Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ba musitanteri barongoye amakomine atatu y’igisagara ca Bujumbura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ba musitanteri barongoye amakomine atatu y’igisagara ca Bujumbura (...)

Ba musitanteri barongoye amakomine atatu y’igisagara ca Bujumbura bamenyekanye

dimanche 19 Mukakaro 2015

Mu gatondo ko kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 19 Mukakaro 2015,bashasha bagiye kurongora amakomine atatu agize igisagara ca Bujumbura bamenyekanye.

Komine ya Muha iri mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura irongowe na muganga Jean Bosco Girukwishaka,umukuru w’inama mpanuzwajambo ni Saidi Juma arongoye igisagara ca Bujumbura,icegera ciwe ni umupfasoni Fifille Nkurunziza.Bose batowe ku majwi 12 kuri 12 y’abari bitavye,batanu bari basivye kuko iyo nama yategerezwa kwitabwa n’abajenama ba komine 17.

Muri komine ya Mukaza hatoye abajenama ba komine 10 kuri 15 bategerezwa kwitaba ico gikorwa.Musitanteri yatowe ni umukenyezi Ndayisaba Marie Suzanne,umukuru w’inama mpanuzwajambo ni Martin Mbazumutima,mu gihe icegera ciwe ari Bikorimana Norbert.

Komine Ntahangwa iri mu buraruko bw’igisagara igye kurongorwa na Remy Barampama,umkuru w’inama mpanuzwajambo ni Eddy Paul Hakizimana,icegera ciwe ni Alvere Niyongere.Musitanteri n’umukuru w’inama mpanuzwajambo batowe ku majwi 10 kw’10,mu gihe icegera c’umukuru w’inama mpanuzwajambo yatowe ku majwi 8 kw’10.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.