ku banyagihugu.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.