IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika yahagaritse gufasha umurwi CENI mu bijanye n’ubuhinga

Amerika yahagaritse gufasha umurwi CENI mu bijanye n’ubuhinga

samedi 27 Ruheshi 2015

Umuvugizi wa Reta ya Amerika John Kirby yamenyesheje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zihagaritse igikorwa co gushigikira mu bijanye n’ubuhinga umurwi CENI utegura amatora mu Burundi,mu gihe ibisabwa kugira habe amatora abaye mu muco,bitaraboneka.

Mw’itangazo ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 26 Ruheshi 2015, John Kerby yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zahagaritse ukwo gufashanya,kubera ugushaka guhonyanga amasezerano ya Arusha,kwitoreza ikiringo ca agatatu,no kuguma ku kirangaminsi c’amatora haterekanywe ko ibisabwa kugira habe amatora abaye mu muco,biriko bikorwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Muri iryo tangazo John Kerby amenyesha ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishigikiye akamo katewe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,igashimakandi irungikwa ry’intumwa idasanzwe ya ONU Abdoulaye Bathily mu karere ka Afrika yo hagati,kugira afashe mu gutorera inyishu ibibazo vya politike mu Burundi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisaba abategetsi b’Uburundi kwemera aboza gukurikirana ibijanye n’agateka ka zina muntu barungitswe n’ishirahamwe ry’Ubumwe ba Afrika,zikagabisha abihugu bibanyi vyoshaka gutuma umutekano uhungabana mu Burundi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirangiza zimenyesha ko zizofata ingingo zihariye zo kurwanya abo bose bahonyanga intwaro rusangi,hamwe na Reta ishingiye ku mategeko,bagahungabanya umutekano.

Messages

  • Ni bashake bareke tuzovyikorera

  • Ahubwo Babuzeguhagarika Nkurunziza

  • @ masabo uri ukigugu gikwiriye koko

  • Bantu b, lmana nimuze dukomeze gusenga mayahandiho turari mbuka ntagisivya nkurunziza we ni werekane ko wigeze kumeny , lmana nayahandiho, lmana yaguhevye wibuke ryajambo rivuga ngo rabandahayu bubusha bwose bwomwisi
    Icomuzoboha kwisi kizoba kiboshwe nomwijuru wumvirubuhanuzi ntumere nkamukaroti kandi ntubakabarore.iyi nimburi yanyuma, uhawe nabakozi b,lmana nzima none kwisi yose yakwase. Uzogitwara, uhagazehe? Bireke ncuti yanje. Urekivyogukomantazu mutima

  • Muzofata ingingo ryari ko tuzoba twaheze,ahubwo nimumunyare guhera ubu

  • Ahubwo amerika nigende ifate nkurunziza na kagwi kiwe ibatware kubafungira irahe!! Jewe mbona umengo nkurunziza baramutinya!!

  • nosabako nkurunziza atokwicamatwi kuko intango y,ubuhanza namasoso nukuhagabira

  • Yemweee, tukabibona! bagumye berekanako badashaka amatora y’abarundi. Ahubwo bari baratevye!

  • ivyontibitaganje kubera bariko buvira sintuhinje kuberabatamu viye ibigwanishobagumabamuha namahera yokugura abahutu batamushigikiye ayomahera anzo nfahehe

  • ivyontibitaganje kubera bariko buvira sintuhinje kuberabatamu viye ibigwanishobagumabamuha namahera yokugura abahutu batamushigikiye ayomahera anzo nfahehe

  • Wewe wiyita kinyata ntanisoni ugiea utazi no kwandika wandika indagi ntuze usubire gushira ibidashoboka kurubuga unganya ubwenge na Nkurunziza nakarwi kiwe k ibirofa.

  • america ndayemera cane,arko kubijanye nikiringo ntibogihagararako cane guko amategeko ariho ngo akurikizwe barabaza abenegihugu bumv icobabivugako bareke gufatira kubashitsa ijwi ryabo kure babesha ngobahagarariye abanyagihugu! batabatumye sentare y’ubahiriza ibwirizwa shingiro yaraciye urubanza,batavyemera hasigaye abenegihugu!mbe uwobaza umwenegihugu ati :mbega umaze gutora umukuru w’igihugu kangahe yokwishura kari 2kandi yatoye rimwe? icoshimira america n’uko ishigikiye intwaro rusangi ishingiye kwiyubahirizwa ry’amategeko n’agateka kazina muntu;ikanagabisha abipfuza gufasha abatagomba intwaro rusangi muguhungabanya umutekano!nikomeze ibikwirikirana!nayo amatora niyo azorangiza impari za politique bitagenze ukwo uburundi bushobora gusubira mukaga!ingingo amakungu afata azoze araraba katarizidusubiza inyuma nimba bakunda igihugu cacu!MANA GUMA HAFI Y’UBURUNDI

  • "umuvyeyi mwiza,afungura abana bahaze"kuba atumva impanuro:"kananira abagabo ntiyimye"ikibabaj abanyagihugu nitw tuhahonra.MANA TUGARUKIRE!

