IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika yahagaritse imigenderanire y’ubudandaji n’Uburundi

Amerika yahagaritse imigenderanire y’ubudandaji n’Uburundi

samedi 31 Gitugutu 2015, par egide

Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama yahagaritse imigenderanire y’Ubudandaji n’Uburundi, mu nsiguro zatanzwe hakaba harimwo ubwicanyi hamwe n’uguhohotera agateka ka zina muntu bikorwa mu Burundi.

Amerika imenyesha ko imyiyamamazo y’itorwa ry’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaranzwe n’ubwicanyi bwinshi, hamwe n’ugupfunga abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Umukuru w’igihugu Barack Obama amenyesha kandi ko ubwinshi bw’ivyiyumviro vya poritike butubahirizwa mu Burundi, akanegura n’uguhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi kubandanya kwibonekeza. Ubutegetsi bwa Amerika bwagiriza Reta y’Uburundi ko yankiye imigambwe itavuga rumwe nayo kwiyamamaza mu matora aheruka kuba mu Burundi, igiporisi n’urwaruka rwegereye ubutegetsi rwahawe ibirwanisho bagatungwa agatoke ko bakoreshejwe mu gutera ubwoba abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi.

JPEG - 45.3 ko
Umukuru w’igihugu Barack OBAMA

Iyo migenderanire y’ubudandaji hagati y’Uburundi na Amerika yahora mu mugambi AGOA (Africa Growth and Opportunity Act) w’ugufasha ibihugu vyo muri Afrika gushora ibidandazwa muri Amerika, uwo mugambi ukaba ugiye guhagarara ku Burundi kuva kw’igenekerezo rya mbere Nzero 2016.


IGIHE

Messages

  • Uhubwo,mutama dufashe,nkurunziza tugitozintoke,kiri mumwesho

  • Reka ubu naho tuzorabe ico bazovuga, ubwa mbere babesheye abatutsi, hanyuma ngo ni Sezibera nu Rwanda, bukey kabiri ngo ni Louis Michel n’ububirigi, budakey na kabiri ngo ni Union Europeenne,ejo bundi naho ngo ni Union Africaine ikoreshwa na union Europeenne,vuba cane ikiro c’ibiharage muzokigura 100.000 frb. Ntibizere ko bazobandanya guhemba abakozi ku mafaranga bikoreye ngo bikunde

  • Karabaye none-ho,nivyahuha bigiy guhuhuka! None Nkurunziza,Ntiyorekura?

  • NONE GABASHA KONKURUNZI ADADITSE KANDI ADASHIGIKIWE IHEREZO RYIWE NABIWE RIZOGENDA GUTE? REKA TUBIRINDIRE TURABE NINABA NTARAHITANWA NABAGWANYA IKIRINGO CA 3 CANKE ABAGISHIGIKIYE

  • Ese American Ko Arico Gihugu Twemera Na Obama Aduhevye Vyogenda Gute?Tuhanzwe

  • Eheheheh, ahaaaa, muhagarare mukome, izi ningaruka zo kubuza Sezibera gukora akazi, Petero nisha kwelezeza sasa, murajahehe? amahanga ko abahagurukiye, ubushinzwa nabwo bumaze gutangaza ko butarikumwe nuburundi mu manyanga no kwica, africa yepfo nayo imaze gutangaza ko ihagaritse inkunga n’ubudandaji muraja hehe? Onu nayo isavye u Burundi gutahana abasoda bose bari bashinzwe kugarura umutekano kuko mu burundi nta wuhari? peter oyeeeeeeeeeee

  • MUTAMAWACU KOMEZANYE AHUBWO UFATE NAYANDI MAHANO

  • Amerika Ntakindi Ikeneye Atari Uguteza Antambara Muburundi Nkuko Bayiteje Muri Ribiya Nomuri Irake Turazi Neza Ko Bazikwatsa Umuriro Murafirika Ari Kuwuzimya Kuwuzimya Ntavyobashoboye Raba Ahobateje Intambara Hose Vyarabananiye Kuyihagarika.

