IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > APRODH: Abarenga 60 barahohotewe,16 baranyurujwe,90 barishwe kuva (...)

APRODH: Abarenga 60 barahohotewe,16 baranyurujwe,90 barishwe kuva imyiyerekano itanguye

samedi 25 Mukakaro 2015

Umukuru w’ishirahamwe APRODH Pierre Claver Mbonimpa amenyesha ko hari igitigiri kinini c’abicwa,abahohoterwa n’abanyuruzwa kuva imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu itanguye.

Mw’ishirahamwe APRODH ryishinze gukingira agateka ka zina muntu n’ako abapfunzwe bavuga ko abantu barenga 60 bamaze guhohoterwa,abashika 16 baranyurujwe,90 nabo barishwe kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza.

Ishirahamwe APRODH rimenyesha ko ivyo guhohotera no gufata abantu nkuko atari ibiremwamuntu bibera mu mabohero atazwi n’amategeko.

Mu gipolisi c’Uburundi,icegera c’umuvugizi waco Pierre Nkurikiye amenyesha ko ayo makuru atari yo kuko igipolisi c’igihugu kitagihohotera abantu gifashe,kuko gica kibashikiriza ubutungane.


Van Naris Mugisha

Messages

  • nabado ubu dutekereze nagace heraheza

  • UBUHOHO BAZOTUMARA,KOBATSINDIYE MANDA YAGATATU UBUHOSIBIRYA IMANA,NIYIZOSIGARA YIKORERA IVYAYO ABABARWANIJE TURABATURIMBA TWIGERA DUSENGECANE IMANA.

  • Nabado Abobashenzi Tuzakubamesa Tubabona

  • mutama komera mukugwanira agateka kazina muntu aho bakwiyama go nabatutsi kuva kuri buyoya ntiwavugira cane cane abahutu bareganywa ninkwaro zagisirikare ubukubera amadayabo basigaye bakwiyama bibagiye ivyowoba warabakoreye imaniriho mutama kora akazikawe gusa imana izobikwishurira

  • Iwembonimpa Aragatwenza,ndagukunda Mugabo Ibintu UVuze Iyaba Wiyumvira Ntiwarikuvugako Hapfuye Abantu.Wewe Wagihe Imbere Mukubahamagarira Mwibarabara Hama Uzekuvugako Babishe Abandi Baranyuruzwa,mbega Wabahamagarira Mwibarabara Kugira Uronke Akazi Muri Babazungu.WeMbonimpa Wembonimpa Abazungu Sibo Bazoduteza Imbere Mubukene Turimwo,nkawewe Ntiwarukwiye Guhamagarira Abantu Mwibarabara Niwe Warukwiye Kwigisha Abanyagihugu Ukuntu Bova Mubukene,Ahokwiruka Namanda3urateye Nisoni Kuvugako Hari Abapfuye Mumigumuko Yabaye.Imana Iguhe Imigisha Nokuguha Kuvuga Ibintu Washishoje

  • NAKAMARAMAZA KUBONA ABANTU BICWA ATACO BAZIRA.

  • Ewe Freedom Iyaba Mukumesa Bohereye Nko Kuwo Ukunda,ngira Ntiwosubiye Guharazanya Ivyo Kumesura Abandi!!!

  • Ewe Freedom Iyaba Mukumesa Bohereye Nko Kuwo Ukunda,ngira Ntiwosubiye Guharazanya Ivyo Kumesura Abandi!!!

  • emma

    ewe mbonimpa hewe ureregwa nivyo uvuze, akanwa kawe kazoguhitaniza wewe rindira. Mbega usigaye uri F .B .I mugutohoza? gezaho urusaku gwawe ntaco uzoshikako igi POLICE kizokwama gikora akazi kaco guhasha abasi bigihugu cabavyaye.

  • Wa muntu wiyita yohani uramenyako umwicanyi atagira nkunzi, ahaaa mbega igihe abo wita abansi umusi bohera wewe uzoba usigariye he warabaye Kahini wa kabiri, nogusaba kutaba ikivume ukamenya ko rurirye abandi turakwibagiye kandi uyo uhangara umusi wogira ikibazo uzomukenera kuko hariho abahora bakurusha kuvuga mbona bataye bagahunga. wait and see.

  • NDABASAVYE MUREKABARUNDI TWITUNGANYE KUKO AKIMUHANA KAZIMVURIHISE .

  • Mutama bandanya ukwirikirana abicwa nabahohotegwa nabanyuruzwa bapfungigwa ubusa imana izobigushimira. abonabo bica bagahohotera abantu babafungira ubusa ndets bakanabanyuruza bamaz gushikanwa mubusho hariho uwabaremy azobibabaza

  • Wamutwawe Ivyo Uvuga N Ibiki Uwogukura Ugwo Rutwe

  • Abarundi mwakwinyaye mwisunzu uru rugabo mukarugongesha Imodoka. Dore ko rurangajwe imbere n’amoko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.