IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika yahagaritse infashanyo ku Burundi mu bijanye n’umutekano

Amerika yahagaritse infashanyo ku Burundi mu bijanye n’umutekano

samedi 4 Mukakaro 2015

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyasha ko zihagaritse zimwe mu nfashanyo, mu bijanye n’umutekano mu Burundi.Imvo,ni ihonyangwa ry’agateka ka zinamuntu ryakozwe n’igipolisi mu gihe c’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ayandi makungu,ubwo bushikiranganji bumenyesha ko,Amerika idashobora kubandanya ifasha Uburundi,mu gihe amatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine yo kuwa mbere igenekerezo rya 29 Ruheshi atari akwije ibisabwa.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ayandi makungu,bumenyesha ko ingingo y’umukuru w’igihugu yo kwitoza ku kiringo ca gatatu yatumye abarundi batari bake bapfa, bituma abandi barenga ibihumbi 144 bahungira mu bihugu bibanyi, n’ubutunzi bw’igihugu burasinzikara bikomeye.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zimenyesha ko ingingo ya Reta y’Uburundi yo gutunganya amatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine kandi ibikenewe bitari vyubahirijwe,vyatumye ibintu vyari bisanzwe bimeze nabi vyunyuka.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika, busaba Reta y’Uburundi kwumvira akamo katewe n’amakungu, ku vyerekeye kwigizayo amatora y’umukuru w’igihugu yo kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2015.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zsaba umukuru w’igihugu kugiriranira ibiganiro n’abatavuga rumwe na Reta, kugira batorere inyishu ibibazo biciye mu mahoro.

Messages

  • Aho rero pita nasununur ubutunz muri kino gih hama dollas yururuk hama tumutor atavyo ashoboy arek kurenga amategeko atsimbataz democratie mu ri cndd fdd hari abahutu benshi boshobora kwitoza kukibaza cumukuru wigihugu kandi nta vyu bwoko birimwo ntabesh nubukunzi bwinda

  • NI BATUVYONGE TUBAHEBERE ABA SHABABU TURABEKO ISI IDAHUNGABANA,TUZIBAKO NIBAGUMYE

  • mbeganone mumwaka wi2010 ntabayagiyemwo bagatogwa bakayanka noneubuntibayanse barekeabagwaye mukwaha.twebweigihugutwarakigwaniye ntabwotwogitamumanga.nibihangane nimanda yimyakaitanugusa bazoshikigwa

  • nibatureke twarikukiye ivyo baduha nibabigumye turabe ko dupfa

  • Nibabifate Ngirango Petero Nabobirikumwe Bokwigarura

  • ihonyangwa ryagateka ka zina muntu riri iwanyu. Uzi aba noir americains birirwa bararaswa naba police! Katawurabafatira ibihano? Izo mfashanyo mwita ngo muradufasha kandi ari twebwe tubafasha! Ngaho nimuzigumane tuzorabe uwugaruka yicisha bugufi.

  • ABO BANYAMERIKA BIRAMAZE KUGARAGARA KO BAHENGAMIYE KU BAVYONZI.:SINDUHIJE,PACIFIQUE,VITAL,...KIRETSE RWASA ARIKO AKURIKIRA IVYO ATAZI MUGIHE ABENSHI BARIKO BAMUTWENGA INGENEYIKURA MU MATORA AZICUZA...Bamuhenda ngo nahebe koatazoba président maze akibagira abamuhenda icobashaka biragaragara ko politike yamunaniye!ntakundi azihangane . amerika nayo ico apfa na NKURUNZIZA turakizi n’ishari ry’imigenderaniremyiza iri hagati ya CHINE n’UBURUNDI ariko imana irut’ingabo bitebe bitebuke ukuri kuzotsinda ikinyoma mugihe abarundi bafise uburenganzira bwokwitorera indongozi biciyemu matora ahubwo abo bazungu bashaka kongera kudusubiza mubukoloni babicishije mubatavuga rumwe na CNDD FDD hamwe naNKURUNZIZA bamenye ko abarundi isinzi turinyuma yiwe!!! Naho abarwanya NKURUNZIZA bahenda amakungu ngo batsinze bazebegurira ubutunzi bw’uburundi(ubutare,inzahabu...) bemeye ubuki bategeka kuko ntagihugu bariko bashikira batagihawe n’abarundi ubwabo natwe ntantambwe bazoduterana sibimwe vya kera!!!Nayo NKURUNZIZA ntadebukirwe .

