Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amatati y’amatongo azohezwa n’umurwi w’ukuri n’ukurekuriranira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amatati y’amatongo azohezwa n’umurwi w’ukuri n’ukurekuriranira

Amatati y’amatongo azohezwa n’umurwi w’ukuri n’ukurekuriranira

samedi 11 Nzero 2014

Urunani ADC-Ikibiri ruremeza ko ibibazo bijanye n’amatati y’amatongo vyari bikwiye kwigwa inyuma y’ishirwaho ry’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukurekuriranira CVR (Commission Vérité et Réconciliation). Kubwa Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC Ikibiri, ukwo niko bari barumvikanye mu biganiro vyabereye i Arusha hagati y’abanyeporitike, kuko bumvikanye ko bobanza kurabira hamwe ingene amatongo yanyazwe, baheze batorere umuti amatati biciye mu gusubiza hamwe.

Léonce Ngendakumana amenyesha ko urunani ADC Ikibiri rudashigikiye abanyaze abandi, canke abari mu matongo bihagiye, ariko bagasaba ko abaguze ayo matongo batazi ko ari amanyagano bokingirwa (Les acquéreurs de bonne foi), nk’uko amategeko ategekanya ko atawozira ikosa atazi amanuko yaryo.

Kubwa Léonce Ngendakumana, ikibazo c’amatati y’amatongo ntikirimwo ibibazo vy’amoko nk’uko benshi bakunze kubivuga, ahubwo ni ikibazo cofatirwa umwanya, kandi kigakemurwa mu bwitonzi atawurinze kurenganwa. Léonce Ngendakumana asaba umukuru w’igihugu guhagarika itegeko aheruka guterako umukono rigenga sentare y’umurwi CNTB ujejwe ibibazo vy’amatati y’amatongo n’ayandi matunga (Commission Nationale des Terres et Autres Biens), kuko ingingo iyo sentare izofata zishobora kugira ingaruka mbi ku mubano w’abanyagihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • wewe Leonce kuba muri Oposition ntibisobanura guhakana vyose aha muzohaburira amajwi kubera poritique yanyu kubijanye namatongo yanyazwe naba Uporona hamwe nababashigikiye..sinibaza ko amatati yamatongo azorindira umugwi wokuvuga ukuri nukurekuriranira uwanyazwe ararahanze uwabitwaye yijandajandira mbere ico conyene kirashobora gutuma mutsindwa mumatora abanyagihugu nkaje batagira aho bahagaze ndavuga batarimumigambwe ariko baja gutora ndumva muzahomba amajwi yabo kandi nibeshi.

  • Umugani wa Rabaneza, koko ADC-Ikibiri ibandanije iyi mvugo numva Leonce Ngendakumana ashimangira y’ikurwaho rya CNTB, 2015 irahakwa kubabera nabi gusumba 2010. Ubu hoho, ni benegihugu bonyene bazobater’ivyatsi. Muti gute? SAHWANYA-FRODEBU ntaco yashoboye kumarira igihugu kubera yamye isinya ikanatamikwa na UPRONA yagiye inyaga ivy’abo yari ikwiye gukingira. Mu Migambwe yarwanya rebellion, ndetse UPRONA avec sa milice, SAHWANYA- FRODEBU yari mwo. Uwavuze ko FRODEBU yacits’umutwe aho Banyakwigira Melchior NDADAYE na NTARYAMIRA Cyprien bagandaguriwe, ntiyabeshe. Benshi barabimenye baca barinyororokera. Icasigaye, ni abantu bake Pierre Buyoya yaza arah’amahera bakaja kwinywera za HENEKEN kuri Mutanga-Nord. Ikindi ntategera, ni ukuntu un politicien yubahuka kuvuga ko hobanza kujaho CVR kugire abanyazwe ibintu babisubize hama bananywane....!!!! Yemwe yemwe, abo bavuga nabi CNTB nibateshwe bate bareke havuge aboba barenganywa. Uko gukinisha benegihugu, ntaho bizobashitsa. Iyo Arusha bama bitwaje, turazi ko haba CNTB canke iyindi mihari ivugira benegihugu, hari mwo ubwoko bwose.

  • Gerard @ Rabaneza@ kuba imvugakuri zigwanya ntibitanganj kko ukuri kuragoy kuvuga niyo habonets uwukuvuga akagirizwa mvyinshi ese wosanga arimw mubuze amajwi but sorry siko ndabipfurije mugabo murabe Uburundi aho bugeze.Muzotahura ETOILE DU CENTRE:Bazorira...

  • Ivugire Léonce!!imyenge y inzu imenya nyeneyo,none ko bitagushikiye ngo uhunge canke unyagwe,,wamye urya kumakori y abanyagihugo igihe abandi bari barahunze,urumva ijandajandire,mugabo umenye ko abapfuye ni barya ,abanyazwe ni kirya gihe,never again,aba orpherins barakuze kandi barashaka utwabo.uwokuvana muri iyo nzu yawe ukaba munzu y ivyatsi utegereje sentare y ikivunga niho womenya ko abantu batarira busema!

  • Emwe Leonce umeze nk’umwana ahiye mu kwaha kabisa. None CNTB ni CNDD-FDD yayishizeho?! Aster KANA yashizweho nande?! None mbega ko mwari mwimvikanye Arusha ko hobanza gushirwaho CVR kuki ari mwebwe nyene ku ntwaro yanyu na UPRONA mwawushizeho?! CNTB yatanguye kwankwa urunuka igihe bashiraho BZMBONANIRE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.