IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatohoza y’Uburundi ntavuga rumwe n’aya HRW kuvyagirizwa abasirikare (...)

Amatohoza y’Uburundi ntavuga rumwe n’aya HRW kuvyagirizwa abasirikare b’abarundi

mercredi 18 Ntwarante 2015, par Egide N

Umurwi w’abarundi barungitswe mu gihugu ca Somaliya umenyesha ko mu matohoza wakoze wasanze ihohoterwa rifatiye ku gitsina ryagirizwa abasirikare b’abarundi bari muri Somaliya ari ikinyoma.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu kw’isi (HRW : Human Right Watch), muri Nyakanga 2014 ryasohoye icegeranyo ryagiriza ihohoterwa rifatiye ku gitsina abasirikare b’abarundi barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya kugarukana amahoro mu bikorwa vya AMISOM. Muri ico cegeranyo ca Human Right Watch, vyavuzwe ko abakobwa n’abagore bagera kuri 21 b’Abanyasomaliyakazi aribo bamenyekanye ko bashurashujwe n’abasirikare b’abarundi. Ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi bwaciye bugena umurwi w’amatohoza warungitswe kuva muri Nzero 2015 gutohoza ivyo vyagirijwe ingabo z’Uburundi. Uwo murwi wari urongowe na Colonel Sibomana Ignace ajejwe igendereza mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi, icegera ciwe akaba Nzeyimana Joseph, umuhanuzi ajejwe ivy’amategeko mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi.

JPEG - 118.5 ko
Abari baje gukurikirana ivyavuye mu matohoza

Mu ndwi zigera kuri zitatu uwo murwi umenyesha ko wamaze utohoza muri Somaliya (i Mogadishu) hamwe no mu Burundi (i Bujumbura), Colonel Sibomana Ignace arongoye uwo murwi yemeza ko batigeze babona n’ikirego na kimwe c’uwokwemeza ko yakorewe ihohoterwa rifatiye ku gitsina, mbere n’abantu babajijwe bakaba bavyamiriye kure, nk’uko bimenyeshwa n’umukuru w’uwo murwi wari ugizwe n’abantu batandatu. Colonel Sibomana Ignace amenyesha ko amatohoza bakoze muri Somaliya basanze abasirikare b’abarundi bigenza neza, akavuga ko ishirahamwe Human Right Watch ritishikiye kuraba ingene aho abasirikare b’abarundi bakorera hatunganijwe, kuko nk’uko vyasiguwe na Colonel Sibomana Ignace, uhashitse wibonera ko bigoye cane ko abo bigeme n’abakenyezi binjirayo mw’ibanga, bivanye n’ingene hubatswe.

JPEG - 87.5 ko
Colonel Sibomana Ignace (Uwo ahagaze), ajejwe igendereza mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi, akaba n’umukuru w’umurwi wakoze amatohoza

Mu bikorwa vyabaye ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, vy’ugushira ahabona ivyavuye muri ico cegeranyo, bamwe mu ntwazangabo z’Uburundi bagiye barafata ijambo barerekanye amakenga bafise kuri ayo matohoza, aho batangajwe n’imvugo zibiri z’ukuvuguruzanya zavuye ku batohoje. Général Habarugira, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi nawe aremeza ko hatabaye ugukorana gukwiye hagati ya Human Right Watch n’umurwi w’itohoza w’Uburundi, ahubwo agasaba ko uwo murwi wokwegera ishirahamwe Human Right Watch, bagakorera hamwe amatohoza, kugira namba vy’ukuri hoba hari abasirikare b’Uburundi bokwagirizwa ihohoterwa rifatiye ku gitsina, babihanirwe, kuko bicapfuza isanamu y’igisirikare c’Uburundi, hamwe n’iy’igihugu muri rusangi.

JPEG - 91.4 ko
Batatu muri batandatu bagize umurwi wakoze amatohoza

Jolke Oppewal aserukira igihugu c’Ubuhorande mu Burundi, igihugu gisanzwe caraterereye mu buryo kugira ayo matohoza y’umurwi w’Uburundi akorwe, yamenyesheje ko kuba uwo murwi ataco wabonye bidasigura ko atacabaye, nawe nyene agasaba ko abatohoje bokwegera Human Right Watch bagakorera hamwe.

JPEG - 54.6 ko
Jolke Oppewal aserukira igihugu c’Ubuhorande mu Burundi

Egide Nduwimana

Messages

  • Nibareke Kubesha Ngo Ntabarimwo Har Umuntu Yokwimena Igihute.Nibarekane N Izo Ntambara Bakorere Mumuco.

  • None komutabwiye HRW koyarikwiye gukoramatohoza irikumwe na baserukira reta yu Burundi!?
    Ariko muhengereye abokuruhande rwu Burundi bikoreyamatohoza nibomuciye mubwirango baribakwiye gukorana na HRW !!! Kandiwatanguye kubikora akumiriye abarundi ari Human Right watch!?. Izonizamanza zagondegonde.

  • ABASIRIKARE BUBURUNDI BAMYE BARANGWA NA DICIPLINE NZIZA.NAGUYE MUGAHUNDWE PE NUMVISE IYO NKURU.

  • Umusambi warinamuye uti ndi mwiza ndi mwiza. None ko mwiteza utunyoni, hano muburundi hoho ntituja twumva abahohotewe n’abasirikare muri ubwo buryo nyene? Ivyo gukingirana ikibaba hagati y’abasirikare mu Burundi si bishasha. Aho guhakana mwekana rappport mwikoreye uko mubishaka, rondera HRW ibereke ivyemezo ifise. Niyaba naho ibesha, ikinyoma gikubitirwe ahashashe, ibendera ry’Uburundi ribandanye rihungabana mu makungu twishimira intwaramiheto zacu ku butwari bwazo kurugamba. Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.