Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashirahamwe ataho yegamiye muvya politike asabwa kudafatira mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Amashirahamwe ataho yegamiye muvya politike asabwa kudafatira mu (...)

Amashirahamwe ataho yegamiye muvya politike asabwa kudafatira mu kivunga

mercredi 15 Rusama 2013

Mu majambo yashikirije, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yarasavye amashirahamwe ataho yegamiye muvya politike kureka gufatira hamwe ibivuzwe vyose, bivuye ku makosa yakozwe n’urwaruka « Imbonerakure » rwo mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

Ku bwiwe, abanyapolitike bamwe bamwe barifatira ikibazo c’urwaruka rw’Imbonerakure ku bijanye na politike, muri kino gihe tugira twinjire mu matora yo mu mwaka w’2015.

Mu kiganiro yagiranye n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya politike, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyeshe ko mu gihe urwo rwaruka «Imbonerakure » rwokora ibidahwanye n’amategeko, ruzokurikiranwa umwe wese ukwiwe, ku gatwe kiwe.

Abaserukira ayo mashirahamwe barerekanye ko banezerejwe n’ico kiganiro n’umushikiranganji, baca baboneraho n’akaryo ko kumusaba ko boteguzwa n’imiburiburi iminsi 15 imbere y’uko ibikorwa vyo kugenzura ivy’ ubuyobozi n’ubutunzi bikorwa.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.