Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashirahamwe yigenga yashikirijwe integuro y’amahera Leta izokoresha mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amashirahamwe yigenga yashikirijwe integuro y’amahera Leta izokoresha mu (...)

Amashirahamwe yigenga yashikirijwe integuro y’amahera Leta izokoresha mu 2014

mardi 3 Kigarama 2013

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwashikirije amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2014. Imigambi y’umuyagankuba hamwe n’uburimyi n’ubworozi ikaba ari iyo izoshirwa imbere.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 3 kigarama, mu nyubakwa EGO Hotel, hatunganijwe ikiganiro ku mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, abanditsi n’abamenyeshamakuru. Ico kiganiro kikaba cari categuwe n’ishirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le reveil des consciences et l’évolution des mentalités) rifadikanije n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta . Intumbero y’ico kiganiro akaba yari iyo gushikiriza amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike integuro y’amafaranga izokoresha mu mwaka uza w’2014.

Nk’uko Faustin NdIkumana arongoye ishirahamwe PARCEM yabivuze, Reta ntiyokwigungana integuro y’ibikorwa vyayo, ahubwo n’abo basanzwe ataho begamiye muvya poritike ni vyiza ko bashirwemwo mu ntumbero ya wa mugambi ‘’amahera yacu , uburenganzira bwacu‘’.

JPEG - 55 ko
Désire Musharitse

Muri ico kiganiro, ibibazo nkoramutima vyagiye biragaruka hari icerekeye kubura inyubakwa bwite za Reta bigatuma hakoreshwa uburyo bwinshi mu kuriha inyubakwa ziba zipanzwe. Désire Musharitse yaserukiye ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta muri ico kiganiro yagize ati:’’turabizi natwe ko bitwara amafaranga menshi, turiko turavugana n’abagwizatunga boza bakubaka hanyuma Reta ikazoza irariha bukebuke". Ivyo ndetse bikaba biri mu mugambi bise PPP (‘’partenariat public privé’’), nkuko Musharitse yabandanije abisigura.

Kubijanye n’uturusho (exonerations), abenshi bidoga ko ata muco urimwo mu kudutanga, ndetse tugatwara amafaranga menshi mu nteguro , Musharitse yagize ati :’’ hagiye kuba icigwa gikomeye kugira bashire ahabona abakwiye kuronka utwo turusho n’uburyo bwiza twotangwamwo". Yamenyesheje kandi ko hari n’ingorane y’ibikoresho zitumye kugeza n’ubu inyubakwa nshasha z’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta zitaratangura gukorerwamwo.

JPEG - 73.7 ko
Inyubakwa y’Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta itarinjirwa

Faustin Ndikumana nawe agira ati: "dushaka ko abanyagihugu bamenya neza ingene amafaranga yabo akoreshwa muri wa mugambi amafaranga yacu,uburenganzira bwacu’’. Uwo mukuru wa PARCEM yasavye kandi ko ikigo CNCA (comité nationale de coordination des aides) cokorana n’ubushikiranganji bw‘ikigega ca Reta bakareka kuza baratanga amakuru atandukanye.

Mu migambi minini izoshirwa imbere rero muri iyo nteguro y’amafaranga azokoreshwa mu mwaka wa 2014, akaba ari cane cane umugambi w’uburimyi n’ubworozi hamwe n’umugambi w’umuyagankuba. Mwomenya ko ico kiganiro cari citabwe n’amashirahamwe nka FOCODE, PARCEM, OLUCOME, ishirahamwe ry’abarimyi nka FOPABU,FONTAINE Isoko ,CAFOB n’ayandi.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.