Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
‘’Amategeko agenga igisirikare arimwo utunenge’’- Col Baratuza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > ‘’Amategeko agenga igisirikare arimwo utunenge’’- Col Baratuza

‘’Amategeko agenga igisirikare arimwo utunenge’’- Col Baratuza

dimanche 10 Ruhuhuma 2013

Umuvugizi w’igisirikare c’u Burundi Colonel Gaspard Baratuza avuga ko utwo tunenge dufatiye ahanini ku mategeko adahuye n’ibwirizwashingiro hamwe n’ayandi atajanye n’igihe.

Abakuru mu ntwazangabo mu gisirikare n’igipolisi bari bamaze indwi yose bari hamwe mu nama mu gisagara ca Rumonge yo kurabira hamwe ingene amategeko ya gisirikare n’igipolisi yifashe mu Burundi. Bamenyesha ko basanze harimwo utunenge tutari duke dukwiye guhunyanyurwa.

Colonel Gaspard Baratuza amenyesha ko itegeko ngenderwako rigenga igisrikare ubu ryagiyeho mu mwaka w’2004. Ico gihe niho igisirikare ca Reta cacangwa n’imihari yahora yitwaje ibirwanisho cane cane umuhari CNDD-FDD , wahindutse umugambwe uri ku butegetsi, yari iherutse guhagarika intambara.

Aho ni mugihe ibwirizwashingiro ryagiyeho mu mwaka w’2005. Col Baratuza avuga ko vyari bikwiye ko ingingo zimwe zimwe zihinyanyugwa. Atanga akarorero k’ingingo ivuga ko hategerezwa kuba igisata ca Gendarmerie mu gisirikare kandi ico gisata cahindutse igipolisi c’igihugu.

Ahandi Col Baratuza amenyesha ko hakwiye guhinyanyurwa ni ingingo zerekeye ibihano bifatirwa abasirikare bigenjeje nabi. Amategeko agenga igisirikare yo mu mwaka w’1980 arategekanya igihano co gupfa ‘’Peine de mort’’. Aho ni mugihe igihano co gupfa cakuwe mu mategeko mpanavyaha agenga u Burundi uhereye mw’ibwirizwanshingiro kuva mu mwaka w’2008.

Itwazangabo zose zari muri iyo nama zahurije kugusaba ko amategeko ngenderwako ya gisirikare ategerezwa guhinyanyurwa muntumbero yo kwisunga ibwirizwanshingiro kuko ngo harimwo n’utundi tunenge dutoduto ariko dutuma ibikorwa bitagenda neza. Baranatanze mbere intumbero y’ingene ayo mategeko yohinyanyurwa.

kw’ifoto: Colonel Gaspard Baratuza avugira igisirikare


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.