Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
API : Amategeko mashasha yahinyanyuwe arorohereza abanyamitahe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > API : Amategeko mashasha yahinyanyuwe arorohereza abanyamitahe

API : Amategeko mashasha yahinyanyuwe arorohereza abanyamitahe

mardi 20 Rusama 2014

Mu kubandanya kworohereza abashinga amashirahamwe mu Burundi, ikigo API kiriko kirakorera mu bisata icumi, mu ntumbero yo kurwiza umwimbu, mu gihe cahora gikorera mu bisata icenda gusa.

Muri iyo ntumbero nyene yo kworohereza abashinga amashirahamwe, amafaranga bahora barihishwa akaba yaragabanutse, aho yavuye ku mafaranga y’amarundi ibihumbi 42,500 aja ku 40,000, eka ndetse n’abaronka impusha z’ukwubaka canke ndangamatongo ubu vyoba vyoroshe bivanye n’impinyanyura zishasha z’amategeko muri ico kigo kijejwe kworohereza abazana imitahe mu Burundi API.

Ivyo rero bikaba vyakozwe bivanye ahanini n’uko abakorera muri ivyo bisata vyose uko ari icumi, baronkejwe ibikoresho bikenewe nk’imashini, ndetse n’ayandi mategeko akaba yimirije guhinyanyurwa imbere y’uko harungikwa icegeranyo gishasha ku cicaro c’ibanki y’isi yose ku wa 31 Rusama 2014 bazofatirako mu gutanga amanota yo mu mwaka w’2015, nk’uko vyavuzwe n’n’uwujejwe igisata co gutunganya gushasha amategeko yorohereza abazana imitahe mu Burundi, Adolphe Birehanisenge.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.