IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ba musitanteri basabwa kubungabunga ivyibutso vy’intahe y’ukwikukira

Ba musitanteri basabwa kubungabunga ivyibutso vy’intahe y’ukwikukira

mercredi 2 Mukakaro 2014

Ba musitanteri basabwa kwubaka neza no kubungabunga ivyibutso n’ibimenyetso vy’igihugu, na cane cane ivy’intahe y’ukwikukira biri mu makomine barongoye kugira vyongere bibereko iminsi mikuru, abanyagihugu nabo bagasabwa kuvyubahiriza.

Mw’ijambo ryo kwipfuriza umunsi mukuru mwiza wo kwikukira kw’abarundi, umukuru w’igihugu c’Uburundi yaragarutse kuri wa mugambi w’igihugu w’inyigisho zo gukunda no gukundisha abanyagihugu igihugu cabibarutse. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza agira ati : "Mu ntumbero rero yo kugarukana no gutsimbataza imico myiza yahoze iranga abarundi na cane cane iyadushikanye ku ntahe y’ukwikukira, Reta turongoye iheruka gushiraho umugambi w’igihugu w’inyigisho zo gukunda no gukundisha abanyagihugu igihugu cabibarutse."

Umukuru w’igihugu yasavye abarundi kwitaho benewabo, hamwe n’inyungu rusangi z’abanyagihugu, batibagiye kwitaho iterambere ryabo, bibuka kandi na kazoza k’ababakomokako, kandi bubahiriza ibimenyetso vy’igihugu na cane cane ivyibutso vy’intahe y’ukwikukira. Agira ati : "Ni naco gituma dusubiye kwibutsa ba musitanteri kugira bubake neza kandi babungabunge mwene ivyo bimenyetso, vyongere bibereko imisi mikuru."

Tubamenyeshe ko mu gisagara ca Bujumbura, ibibanza bitari bike vyasubiwemwo mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 52 iheze turonse intahe y’ukwikukira, akarorero ni ikibanza citiriwe intahe y’ukwikukira gisigaye cakaka, ikibanza "Monument du soldat inconnu" naco nyene kiriko kirakorwa vy’akarorero, hamwe n’amabarabara atari make yasizwe amarangi. Ariko rero n’aho biri uko, umuntu yokwibaza icoba kiriko kirakorwa kugira amabarabara atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura ageze aho umwansi ashaka akorwe, akarorero ka hafi akaba ari ibarabara Avenue de la mission n’ibarabara Avenue de l’amitié.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.