  • Komera Obama ahubwo nutwo mwahora mubafashisha twaja munda zabo nimuduhagarike abanyagihugu ntaco tuzoba nakare mbona twirirwa twicwa ngo turi mumigambwe itavuga rumwe nubutegetsi mpaka amatora asubiwemo hatware Rwasa nubwo yahemutse canke mutama Ndayizeye

  • nonenkatwebwabadandizituzobahoguge.mubigiremubizi

  • None Muburundi Mumyaka Irimbere Tuzobaho Gute?Kumenga Nabategetsi Baribatunzwe Ninfanshanyo Ziva Hanze .None Twebwe Tuzoshobora Kubahemba?

  • Iyi mitereri yabategetsi buburundi muraturindagije twebwe abanyagihugu batobato. MBE ntimubona ko na western Union zo muri USA nuburundi zizohava zifungwa kubera ivyo bicuma vyanyu vyinda.

  • 3 conséquences majeures de l’exclusion du Burundi de l’Agoa. http://goo.gl/J1sdlQ

  • nibabakureho vyose kuko iyo leta ifise umurengwe

  • eee!! mureke nkurunziz nakagwi kiw kabicany batababarir abatwagwa biw. non nimba kok amerik ihagarits ubudandaj bwagahaw twahor twikorak dusigaranyik abobicany bahayagiza?

  • obama urishetani turakuzi nimana ntuyemera.ikindi muriko murakokeza imgwano kugira muronke ibitambo vya ma dayimoni yanyu mugabo ivyo muvuga nukwihenda ubu rusiya buzodufasha nkuko bwafashije siriya american yariyashigikiye abarwanya asade.natwe ntabwoba tuzokwicana atacamira.mugabo ntareta muzogondoza mwitwaje ivyobinyoma mudendekeranya

  • Petero NKURUNZIZA Nimba Azi Ko Imana Yo Mw’ijuru Iriho.Niyumvire Impanuro Kuko"kananira Abagabo Ntiyimye" Ninkuko Imana Ifise Kumuhora Amaraso Y’ABARUNDI Bariko Bapfa Kumvo Za Politique

  • Ivyobintu vyose muvuze sivyo nubwomwompamagara nkaza kugirandabibasigurire noza atabwoba nabutoya mfise kubantu noku Mana.
    Hanyuma nimuhagarike ivyontitwobipfa ariko muduhe amahoro ukomwarimwaje nikomuzogaruka akaryoshe kari Burundi. Muncamake mwibukeko bamwe mubababwira ko Imbonerakure zirikozirahabwa ibirwanisho nibobariko barabiha bamwe muba rundi arinavyo mubona biriko biraduhekura ibindinavyo abajejwe umutekano bakomeje kubiyoragura mubanyagihugu kubwishi. Mbega ivyontacobibabwira? Abari abanyabwenge iy’Isi irabacanze peeeeee!!!

  • Nubundi ntaco uburundi bwahungukiraga ..... Uburundi kumaze kuba igihugu kitagifatirwa ibihano bya bene ubwo buryo ..Eritrea, North Korea, Iran , Russia ni ibihugu biteye imbere kandi byitwa ko byahawe akato ..tugeze mu isi itandukanye niyo mumyaka 50 ishize.

  • Aho Bigez, Nibwo Buryo Bwiwe Bwo Guhanura.

  • Aho Bigez, Nibwo Buryo Bwiw Bwo Guhanura.

  • american nidufashe twebwe abarund nu burundi kuri nkurunziza

  • american nidufashe twebwe abarund nu burundi kuri nkurunziza

  • MBEGA YEMWE BARUNDI TUBE BANYAMWIGENDAKO? IYISI TWAYISANZEHO TUZOYISIGAHO JEHAMWE MWUMVIKANE TWOYE GUPFA NKABANA BINYONI

  • Abahona Tugyeguhonankibtungwakur Bonan!Abndibo Barujujamabanki Ayandihanj.

  • kandi akagatama ka obama nagatutsi urumva karyo kadedemba akogahimbili ntimwoza tukabamesa mwamihimbili mwe karabe ikizuru iyombwa

  • mwarimwatevye ahubwo iyabubunyene dushorahandi akaryoshe kariwacu uwufisinkwi aryibiye akanambi nambi kumwungu nikokatumye bawuteka bawusatuye kandi caraziwe ryarikinga rya royizi(aloys)

  • barundi dukomeze dusengeri gihugu cacu

  • Komera nyakubahwa Obama kungingo mwafashe yoguhagarika ubudandaji hagati yu burundi na Marekani, nibindi bihano vyaruhasha ni bifatwe kugeza zinya mbonerakure zahawe ibirwanisho vyoku kwicisha abenigihugu babibatse, nabamwe batumye ikigihugu kirwa mubibazo, bafatwe bacirirwe imanza. bahereye kuri kizigenza wi gihugu,kuko itotezwe rikorerwa abanyagihugu niwe abituma kuko mugufata inzuki uhera kumwami wazo.