  • Nishake ibihagarike tuzokwimenya ko baguma badukangisha ivyo vyose ivyon’ibimaramare vyuko twatunganije amatora neza ataco badufashije n’ibindi tuzobikora batarimwo batangare

  • Ngurunziza niyunva kandiaragaya amakuru. Kunezayigihugu amakungunanyaruke bamukurekunguvu

  • nireta zunzubumwe za amerika canke zunze kurya Afriqua ? tubemaso abarundi itavyay. ..... izovyara. ..... kubwiwanj USA si goût yanj politique yayo iraryanisha.

  • nireta zunzubumwe za amerika canke zunze kurya Afriqua ? tubemaso abarundi itavyay. ..... izovyara. ..... kubwiwanj USA si goût yanj politique yayo iraryanisha.

  • emma
    amerika uri nidyo! kuko ntakuri ufise naho wiyita kurigihangange kwisi, ngurahagaritse infashanyo waha abajejwe umutekano gezaho twaraguhinyuye na kadafi waramwishe kandi yakundabiwe na africa, Gumya ivyawe mugabo umenyeko amatora yabaye mezacane.

  • Nibakore Ariko Hanura Intumva Il Ya Des Grands Sourds Ici Au Burundi Qui Vient C,est Nkurunziza Pierre Ariko ,aramenya Ko Na Sadamu Sen Yari Ikinani Kwisi Ariko Yamuhanuye Kabiri Aranka Mwarabonye Ivya Mubayeko Na Nkurunziza Azogenda Ntabe Azibukwa Ukundi Natw Turiteguy Gufash Umuntu Wese Azoza Ashaka Kumudukurako Turase Kuba Abaja Ba Petero Nkurunzi Kandi Intabarigwa Ibarigwa Nuko Amaso Atukuye Mureke Azibonerako Tuguma Dusabe Yesu Adukureko Herodi

