Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amatoni ibihumbi 50 y’ifumbire ya kijambere niyo akenewe kugira umwimbu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amatoni ibihumbi 50 y’ifumbire ya kijambere niyo akenewe kugira umwimbu (...)

Amatoni ibihumbi 50 y’ifumbire ya kijambere niyo akenewe kugira umwimbu wongerekane

dimanche 2 Kigarama 2012

Umushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi Odette Kayitesi amenyesha ko ifumbire Uburundi bukeneye ikiri nyinshi kugira umwimbu igihugu gikeneye wongerekane maze abarundi bashobore gufungura ibikwiye. U Burundi bwaguze amatoni 10.000 kandi hari hakenewe 50.000.

Icegeranyo ca mbere gifatiye kw’iterambere ry’ubuzima bw’abantu ku mugabane wa Afirika na cane cane ku bijanye no gufungura neza carasohotse. Umushikiranganji Odette Kayitesi ajejwe uburimyi n’ubworozi amenyesheja ko ashima ko uburyo bwashizwe mu gisata c’uburimyi n’ubworozi bwongerekanye bwavuye ku bice 2 gushika ku bice 11 kw’ijana vy’amafaranga reta itegekanya gukoresha buri mwaka. Ku bijanye n’ifumbire y’ikizungu ngo bavuye ku matoni ibihumbi 2 ubu bakaba bakoresha amatoni ibihumbi 10.

Ariko rero,ifumbire igikenewe iracari nyinshi kugira umwimbu wongerekane neza. Umushikiranganji Kayitesi amenyesha ko hari hakenewe amatonoi ibihumbi 30 ku mwaka ariko ngo kugira umwimbu wongerekane neza kandi abantu bashobore kuronka ivyo bafungura kandi bihagije hategerezwa kuboneka amatoni ibihumbi 50.

Uburyo bakoresha muri ico gisata ngo ni ubwo reta ishobora kuronka ariko ngo hariko harakorwa ivyigwa kugira abikorera ivyabo bashobore kuzana ifumbire kandi bayidandaze ku buryo uwo wese ayikeneye ashobora kuyironka. Nayo ku bijanye no gufungura ibikwiye, Umushikiranganji Kayitesi amenyesha ko igihugu cacu kikiri mu rugero rw’ibindi bihugu vya Afirika kuko ibice 58 vy’abarundi badafungura neza kandi bikwiye.

Ivyo ngo ni ikimenyamenya ko Uburundi butarashikira iterambere rirama. Uwo mushikiranganji asigura ko biva ku nyigisho zitarashikira bose, abarundi baronka amazi meza n’imiti ngo baracari bake. Igikenewe ni ugutegura neza imigambi umuntu akamenya iyo ahera n’iyo ahereza. Kayitesi yamenyesheje ko hariho utwigoro turiko turakorwa. Naho u Burundi bukenye abashakashatsi karuhariwe bo gutunganya ingomero, hariko haragirwa ivyigwa vyo kurwiza igiterwa c’umuceri mu gutunganya neza imyaba ariko ngo turacari inyuma kuko turinda gufashwa n’amakungu nayo ikiza cateye amakungu mu bijanye n’iterambere ngo gituma tudatera intambwe twihuta. Asozera amenyesha ko umuti wo guhangana n’ikibazo co gufungura ibidakwiye cotorerwa inyishu mu kurwiza umwimbu.

Ivyo ngo bizoshoboka mu gihe abarundi bazoba bitayeho ukugabanya imvyaro, umukenyezi nawe agahabwa ubwigenge mu buzima bw’igihugu kuko afise uruhara rukomeye mw’iterambere ry’igihugu. Mwomenya ko icegeranyo casohowe n’igisata kijejwe iterambere c’ishirahamwe ONU cerekana ko igice c’umugabane wa Afirika yo musi y’ubugararwa u Burundi buherereyemwo kidashobora gutera imbere mu gihe kitorwanya inzara kibica bigacika ku gice 1 kuri bine vy’abantu bakibamwo.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.