IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika isaba ibihugu vy’akarere kurungika intumwa zidasanzwe mu (...)

Amerika isaba ibihugu vy’akarere kurungika intumwa zidasanzwe mu Burundi

jeudi 4 Ruheshi 2015

Reta zunze ubumwe za Amerika zisaba ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko kurungika intumwa zo ku rwego rwo hejuru,zoza kwumvisha umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko badashigikiye ikiringo ca gatatu ,hamwe no kwumvisha ko hategerezwa kuba amatora yigenga kandi yitabwe na bose.

Amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru Reuters,avuga ko mw’itangazo ryagiye ahabona kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 3 Ruheshi ,Umuvugizi wigisata ca Reta ya Amerika John Kirby yavuze ko ,n’igihugu c’Ubwongereza camenyesheje ko kidashigikiye ingingo y’umukuru w’igihugu Petero nkurunziza yo gusubira kwitoza,kuko iyo ngingo ihonyanga amasezerano ya Arusha yatumye abarundi bava mu ndyane mu mwaka w’2005.

Iryo tangazo ryibutsa ko ingingo yo gusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatumye haduka indyane mu gihugu ,zishobora no guhindura intumbero, bigafata ishusho y’indyane z’amoko.

Nk’uko iryo tangazo ribivuga abarundi barenga ibihumbi 11 baramaze guhunga igihugu,kubera ubwoba bw’uko ibiri mu gisagara ca Bujumbura bishobora gutandukira izindi ntara.

Kirby yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishigikiye ivyavuye mu nama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere yabereye mu gihugu ca Tanzaniya,harimwo gusaba ko amatora yokwigizwa inyuma ikiringo kitari munsi y’ukwezi n’igice.

Messages

  • OBAMA WE

    !!.URIYUMVIRA NEZA.WANKA PETER CANKE WANK UBWOKOBWIE.CNDD FDD YATSINZE URUGAMBA UTARABA PRESIDENT.UZOGENDA UYISIGA .ABAKUNZI BAYO BAYIRINYUMA.UMU ELIMINATIE NKAWE SINDUHIJE UMWICANYI MUBI YARADUHENZE TUGWA MWIBARABARA DUHOMBA IVYACU VYOSE N ABACU NAMWE MWIRONKERA AMARASO VRAI SANGUINAIRE COMME HITLER NTASONI URUCIRAMUKASO TUGATWARA NYOKO..IKIJUJU*:-X1000N

  • Ahubwo izontumwa zaratevye asha abarundi ntiturira busema n’amakungu ari inyuma yacu emwe bantu mwabikora ngaho zirahinduye imirisho turabe ko mutakivako basha american n’ubwongereza ndabe aho mubacikira hama natwe abanyagihugu tubahe inkoni twongera twibuka abo twaburiye mumyiyerekano. Ese abihanye bavuga ngo bagomba babe imbonerakure, ubu hoho bazihana bavuga gute? Amarira abarundi barize mumyaka cumi hari bamwe bagiye kuyarira ibihe vyose bari mumwobo waka umuriro. Rwasa tegura imigambi uzokorera abanyagihugu nukubamara intuntu bafise kumitima.

  • nibatuvugire nayo abarundi ntocotukivuga abadede bobobabonakobakwije batanze pita ukamengo ntawundibafise nibarabe ayakoze gusiba amatora 2 bivakuriwe

  • Iyo nkuru ni nziza cane ije tuyinyotewe.ni babarungike turabe ko bogira ico bafashije nahandi ho ndabona ko bamwe bamaze kugira umutima utuntuye.ijambo ryinshi.

  • None Ababagabo Barindiriye Iki? Bashaka Kudujwegeramwo Za Ndege Zitagira Abadereva Iconzi Nuko Twebe Imbonerakure Tugiye Kuhabonera Aho Tugiye Kwankana Na Babanyi Ni Miryango Kuberiki Batohereza Igihugu Nyabenda. None Mumugambwe Iwacu Twabuze Umugabo Abushitse Yoseruka? Banyina Twatanguriye Kwisambura Tukiva Mwishamba Ako Twapfunze Radjabu.