  • Ahubwo mboneyeho akaryo keza ko kwunganira abarundi bincabwenge uretse ivyo bijuju bishaka kuguma biteze amaboko amakungu aho vyokoreshe ayabo maboko yavyo tutibagiye nabamwe bamwe mubanye politic nabonyene bibaza ko uburundi ubuzima bwabwo bwose arukwama buteze amashi
    Ico nzi nuko muribo atanumwe agenda kumubanyi wiwe ngo namuhe akunyu kuko yakabuze canke yabuze amafranga yo kukagura ivyo vyose bikavana ninguvu ubwabo bakoresha kugirango babesheho imigrango yabo ivyo avyo kukaba arugukora ijoro numurango kubwineza yumuryango wabo ,kubwivyo rero Nyakubahwa mutama NKURUNZIZA nivyo nawe ariko yiyamiliza kubwo kwakwa agateka kiwe ngo ni infashanyo igihugu gihabwa namakungu ,mwomenya neza ko ivyagusa bitera ubwenge buke ,tugwize ibikogwa bikkorwa nabene burundi bama babira akuya bakoresha ayabo maboko mukwiteza imbere,ivyo navyo na Nyakubahwa akaba yaragiye yerekana akarore ro mubikogwa rusangi vyiterambere yagiye akorera hamwe nabanyagihugu <<<Eg: kwubaka amashure ,amavuriro ,isuku mugisagara aho yitanga atiziganya mukwereka abandi barundi uburyo umuntu wese ahari arangwa nibikogwa, aho ntibagiye nibitegwa hamwe nubworozi vyakijambere bibeshejeho abarundi benshi muburundi.Barundi namwe barundikazi ,ncuti zuburundi ntimukajane nyabahururu mukwumviriza izo mburakimazi zishaka kwamiza amaboko mumifuko yabo ngo barindiriye ikizova kwa naka no kwa naka!!!!!!!! Hongera sana mwebwe mwitavye akamo mwatewe numugwi SENI ujejwe gutegura amatora mukaja kwitorera indongozi zigihugu mwitoreye ubwanyu numva nokwo ngera nkanegura bamwe mubantu batashoboye kwitaba ako kamo ariko nuko ngirango mutazi neza icitwa gutwagwa nuwo witoreye ubwawe ingene aribintu bihimbaye cane ,inda nimwime amatwi izo nyanka burundi bashaka kudandaza itungo ryigihugu rizobutunga mumyaka irimbere arinaho uburundi bugiye kurera amaso na ntaryo muguteza igihugu C’uburundi.Kubijanye nubugabo Mutama nyakubahwa NKURUNZIZA yereka nye mukwanka gucishwamwo ijisho nabandi bakuru bibihuguhaba ibihugu vyo mukarere ka Africa hamwe nibindi bihugu vyaburaya yarerekkanye vyukuri ko igihugu cikukiye kitagikeneye gutwagwa uko cigombeye ahubwo kirimwo umugabo ,ndakebura namwe bandi banyepolitic muciyumvirako abihugu bibanyi nayandi makungu aribo bazokwama ba shinga amategeko mugihugu ciwanyu vyaka agateka abarundi nuburundi mukwama mucuritse imitwe ngo naka mpaka avuge,aka rorero nuko nzi neza iyo mugiraniye ikibazo nabakenyezi banyu canke abagabo banyu mutagenda hanze gusaba ababumvikanisha ngo muje za America ,france ,ububirigi nahandi ntarinze kudondagura, iconzi ibibazo murabimara ubwanyu munzu.Nigihugu nukwo mugihe udashoboye kwubaka urugo gwawe ngo umenye uburyo ushobora gukemura ibibazo biri murugo iwawe nigihugu nukwo nyene ntaco woshobora kugirango ugire icuvuze, ukaba wama witeze uwuza kukuvugira wewe wamugabo we kugirango uje mucumba ngo uryame numugore wawe nigihugu uzokwama usaba infashanyo zohanze kuko ntabugabo ,ntajambo ufise imbere yabo utwara.Reka ndangize ndabipfuriza kugira ubwenge nkubwinzoka nkuko Biblia yera ibitubwira.
    Ndabipfurije kurangiza weekend nziza ,amahoro mugihugu cacu ,itembere
    kuri bose,Imana ibane namwe
    Murakoze

  • Ewe Emma urateye ikigongwe, utegerezwa kuba ufise ubwenge buke. Mbarira sha ishule wizeko uzoba ukoze: Imana iguhe bwenge na bukeya kandi itana kubuntu sha Emma

  • Mwebwe mwese muvugako amerika ihagaritse imfashanyo atakubazo muzobandanya mubaho uko mwamye murantangaza ngira ntimuzi icitwa imigenderanire myiza nibindi bihugu icarico! Karahara muruganda ntibacura,kandi kananirabagabo ntiyimye!igihugu cuburundi aho gikura amafranga murahazi?ubwo muribukako 86%yamafranga twakoresha mugihugu yose yava hanze!?mwebwe sha nuko mwibereye i bulaya ataco mukennye nico gituma. Petero nkurunziza niyumvire impanuro zabamuhanura igihugu ntikirwe mumanga!kubwanje ntamatora yabaye habaye kumara ibwirizwa ryinkinamico yayo!kuko ivyo bari gusoma Bari kubisoma bari babisanganywe ba ndayicariye!mumateka yisi rero Emma abantu nkawe bamyeho kandi bazokwamaho!

