IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amezi 6 nico kiringo Reta yasavye ko cokwongerwa BNUB mu Burundi

Amezi 6 nico kiringo Reta yasavye ko cokwongerwa BNUB mu Burundi

vendredi 31 Nzero 2014

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure, mu nama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yasavye ko ibiro vya BNUB vyokongerezwa ikiringo c’amezi atandatu.

Mu gihe yari mu mubonano na bamwe bo mu nama ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 29 Nzero 2014 aho intumbero y’uwo mubonano yari iyo kurabira hamwe ivyerekeye kwongereza ikiringo ca BNUB mu Burundi, Laurent Kavakure yasavye ko BNUB yokwongerwa ikiringo c’amezi atandatu gusa, mu gihe uwuserukira ibiro vya BNUB we yasavye ko bokwongerwa n’imiburiburi ikiringo c’umwaka wose.

Nk’uko bivugwa na Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, igituma bavuze ko ivyo biro vyokwongerwa amezi atandatu gusa, n’uko bashaka ko ivyo biro vya BNUB mu Burundi vyohinduka umurwi muto witwa "Equipe pays", nk’uko umuvugizi wa Reta Philippe Nzobonariba yari yabisiguye haraheze iminsi. Insiguro zatanzwe na Reta akaba ari kubera "amahoro yabonetse mu gihugu". N’aho muri Reta basaba ko BNUB yokwongerwa amezi atandatu gusa, mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe no mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko BNUB itogenda imbere y’amatora, kuko ariyo iriko irafasha kugarukana icuka ciza hagati y’abanyeporitike batavuga rumwe.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.