IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ambassadeur Paul Seger yiyemeje kuvugira no guserukira Uburundi muri (...)

Ambassadeur Paul Seger yiyemeje kuvugira no guserukira Uburundi muri ONU

vendredi 28 Ruheshi 2013

Umukuru w’iyinjira n’ikibanza vy’Uburundi mu gutsimbataza amahoro mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akaba n’umuserukizi ntayegeyezwa w’Ubuswise muri ONU, Paul Seger yaramenyesheje ku musi w’ejo ugushaka kwiwe mu gushigikira Uburundi n’ukubuserukira mu nzego arongoye.

Ambassadeur Paul Seger akaba yabimenyesheje inyuma y’umubonano yahawe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.
Ikiyago hagati y’abo bategetsi babiri kikaba cafatiye ku vyavuye mu nama y’abafasha Uburundi iheruka kubera i Genève mu kwezi kwa Gitugutu mu mwaka uheze, aho imiliyaridi zibiri z’amadorale arizo zemewe mu mugambi wo gushira mu ngiro ihangiro ryo kurwanya ubukene, CSLPII.

Paul Seger yamenyesheje ko ku ruhande rwiwe nak’urwego arongoye azoserukira igihugu c’Uburundi bimwe biboneke, akaba yibukije ko ata terambere ribaho ata mahoro ahari, ari naco gituma ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryiyemeje gushigikira inzira y’iterambere igihugu cafashe mu ntumbero yo kurwanya ubukene. N’aho amahera yemewe ataraboneka yose, Ambassadeur Paul Seger yarakeje Uburundi kubw’ivyavuye i Genève.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.