  • NONE PETER UZOGWANYA AMERIC UYISHOBORE?WIBAGIYE KARIYO YAGUHAYE. UMVA MWISHAMBA BARABA DEMOLISATION AMAHERA YASOHOTSE URAYAZI YAVUYE HANZE :UWANGUHAYE NIWAGIRA AKWAKE•BYE PETER KADAFI SADAMU BWAKEYE PETER NTABWOKO I BURUNDI TURIBAMWE•

  • Twebwe ntitureba ngohariho ibivuzwe nabomubihugu vyibihangange twebwe tureba amategeko yigihugucacu ekawanashaka namategeko mpuzamukungu turayareba. Kuvugango Nkurunziza ntakwiye kwongerakwitoza biroroshe kuvuga arikuhuye namategeko yomwibwirizwanshingiro ryigihugu cigenga nku Burundi shakube igihangange kimezegute ntacuhindura nzingo mukunze kucamudukangisha kudufatira ibihano kuberamuzi Ko turabakene nyakuja kugiramutwemeze komurimukuri ndababwirako harikera bizobangora kandindaziko mwobamumaze kubibona kuko ivyo Kagame yababwiye ngokiraguti naguti ngobizotuma mu profita ubutunzi bwadutse mu Burundi muramazekubona kwataricoroshe.

  • None ko Petero Nkurunziza asa n’uwzivy’amatwi,biraherera he?Ko twumva abantu baguma bapfa buri munsi bazize ko batemera ikiringo ca 3,mbere n’abafashwe bamwebamwe twumva ko biciwe mubusho,abandi bacibw’ibihimba vy’umubiri abandi bakanyuruzwa ntihagire n’uwumeny’iyo apfungiwe,ayo matangazo ya Amerika azogera he?Ntidushaka abazoza kudufasha guhamb’abacu canke kudufasha kwubak-vyibutso,dukeney’abaza gukinga bitaraba,canke babihagarike bitarashika kure!

  • WA MUNTU WE, URIKO URATUKANA NA NDE? REKA KUVUGA AYA MUHE KUR, IYI SITE ! MURATWONONERA SITE KUKO S,IYO GUTUKANA. TANGA IVYIYUMVIRO VYUBAKA. WEWE ICO URI NTAWUKENEYE KUKIMENYA MUGABO IMVUGO YAWE IRAKWEREKANA. BA UTUMA UREKA KWANDIKA IVYO VYEREKANA INDERO YAWE !

  • YEMWE,NAHIMANAPE,AMERIKA,MUBURUNDI!!!YAHAGURUTSE,NKURUNZIZA,NAMBA,YIBAGIYE,KADAFI,INGENE,BAMUGIZE,INDURU,ZAMAKUNGU,ZIVUGA,HA,IYIGANJE,YIMYA,IZINDI,ZIBONA,MUTA,TANGIGIHUGU,IBOMBE,ZITARAKOROKERA,KUGIHUGU,PE,BAMAZE,KUGUKARABA

  • Turakeje leta ya america caaaane. Ahubwo ibihugu vyose nibihaguruke nkurumbi petero bamufatishe intoke erega yihaye ibara??? Ibihugu vyose bimutere ivyatsi yigire kinani??? turamuhaze nagende. Muba DD nibabarasukana Ubu asigaye ari ikamaramare kwisi yose aho yibaza ngo baramushima muvyo akora none babirwije nubusa. ntacacera nugutera igere ryanyuma.

  • WA MUNTU WE. REKA GUTUKANA KURI IYI SITE ! IVYO UVUGA UWOKUBAZA WOVYEMEZA? BA WISONERA KANDI USONERE ABANTU ! MBEGA WEWE NTAKUNTU WOKWITOSORA UKAREKA GUTOSORA ABANDI ? MBEGA ABA ELIMINATI N, ABO GUSA UVUZE ? UBWO WEHO NTURIMWO ? NTAWUNDI UZI KW,ARI WE? NGIRA MWARAHURIYEYO ! ARIKO, BA MWIGA GUSONERA ABANDI. NI MUVUGE IVYIYUMVIRO VYUBAKA !

