IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > AMEPCI : Ababuze ababo mu bwicanyi bwabaye nibasubizwe agateka

AMEPCI : Ababuze ababo mu bwicanyi bwabaye nibasubizwe agateka

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Mw’ishirahamwe AMEPCI Gira Ubuntu bamenyesha ko inyuma y’imyaka 42 habaye ubwicanyi butagira izina mu gihugu c’Uburundi, vyari bikwiye ko ababuze ababo basubizwa agateka, na cane cane uruvyaro rukamenya ivyabaye mu gihugu ntibazire ivyo batazi.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uwa wa kabiri igenekerezo rya 29 Ndamukiza, mw’ishirahamwe AMEPCI (Association pour la Mémoire et la Protection de l’Humanité contre les Crimes Internationaux) bavuga ko bababazwa n’ukungene inyuma y’imyaka 42 n’ubu ata n’umwe aramenya ukuri ku bwicanyi bwagiye bwikwirikiranya mu Burundi. Bavuga ko vyari bikwiye ko ababuze ababo basubizwa agateka, na cane cane uruvyaro rukamenya ivyabaye ntibazire ivyo batazi. Ikindi mw’ishirahamwe AMEPCI bavuga kibaraje ishinga, ni abantu bapfiriye muri ubwo bwicanyi, ariko batigeze bahambanwa iteka.

Naho muri AMEPCI Girubuntu bavuga ko bibabaje kubona gushika n’ubu ukuri kutaramenyekana, muri iryo shirahamwe barashimira abantu bahagurutse muri ubwo bwicanyi bagakingira abandi ntibicwe. Nk’uko bivugwa na Aloys Barutwanayo asanzwe aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe AMEPCI Girubuntu, ubwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972 ntibusanzwe, ari nayo mpamvu ukuri gutegerezwa kumenyekana muri iyi minsi abarundi bariko barondera ugusubiza hamwe. Bamwe mubari mu kiganiro baburiye ababo mu bwicanyi bwagiye buraba mu Burundi bakaba basavye ko umurwi w’igihugu uzoshirwaho ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha abarundi ko wonyarutsa gukora kugira ivyabona bishobora gushinga intahe ntibizimangane ukuri kutaramenyekana.

JPEG - 40.7 ko
Aloys Barutwanayo, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe AMEPCI Girubuntu

Mw’ishirahamwe AMEPCI Girubuntu basaba ababuze ababo muri ubwo bwicanyi bwagiye buba mu Burundi kwitegura naho ibikomere bikihari, kwigana ivyabaye, kugira bashobore kwibagira burundu, ntibame muri vyabindi nyene. Basaba kandi ko abapfiriye muri ubwo bwicanyi batahambwe bopfubanwa iteka.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.