  • Burya atarukubesha abantu mwebwe mwovirira uburundi na democratie bufise .urumva nzyoye eeh...

  • Emwe Nakara Bashora bike,ariko Reka hafatwe ingingo nkizo turabeko Uburundi(Abategetsi)bokwikebuka.Ahandi Amakungu agiye kutuharira ivomo

  • NYAKUBAHWA,SUBIZA ICO GITEKEREZO CAWEINYUMA,KUKO VYOSAMBURIRA BESHI

  • NONE TUGIYE KUBA ABANDE?MANA GENDERA PETERO NKURUNZIZA UMUGONDOZE NKUKO WAGONDOJE FARAWO NGIRAKO MBWIRA AMAKUNGU KO YOKOMEZA GUFASHA UBUDYO BWOSE IYINTWARO YA PETERO IGAHAGARARA.TURABABAJWE NIMIVYIMBA YUZUYE IGIHUGU.

  • ndashimiye cyane bwana obama ku igikorwa yakoze rwose uburundi buko ubwicyanyi bwishi cyane

  • ndashimiye cyane bwana obama kungingo yafashe ahubwo yari yaratinze rwose

  • MWANYUMVIYE BABABTU BAHANO HAKURYA YAKANYARU MUGUCOMEKEREZA! MWIZINARYWE YIYISENGONI SAYIDI AVUZENGO OBAMA NGWAHUBWO yariyaratize (mukirundi’ ngoyariyaratevye) AHANDINAHO NGO’ NGWARASHIMYE cyane (cane) AHANDI NGO’ rwose (gose)

  • Umviriza,erega,mwibuke,aho,imana.Yashaka.Guhonya,igihugu,yanze,ica,kuri,iburahimu.Imubwira,iti,jewe,ngomba,ntikize,igihugu,kubera,ubutagondwa,bwabo.Muribuka,ingene,ibrahimu.Yinginze,avuga,ibitigiri,jewe,rero.Ntampamvu,numva,yukutufatira,ibihano.Kuko,niyo,umwana,agize,amakosa,ntibaca,bamuhana.Ahubwo Baramuhanura.Ishavu,ryumuvyeyi,ririririgwa,ntirirara.Obama...

  • Amerikantakundiyarikubigenza,itaronse ivyo ikeneyekutwiba ntamahorotuzoyironkana,ishakahatware abo ishakakoboyoroherezakudusahura kanacinda ntaho amerika yageze bigerabasomera aho irikwisihose namariragusa.iguma iteza umutekanomukemubihuguvyinshivyokwisi.

  • Ni hatari ivy uburundi bigiye kub bibi.mwisengere basha!

  • wewe wiyita jay z,wameshe benshi uwo ngira ntarimwo ntawe uhavya wanguha!Urabandanya umesa abo wamenyereye,mbe ntasoni!Bayina ndakugoye isoni zigira ufise ubwenge!Bandanya udambwa sha!

  • Les tonneaux vides ,inguguru ziri gusa ngo nizo zivuga, none namwe mwabategetsi buburundi ngo Amerika ntaco yari ibamariye nakare!Mbe ko mtabivuze kera canke ngo muvavanure batarabitangura kubikurako? Yooooh, utagira umuringa avuga ngo uranuka!Mwarahinyutse kuko Imana Rugiravyose kandi Mushoboravyose yariyemeje kubandagaza ikabashira ahabona muri vyoooose,bandanya murabe!"Soma 2timoteyo3:1-9

  • Ariko se President Obama ubwo ubonye Pierre Nkurunziza ariwe ugomba gufatira ibihano kandi isi yuzuyemo abanyabyaha benshi kumurusha. Abamaze kubutegetsi imyaka irenga za 20 na 30 cyangwa abagiye kubugwaho ko mutabavuga.

  • MWESE MUHWANIRA FLIMASONI.