  • Emwe Nibabarungike Bazokwisunga Amategeko.

  • OBAMA numugabo arakunda uburundi ntashaka kobusubira gusesekamwo amaraso.iyaba hari abagabo cumi nka OBAMA muburundi bwokize!bandanya utuvugira sha OBAMA Utabarize u OBAMA numugabo arakunda uburundi ntashaka kobusubira gusesekamwo amaraso.iyaba hari abagabo cumi nka OBAMA muburundi bwokize!bandanya utuvugira sha OBAMA Utabarize u BURUNDI

  • uwavuz KO bubahiriza amategeko knd ko ibihugu bitunz bidukangisha ibihano knd azi amategeko,arabanza aje mur "École fondamentale" yamushiriweho abanz yige amenye no kwandika ikirundi coco atandukanya amajambo!azokwiga ku buntu

  • Uwuvuga ngo impanuro zitangwa namareta y’ibihangange ntaco zivuze ngw’uburundi bwarikukiye ivyo abivugishwa nagahimbo uwo mucangero wa nkurunziza amenyeko iyuhimvye abandi bashonje utorya ngo uryame kandi yibuke ko igihoraho ari Imana gusa

  • Uburero ndanyuzwe kandindwmeye Ko Amerika ikorero kumafuti ibwirwa nabarundi bamwebamwe! Namwe numwumve ivyo igihugu kiziko ubutungane arikintu ntayegayezwa kikubahuka kikavugango ibihangange birajwiye kubuza Nkurunziza kwitoza! Vyumvikana yuko Amerika yemera bamwebayibwirako ubutungane bwomuburundi atacobumaze, mutigute? Nkigihugu gikomeye nka Amerika nticarigikwiye kugendera kumabwire yabariya cankebariya ngonaco gice kibankabo kicekibonako muburundi atabutungane buharu, Amerika mukuvyerekana yafashe ivyabashinzwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ryuburundi bavuze ibirwizanubusa bikabonekera mumbugo nkizitubonye ngaha. Kuko ntiyarikwiye kuronderera ahandi kukibazo cuburundi yarikwiye kuvugako abarundi dukwiye kwubaha ivyubutungane bwavuze, ariko uhumvirije ivyubutungane bwuburundi bukoze kuriyo nintacobimaze . Mwenivyorero vyoguteshagaciro ubutungane bwigihugu runaka uwowese abikoze niwe abariko arashaka kuzana irdyane zamoko canke irdyane izarizozose.

  • aaha ivyari imagera vyarageruye narindire gato azibonera ko

  • Amakungu n’agire ico akoze. apana kuvuga gusa.
    kuko amaraso ariko aseseka muburundi ni menshi.
    n’ubu abarundi babandanywa bicwa mu mpisho

  • VYARIVYO HAMWE BOZA KUDUFASHA SINO IMITIMA YACU YARAMAZE KUGENDA

  • Mbega Icotwovuga Cose Nticavuzwe? Narekure Bene Burundi Ndetse Nabatse Indaro Turonke Agahengwe. Kuko Igihe C’amajambo Caraheze Nibamukureho Kunguvu.

  • mutama umukuru wigihugu cacu iryotangazo rya america nubwongereza murivuga kwiki?

  • @ Uribuka, wakirwarudubiwe uwajubwiyeko haruwase impanuro ninde? Twase impanuro zinyuranyije nuko ibwirizwashingiro ryu Burundi rivuga, namba ibwirizwashingiro ryu Burundi rirekurira Nkurunziza kwitoza wewe ukazana impanuro zokuvugako atemerewe kwitoza nokwemerera kabuki? Kiretse unyemejeko wisunze amategeko yokukibdigihugu noheza nkagaruka nkakubaza nti u Burundi bwatanguyeryari gukorera kwibwirizwashingiro ryomukind’iguhugu ryari?