  • Iy banyaruts kuk bagateb faraon nkurumb aratwirenj mukomer mudushigikr twebw abant bato nayahand tugiy guhona mukomere

  • USA, nuburenganzira bwawe ivyontitwobipfa kuko urigihugu cigenga kidategekwa ivyogikora nu Burundi, nubundi iyomubamwarabitubwiyekare tubatwaracishijemwo akarongo Kare mwiyo position mwarimwiyemeje yogukora muvyubuhinga. Urumvarero ivyomwarimwavyemeye komuzobikora atamuntu arinze kubambika umugozi ( umutima ukunze)

  • emma
    amerika raba wikebuke uhagarare nkumugabo ureke guteranya abarundi kandi tuvukana.Twara ubuhinga bwawe abarundi utureke, amerika menyako CENI yuburundi nayo kwishoboye. Shake mutware ubufasha bwanyu abarundi turashoboye nonoho simwe gusa mudufasha.

  • UBU BUKENE BURATUGAYISHIJE UWARIWE WESE YIVUGIRIVYASHAKA NIBANYARUKANE AMATIKE DUTERERE URABONA!!!

  • ariko pita nivyo urinkozi yikibi kand ntaciza twakuzigako!nn urakor ikibi ugateb ukacikorera?mbega Warogew he?aho nubwob bwo gucirwa urubanza?muga ugume wibuka ww ko umaz gucibwa urwo gupfa.cettefois ci nta budahangarwa ugir ubute nyagtakara.nn nkaho wibuts ubushimw mwe nuwo mugor waw adahanura umenga ntiyavyay nimb yararutay ntiyokomoka aho uracari umunt wokuryamako?niko ntaco ucera kand ww ntakirober ukijamwo kand ntabuhungiro ukwiy kuko urigto.mubisanzw uripfuza gupfa muga ntibakwic utabanj kwanikirwa kuko uri umumenja.ndaz ntangoma yaw ikiriho iyaguhay urayimanuj satani washimy izoguhemb kand ikikuresh umenga ni sweet muga uzobabazwa ....aho wibaza ur iki wigereranij nisi yose..utwo tugugu twamacakubiri nind asumvy ubuhut nubuded rufyikiri rwa mwaka?ngo turasoboy mushoboy iki ko mwatwambits Ibara kwisiyose?aho ayo matora muvuga ko vyibw tbizi amahera nayo muzokoresh muzoyiba he?ingoma ntigoy kwiba nkaho uyivugiriza! uwushaka umuhutu amutuma uwundi pita azosenyurwa nabenewabo kandi si kera kuko Imana yaramuhevy

  • amakungu atacyo azobamarira basha,mbona muriko murayizigira cane,ubu amatora yo kuruno wa29/6 aramutse abaye atankomyi oppisition iraba itanguye gutsindwa. amakungu hafi yayose azoca agarukira Nkurunsiza. mwarizigiye amakungu cane murakavya umengo ntimuzi politic mpuzamakungu uko isigaye imeze murinomyaka mukina iyo kumusaga gusa ahandi bikabata kuwamazi, none mubona Peter yiyegereza bene Nyamitwe ukagira nuki!! barazi diplomacie mpuzamakungu igezweho none.

  • Mbona Umuhigwe Muburundi Aruwohungira Muri Yesu Kristo

  • UWOMUNTU YIYITA MASABO NIGIPINGA KITAGIRUGWENGE NABUKEYA NABA,DD NIBIKOPO VYIGENDERA UBWENGE BWABO SHETANI YARABUTWAYE BAMEZE NKUMUNTU YAPFUYE ARI MURI MOROGE ARINDIRIYE GUHAMBWA KUKO NTAMUNTAKOMEYE YOMANTAZUMUTIMA BIGEZE HIYO AMERIKA NTIBAZICARICO UN NTIBAZICARICO NONE WUMVA BAKWIJE? REKA BAZE BAMARAMARE BATWENGWE NAMAKUNGU

  • vitariwe niwe uzobaterera we uyafis uzokura muyobaguhay aba DD

  • ubunwa burahanwa ntawundi ashoboye gutwara atari petero nkurunziza

  • Nubundi Umushinwa Yaciye,umugani<umuntu Hokwama,aguha Poisson Urya,yokwigisha Kuroba>nibagumye Leur Nfashanyo=TURASHOBOYE.

  • none ivyobihugu bibanyi USA iriko iragabisha ni bande? mudutohereze tubimenye.

  • Nibabe Baratenyenya Gutanga Imfashanyo Kubijanye N’amatora Muburundi Babanzebarabe Iyobija

  • Ivyanivyo Ahubwa Nimubafatire Ibihanogose

  • Oniyananiwe,kobansekumukurapita.Ntibasubirekwirigwabararatwonona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.