Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ati :"Rwasa akagirisha ikoraniro kaminuza rya FNL, amaboko n’amaguru vyanje (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ati :"Rwasa akagirisha ikoraniro kaminuza rya FNL, amaboko n’amaguru vyanje (...)

Ati :"Rwasa akagirisha ikoraniro kaminuza rya FNL, amaboko n’amaguru vyanje nzoca ndabica."

jeudi 11 Mukakaro 2013

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FNL urongowe na Miburo Manweli yahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru aho yatanze umuco ku bibazo bimwe bimwe bivurwa mu gihugu, haba mu gisata c’umutekano, igisata c’ubutunzi, imibano, umutekano ndetse n’ibivurwa kwitahuka ry’uwahoze ari umukuru w’umugambwe wabo Rwasa Agaton kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 Mukakaro uyu mwaka.

Yakobo Bigirimana asanzwe ari umunyamabanga mukuru w’umugambwe FNL yavuze ko ku bijanye na politike, ubu intambwe ari nziza, aravye ko Leta yemeye kwakira abanyapolitike bamwe bamwe bari barahunze igihugu ariko ubu bakaba baragarutse mu gihugu cabo. Abo nabo akaba ari Nka Alexis Sinduhije arongoye umugambwe wa MSD, Pascaline Kampayano yigeze kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu, Pancrace Cimpaye yahora ari umuvugizi w’umugambwe Sahwanya FODEBU, Aniseti Niyongabo umukuru w’umugambwe CDP, eka ndetse akavuga ko n’abandi bari mu nzira baza nka Rwasa Agaton yahora arongoye uyo mugambwe ndetse akaba yarigeze n’uguserukira uyo mugambwe nyene mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2010.

Yabandanije avuga ko intambwe politike igezeko mu Burundi ari nziza na cane cane ko ibiganiro biherutse guhuza Leta n’iyindi migambwe muri BNUB hamwe n’iyindi nama yabereye mu Kayanza, ko zabaye inama ngirakamaro kuko ivyazivugiwemwo vyari ibintu bihambaye ku buzima bw’igihugu. Yaciye rero abandanya asaba inama nshingamateka ko integuro zigenga amatora yo mu mwaka w’2015 zatorewe mu Kayanza ko zokwemezwa zose atanarimwe ikuwemwo. Yasavye kandi Leta gukomeza ku rwiza ibiganiro nk’ivyo kuko bituma abantu bicarana maze bakavugana vyinshi ku bijanye n’ubuzima bw’igihugu. Yavuze kandi ku bijanye n’ingingo zimwe zimwe zatangajwe n’umukuru w’igihugu ko ziizohinduka mw’ ibwirizwa nshingiro kuko zitakijanye n’igihe tugezemwo. Kuri ivyo avuga ko ari vyiza cane kuko hari ingingo ubu zitagikorana n’ibihe tugezemwo, ariko aca asaba ko izo ngingo zovurwa, zikaja ahabona kugira ngo batangure kuziganirako na Leta. Yabandanije avuga ko Leta ikwiye gushiraho umurwi wo kumenya ukuri n’ukurekuriranira ku gira abarundi baze bavugane aho bitagenze neza, aho batsitaye eka mbere aho umwe wese yashaye kuri mugenzi we basabane imbabazi.

Ku bibazo bivurwa muri FNL, yishuye abamenyeshamakuru ko mu mugambwe iwabo bari basavye abanamarimwe ko bokwitegura maze bakazoja kwakira uwahoze abarongoye ku kibuga c’indege, ariko rero bagaca batangazwa n’ivyavuzwe n’umuvugizi wa Rwasa ariwe Aimé Magera aho yashikirije kw’iradiyo RPA ko atanakimwe bafise bazovugana n’imbonerakure. Iryo jambo rero ngo ryarabashavuje cane, na rirya bo bazi ko ari abanamarimwe. Yabandanije rero avuga ko ikibazo kitari iwabo, ariko bo bipfuza kwakira Rwasa nk’umunamarimwe maze bagaheza bakavugana ku ngorane zimwe zimwe zihanze umugambwe wabo, ariko rero ko yabise imbonerakure, avuga ko atakamaro ko kuzogenda ku mwakira.

umunyamabanga mukuru wa FNL

Ibivurwa kandi ko Rwasa azotegura ikoraniro kaminuza ry’umugmbwe wiwe FNL, Yakobo Bigirimana yavuze ko Rwasa atamugambwe afise, ariko ko hari aho yoba afise umugambi wo gushinga umugambwe wiwe atakibazo, ariko kandi akaba yarahiye ko hamwe Rwasa yogira ikoraniro ry’umugambwe FNL mu Burundi, yiteguriye kuzoca yica amaboko n’amaguru vyiwe ndetse bigacikira hasi.

Ku bibazo vy’umutekano, avuga ko ubu umutekano umeze neza n’aho hari uturwi tuza turasesa amaraso y’abanyagihugu. Aho rero yasavye Leta ko yorwiza abajejwe umutekano ku mabarabara bagahasha utwo turwi kuko amaraso yasesetse ari menshi atayandi bashaka ko yobandanya aseseka na cane cane ko abarundi baruhijwe n’intambara.

Mu gisata c’ubutunzi naho, avuga ko igihugu gikenye arico gituma ubuzima bwasubiye kuzimba, aca asaba Leta ko yokora ibishoboka, ikiniga kugira amatagisi yari yakuye ku bifungurwa ntiyasubizeko kuko ubukene buri mu banyagihugu bwokora inzara bugata. Ati abahembwa imishahara haba nk’abashikiranganji, canke ndetse nawe nyene ari mitende, ati ariko abanyagihugu ubu bageze habi, ari naco gituma Leta yokwemera ikicumita inkota kugira ntisongere isibe mu gusubizaho amakori ku bifungurwa bimwe bimwe. Eka kandi yasavye amakungu gtanga ivyo yemeye. Ariko rero akaba yahanuye abanyagihugu kugabanya kunywa inzoga ahubwo bakitwararika ibikorwa cane kuko ariho iterambere riri.

Akaba yarangije yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru avuga ko ubu yiteguriye gusaba umubonano umukuru w’umurwi wigenga ujejwe ivya’amatongo n’ayandi matungo musenyeri Serapiyo Bambonanire, kugira bavugane ikibazo c’umunywanyi wa FNL yavuze ko ariwe yoba ari inyuma y’amatati y’itongo afitaniye n’umupfakazi Maderena, yagiriza uyo musenyeri ko yamunyaze itongo.

Ku bagirizwa ubwicanyi ndengera butungane, aho abantu bamwe bamwe ubu bariko bararekurwa bari baragirijwe kwica urw’agashinyaguro abatavuga rumwe n’umugambwe CNDD-FDD, eka kandi muri abo bagiye baratorwa ibiziga harimwo abanamarimwe b’umugambwe FNL, yavuze ko iyo dosiye yayikurikiranye, ariko rero ko iyo ikibazo ubutungane bwafashe ingingo zabwo, we yumva yobanza akaja muri izo dosiye akazikurikirana bushasha, hanyuma akagira ico ashikirije mu nyuma.

abanamarimwe

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.