  • AHUBWO ABO BANYAMERIKA NTIBIHUTIRE KUVUGA KO NYENICUBAHIRO YOREKA KWITOZA.AHUBWO NIBAPFUME BASABA INSIGURO KUBIJANYE N,IBWIRIZWA SHINGIRO KANDI BONGERE BASHIKE IBURUNDI BAKORANYE ABAMWEMERA BARABE UKO BANGANA BONGERE BARABE ABATAMWEMERA UKO BANGANA HANYUMA BAREKE KWUMVIRIZA IBIBASANGA HANZE GUSA.IKINDI NACO TWEBWE ABASENGA TWITEZE INYISHU NZIZA Y,IMANA KUKO UWUYISABA NTAGENDA ZIRAYOYE.KOMERA NYENICUBAHIRO NKURUNZIZA HONYORA VITESI ABARUNDI TWAGUMIJE VOLA.KOMEZA GUSENGA KMWE WAMYE NYAKUGIRIMANA.

  • @None
    Uwo muntu umutukiye iki? Ko akubwiye ko utazi kwandika ikirundi neza? kabisa uramurenganije kuko kwandika vyo vyaragusize!! Ikindi na co ugerageze kutubwira iryo bwirizwa nshingiro uvuga ko Peter rimurekurira kwitoza wotubwira ingingo wisunze? Gusa nashaka ndagusabe basi uze urirondere uce usoma ingingo ya 96 ufatanye na 302. Uzoce utubwira ico zivuga aha nyene. Urakoze.

  • @BIZI
    Ubwo ufise ubwenge bukwiye?reka umuntu aze abugurura imitwe!Aho niho vyugariye ivyacu,ko wumva america ikomeye,ibona vyose,abatutsi bishe ndadaye tuja mwi barabara dusaba infashanyo yo gutabara ,ntibavuze,umu ambassadeur yitwa Robert Krugger àl’époque yari atanguye kugira enquètes ngo yerekane ivyo abatutsi bariko barakora,ama fosses communes yaratanguye gufotora ngo ajane kwerekana,baciye bamu rappela,guhera ico gihe abatutsi basyeye batambaye ku muhutu,barica barikura,amapine n’imigano bihabwa ikibanza mu gisagara ca bujumbura ,abavyeyi bafise inda ziraturumburwa abana bata mu mbabura,imigano irayaga abakobwa barabatungira imigano,abagabo barashahugwa,abana basamigwa ku ma baionnetttes,abakobwa bacibwa amabere,imbwa ziramara abantu,abanyamerica bari aho mu burundi.

    Twagiye mu kibira kagame adusanzayo indege ntaco atakoze ngo afashe benewabo,imana irakinga gushika ubu,abo banyamerica nta numwe twigeze tubonayo!!Rero reka ndakwibarize,ayo mahera baduhaye wibaza ko yatugaruriye abacu bishwe n’abatutsi urwo agashinyaguro izo mbwebwe zibona,canke wibazako ariyo yotuma bavuga tukunama ngo ganza sabwa!!En fait abatutsi mwaramenyereye kureka amaboko mu bazungu surtout b’i bulaya na america ni mwe muzi igituma,ariko nagire nkubwireko ivyo baduhaye nibabigumye ndakurahiye babanze baje kubiha les noirs americains ubukene buri mukwica,wewe ntubona qu’il ya moyen de se poser des questions ayo mafaranga bazana i wacu i wabo bakenye?Twebwe tumaze kubimenya igituma,rero nibayagumye dupfe,kandi noneho ntaco tuzoba bayagumije sinirigwa ndabirandirako.

    Ikindi mperejeko mon cher ami kugwana na america si ama drones,ni determination de sauvegarder sa dignité,ushaka baze badutere za bombes ni baze bazitere,mais le peuple burundais(hutu) est determiné ko atawuzosubira kuyihonyora yitwaje abazungu,abo bazungu bose birigwa badukugirako twebwe abahutu ngo badutereko umututsi ku gakanu,turavyanse,tuzobanza dupfe twese,les chiens aboient,la caravane passe!!!Burya mwibazako izo pression z’abazungu zifatiye ku mahera arizo zizotuma tubahebera mandat ya kabiri yacu,canke ngo ata nkoba zera ziri mu burundi ngo amatora ntashoboka !sans blague!!

