IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundikazi basabwa kwirinda imihora ngurukana bumenyi icako (...)

Abarundikazi basabwa kwirinda imihora ngurukana bumenyi icako ibiterasoni

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Abakobwa b’Abarundikazi basabwa kwijukira gukoresha ubuhinga ngurukana bumenyi, bakabukoresha mu bintu ngirakamaro kuko buratanga inyigisho. Bokwirinda cane imwe mu mihora icako ibiterasoni, biteye kubiri n’imico n’akaranga k’Uburundi.

Joella Bigirimana, umwe mu bagize ishirahamwe APFB

Ivyo vyavugiwe mu ruganda rwateguwe n’ishirahamwe ryishinze guteza imbere umukobwa "Association pour la Promotion de la Fille Burundaise" rifadikanije n’ikigo BBIN. Urwo ruganda rufise intumbero yo kuraba ihuriro ry’umukobwa, n’ubuhinga ngurukana bumenyi, no mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukobwa n’ubuhinga ngurukana bumenyi "Journée Mondiale de la Fille et les Technologies de l’Information et de la Communication". Uwo munsi mukuru wama uhimbazwa mu kwezi kwa Ndamukiza.

Joella Bigirimana asanzwe ari muri iryo shirahamwe, amenyesha ko umukobwa w’Umurundikazi nawe ategerezwa kujana n’ibihe, ntiyiteho gusa gukoresha cane imihora idatanga inyigisho nka za "whatsapp" na "facebook"kandi hari imihora idasaba amahera, kandi iriko inyigisho ngira kamaro zijanye n’ibihe. Joella Bigirimana ati:" turiko duhimiriza abakobwa kugira n’abo batere iyo ntambwe, bamenye gukoresha ubuhinga ngurunakana bumenyi(TIC) kandi bamenye n’ingaruka mbi z’ubwo buhinga, mu gihe bukoreshejwe ukutari ko". Atanga akarorero ku bintu biciye ku biri n’akaranga bica muri iyo mihora nk’amafoto y’abantu bari gusa canke amasanamu y’ibiterasoni aca kenshi muri iyo mihora.

Mwomenya ko uruganda rwari rwatumiwemo bamwe mu bakoresha ubuhinga ngurukana bumenyi mu gutanga ivyiyumviro vy’abo"blogeurs", abaserukira amashirahamwe yigenga, na bamwe mu banyeshuri bo muri za Kaminuza.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.