Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashirahamwe arwanya ubuzima buzimvye yihaye imisi umunani y’ukurindira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amashirahamwe arwanya ubuzima buzimvye yihaye imisi umunani y’ukurindira (...)

Amashirahamwe arwanya ubuzima buzimvye yihaye imisi umunani y’ukurindira inyishu

jeudi 15 Nzero 2015

Amashirahamwe yiyemeje kurwanya ubuzima buzimvye basaba Reta gukuraho vyihutirwa rya tagisi ryo gutumatumanako amakuru ry’amafaranga 42 ku munota, kuko rivuna abanyagihugu mu gihe basanzwe bugarijwe n’ubukene. Mu gihe ayo mashirahamwe yamaze kwandikira umukuru w’igihugu, amenyesha ko mu minsi umunani, umukuru w’igihugu atoba yafashe ingingo yo guhagarika iryo tagisi, biyemeje kuzoca bakora ico cose amategeko abemerera mu kwiyamiriza iryo tagisi

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kane, ayo mashirahamwe 477 n’amasendika, yamenyesheje ko kuwa 12 Nzero yandikiye umukuru w’igihugu amusaba guhagarika iryo tagisi rifise ingaruka mbi cane ku buzima bw’abanyagihugu, ku mashirahamwe yo gutumatumanako amakuru ubwayo, kuko bigabanya umwimbu wabo, akazi ka benshi kagapfa bitumwe n’uko mu bisata vyinshi vy’ubuzima bw’igihugu agaterefone ari igikoresho c’akazi gikomeye, n’ubutunzi bw’igihugu muri rusangi. Ayo mashirahamwe avuga ko mu bisanzwe iterefone atari igikoresho c’abifise ahubwo ari igikoresho c’akazi. Ikindi kibabaza ayo mashirahamwe, nk’uko babandanya babimenyesha, n’uko atawumenya iyo ayo mafaranga ajanwa, mu gihe mu mategeko Reta ifise ikonti imwe gusa, nk’uko Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME abivuga.

Mu gihe rero mu minsi umunani umukuru w’igihugu atoba yafashe ingingo yo guhagarika iryo tagisi, biyemeje kuzoca bakora ico cose amategeko abemerera mu kwiyamiriza iryo tagisi.

Mu kurindira ko ikiringo c’iminsi umunani kirangira, ayo mashirahamwe asaba abanyagihugu kwirinda guhamagara atari ikintu ca nkenerwa cane babishoboye bokwandika ubutumwa bugufi gusa.

"Amafaranga Reta ikoresha ku mwaka ntakwiye gutera ingorane umunyagihugu"

Kubona Reta ikenera amafaranga ikoresha ku mwaka ntibiba bikwiye gutera ingorane umunyagihugu, nk’uko icegera c’uwurongoye urunani rw’amasendika COSYBU abimenyesha. Mu gihe mu mwaka w’2014 Reta yari yiteze amafaranga ava mu makori n’amatagisi imiriyaridi 587, mu mwaka w’2015 yiteze amafaranga agera ku miriyaridi 676, ni ukuvuga ko Reta itegerezwa kuronka imiriyaridi 95 ziyongerako, aho ziva rero ngo ntahandi atari mu kununuza umunyagihugu. Aho Reta ikaba itegekanya kuronka imiriyaridi mirongo ibiri ku materefone bitumwe n’iryo tagisi rya 42 gusa, ayandi nayo ugasanga iyakura nko ku nzoga, amazi, amafanta n’igitoro, mbere ngo abarundi boba baritegura inzoga zishobora kuduga umwanya uwari wo wose. Ayo mashirahamwe avuga kandi ko bibabaje ingene Reta yigungana itegeko ry’amafaranga izokoresha, kuko basanze akenshi batora itegeko rifise ingaruka mbi ku banyagihugu, kandi iyo bashirahamwo abo vyerekeye bose, nk’ayo mashirahamwe, bari gushobora gutora inyishu y’aho yokura ayo mafaranga.

Tubamenyeshe ko ico kiganiro cari caremeshejwe n’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel Rufyiri, icegera c’umukuru wa COSYBU, icegera c’uwurongoye urunani rw’amasendika yigenga CSB, hamwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa ABUCO.


Floxella Karire

Messages

  • Nimufatumwanzuro kugatwekanyu natwe abenegihugu dusanzwe twarabimenyereye kwifatira umwanziro kukomwebwe iyomufashurugendo mufatimodoka arikotwebwe abanyagihugu batobato tunyongamaguru none komutarigera mutuvugira koduhangatse kubwizongendo zatumye namaguru ibiringe bisadagurika!? Twebwe ntitubatumye kujagufata ivyovyemezomuvuga ivyontibituraba ahamuburundi ndaziko abakoresha ayomaterefone ninka 10% turabasavyerero mwisabire ivyomusaba ariko mureke kutudugirako mutumenamatwi.

  • Mbega MANA uzorokora uburundi n abarundi ryari? kw ifi bini bini bifis umuvuduko udasanzw mukumira miyonzwa ifi ntonto???! reka nihangane: iyo urugamba rushushe ruba rugiye kurangira Mana utube hafi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.