  • Emwe ubuho karabaye ngo akarimi kaguhema kakubwira ngo igiseru kirakuberey abahenda ubutegetsi barakadukoreye

  • IDYO NISHAVU DYUKO TWAKWIMYE KUKIMUTOSORUBURUNDI MUDATOSORIVYANYU? KUKI MWUMVA IVYAHO IBUJUMBURA MUTAJAHAGATIMUGIHUGU NGOMWUMVIDYOBAGON? ABOHANZE MURABIVYANYU

  • Uburundi nigihugu cikukiye ntakungedera k uvyiyuviro vyabazugu akogahugarema kajekubutegeci abantu oo obama yajegusambura afica gusa sumwirabure sumuxugu turobaho nomugihe ca mbarugo twarabayeho

  • Imana isumba Obama kudakundwa kwankwa na Obama ntuba wanswe ni mana. Igifisintango kigira iherzo

  • Emwe Karabay!Amerika Iraduhevy Kabisaa?!?.

  • @Egide
    burya america hari echange yigeze ikorana n’uburundi ?Abo ni kongo bariko basoterako .Uyo mu metis vyaramunaniya kwasura securité y’abirabure muri USA,abirabure babaniga ku murango izuba riva,ubu umwirabure muri america yicwa kuruta mu gihe ca esclavage,vyaramunaniye none il vient jeter ses frustrations sur notre petit pays ,heureusement que ce n’est plus la première puissance mondiale sur tous les points,nibugare nimba hari ivyo twashora ntituzobura iyo tubijana,Uburundi ni agahugu keza imana yagahaye abahutu,congo nuko ivyaduka vyaratwinjiranye ariko tuzobanza gupfa twese cette fois,na obama ntazotubuza canke ngo adutegeke uko tubaho

  • Mwebwe mwirirwa mwica abantu mwarangiza mukavuga ngo ;"Imana?" Imana niyo ibatuma kwica.Amerika yakoze ivyo igomba gukora kuko badahanye uburundi nta kindi gihugu bahana kwisi.Bavandimwe barundi rero mubyakire,kuko baca umugani mu kinyarwanda ngo"Urewishingishiye ararusoma" cg en francais"Qui seme le vent recolte la tempete" C`est la recolte de votre regime preside par NKURUNZIZA so ni mwumve.Gusa turihanganisha inzirakarengane zikomeje kuhasiga ubuzima.

  • c’est claire que notre pays est devant le public des ennemis ça pourquoi?je suis un simple paysans mais je voix que les étrangers haïssent le Burundi car ils prennent les decision malheur pr le pays sans étre averti en preuve qu’ils ont écouté un seul côté alorsqu’ ils n’arrivaient àl’interieur du pays pour voir la paix et sécurite du peuple burundais.

  • Obanya irya mondo arashaka afate ibihano agomba ariko umuziro nuguhonyora imusongati nahandi heshi harabamaze kwereka igihugu cacu ko bagifitiyakamaro nibo bazomumesura

  • nimurusomb muzorubona americ yo ntifyina habuz umwumvikano hakora inguvu.Mwibuke khadafi!

  • JEWE MBONA AMERICA YOBANZA IKAGERAGEZA GUFASHA MUKUGIRA HABE IBIGANIRO VYIHUTA VYOFASHA KURONKAMAHORO GUKO BAHAGARITSE UBUDANDAJI BETWEN AMERICA AND BDI NITWE ABANYAGIHUGU TUGIRA INGORANE ZOKUBAHO UBUZI BUCA BUKENA MBAYE NDABASHIMIRA NYAKUBAHWA PRESIDENT WA AMERICA MANY THANK YOU.

  • RETA YUBURUNDI NIYIBUKE KO TURI IBIREMWA VY?IMANA AHANDI UBURUNDI BURARIMBUKA!

  • NIBARABA UBURUNDI NTITUZIRE ABATEGETSI!

  • Bameny Ko Batorwa Nabo Bariko Bararya.Birababaj Cane,non Bazoshorer He?ntakund reka duhon triwe nabodukijij

  • Oba Nakare Ngo"umwansi Agucira Icobo Imana Ikagucira Icanzo"naho Worinda Upfa Utagarutse Muburundi Abarundi Twarikukiye Twarasezey Intwaro Y’agahotoro Kiranoneho Baca Umugani ngo"agatoke Kamenyeye Gukomba Kama Gahese"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.