  • yoooonkurumbiwentubonakubushinwabuguhendabwakubariyengo uturire amasokonawe ujananagwobicabituma abenegihugubakuvakonububuguteranijena amerikanububiriginubuhorandewunvabuzogufasha iki?urataye uburundimurigihonomunubwire ubushinwabuhembe abaporinabasirikare umwaka umwe urabekobabishoborajewesindunva aho ubushwinwabwagiyekugarukira amahoronumutekanonimbaharihotwizereko ingabozigihuguzizoronka akazinumushahara uruta uwobakuramurisomarinasatra frika?canke ubigirakubwinyunguzawenakagwimurikumwesizigihugu abasirikarenimwigumyepitapitanubushwinwabuzobaronsa agasharakezahahahahahaha

  • NAREKURE PETER NTADUKWEGERE YEMWE!! NONE MWEBWE MUVUGA NGO NIBAGOMBE BAREKE NTIMUZI KUBURUNDI ATACO BWIFASHIJE, NTIMUZI KO ARUBWA3 MUBUKENE KWISI??? NONE MUZOKWUNGUKIKI?? MURINDIRE MUZOBONA!! UWUTIYUMYIRIVYO NTAMUTIMAGIRA!

  • Iyo bavugiye ntibashire mungiro,turarushe nukwama twica,dupfungwa,dutotezwa n’abahembwa mumakori yacu.dusavze ko amakungu adutabara akareka kukoresha amajambo gusa

  • abarundi bati "inyo y’inkoko uyerekw n’umuyaga", ibi biratweretse neza ko uburundi butigenjeje nk’igihugu cikukiye koko. ubokoloni bwarabandanije mubundi buryo. none burya ibi abanyaburaya n’abanyamerika bagira kubanyafirika, nabo bobibagira? izo mfashanyo ni bazihebe twige kwibako, dufashanye n’abatatugenderako. nakare ntagihugu co gutungwa no gusegerereza. ivyo bikoresho ni babirondere ahandi kuko ntibiri muri merika gusa. badashobye kubirinka naho batahukane ingabo z’abarundi. wibaza ngo badufasha kubera urukundo rwa cane atari uko abo basoda bariko barabacungerera imari kuri océan indien. ni batahe maze turabe ko amerika irungikayo abasoda bayo gusubira kubona ibara nkambere, abashabab basubire banyuruze amato yabo urabe ko badasubira kutwambambira ngo dusubireyo kubanywera intundwe n’inkevya. ntihaze hagire umukuru w’uburundi n’umwe asubira gucudika n’ababirigi. kandi ukwo kwivanga muri politike y’ibindi bihugu nivyo bigwiza iterabwoba n’aba clandestins.

  • KANANIRA ABAGABO NTIYIMYE,NKURUNZIZA NIYEMERE,AHANDI IMFASHANYO ZIHAGAZE AZOBIGENZA GUTE? AMWE BAHORA BASAHURA AZOBA AKIBONEKA! ABAPOLISI BO BAZOMUMWA INGOHE NAHO BAHORA BACUDITSE.INAMA Y’EJO ATEGEREZWA KUYITABA NTITOZE UTUNYONI,ABAPFUMU YAGIYEKO BARAMUBESHE,IMINSI AMAZE SIYO ASIGAJE.N’IMANA YAVUGA KO AKORERA ABESHA ABARUNDI,YARAMUKUYEKO IBIGANZA.YAMUHAYE GUTEGEKA ABARUNDI ACA ABAROKERAMWO ABICA URWAGASHINYAGURO,YARARAMANZE MUKUBIKORA ARIKO AGIYE KUVYISHURA,IMANA NYENE AMAHORO YARIKIMWIHWEZA.NIYEMERE NTAKUNDI KUKO AKABIGIZE KABIBONA KARYA IMBOGA KARITSE!

  • american nabagabo ahubwo nuko babwira abatunva,bibabigiye inguvu kadafi osama sadam bari bafise,bazotumwa umusi umwe.

  • barayamaz nguvumwa nabenshi ugatota.abar kubutegets bariko bata uburund nabarundi mukaga mugih twar dusanzw tur bantaho nikora.agasoz kintahanurwa kahiy abagabo babona.

  • Jewe Icombona Nuko Yokwiyongeza Kwitoza Agatwara Igihugu Kandi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.