  • Je nashaka ko yoguma Harya tukaraba ko!!iyi isi ko ifise akaruta akandi ko
    kamirwa

  • amerika muyihoze ntibazi aho uburundi buri kuri carte

  • nibave mumajambo baje mubikorwa kuko abarundi turarushe!!

  • Emw,biragoy!akari mukanwa kimbwa bagakuzayo ubuhiri!iyo bidashoboka umuntu acaheba.

  • Emw,biragoy!akari mukanwa kimbwa bagakuzayo ubuhiri!iyo bidashoboka umuntu acaheba.

  • Do you thing that the delegations of Easter African Community have not spoken to peter nkurunziza to let his intention of 3rd term? The international community must know the character of the majority of African presidents. When the end their terms ,is difficult for them to leave freely for sme reasons: crimes they made during their regn: crimes against humanity,economic crimes,.................
    The internatinal community has to justify if surely it supports african people. According to the security situation in Burundi,we are estonished to see that any volontee has been engaged for the people who is being killed by the order forces(police officers). Because we have no cold,carburant,coltan,..................... no please. Where is OTAN? If it was Lybia,Soudan,Irak,RDC, you could have already intervened,because of their soul’s reachness.Be impartial if you want peace of the world

  • Asha Imana ihabwe icubahiro irikuvugira mwabo banyakubahwa.erega nzeyimana icubahiro cumugabo ntikiri kwipantaro canke kwikoti,nimafu uwoyambika yobegwa yooo birame mbone!

  • @ Uwubizi, ndashaka kugufasha muncamake kubijanye nukuntu ibintu bipanze kubijanye nibwirizwashingiro ryu Burundinibanze kubijanye nukuntu umukuru wigihugu ahashobora kwitoza canke ntashobore kwitoza.

    INGINGO ZI 7 NA 186 ZIVUGAKO UMUKURU W’IGIHUGU ATORWA N’ABANYAGIHUGU RIMWE RISHOBORA KWISUBIRIZA RINDIRIMWE GUSA.

    ARIKO INGINGO YA 302 IVUGA IGIHE KIDASANZWE C’INYUMA Y’INTWARO MFATAKIBANZA KO ATORWA N’ABASHINGAMATEKA. NIBIHE BIBIRI BIDASA MWANA WA MAMA ARINAHO BINTANGAZA KUBONA IBIRIMUBURUNDI BAGUMABAVYITIRANYA NABASHAKA GUHINDURA AMABWIRIZWASHINGIRO YIBIHUGU VYABO, UKOVYANDITSE IVYIWACU BIRATOMOYE NUKURI.

    ARIKO AMASEZERANO YI ARUSHA, MUGACE KA 3 K’INGINGO YA 7, UMUKURU W’IGIHUGU ATORWA N.ABANYAGIHUGU IKIRINGO KIMWE GISHOBORA KWISUBIRIZA IRINDI RIMWE GUSA.

    AHOHO HAVURWA IBIRINGO BIBIRI "MANDAT," NUL NE PEUT EXECER PLUS DE DEUX MANDATS PRESIDENTIELS’!.

    NDABABWIRAKO NKURUNZIZA BARIKO BARAMUDENDEREZA KUKO UBISOMWE URABONAKO BITOMOYE, ARINACOGITUMA NUMVANTANGAYE NUMVISE ABAVUGAKO UWURIMUMAKOSHA ARI UMUKURU WIGIHUGU NKURUNZIZA! ARIKO ABARIMUMAKOSHA NTIBAGIRE ICOBABABWIRA ARINACOGITUMA TUZOKOMEZA GUHARANIRA IBWIRIZWA SHINGIRO RYIGIHUGU CACU KUGIRA RYUBAHIRIZWE NUWARIWEWESE YABUMURUNDI CANKE KAVAMAHANGA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.