Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
BADEA : Imiriyaridi 15 zizofasha mu gisata c’uburimyi n’ubworozi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > BADEA : Imiriyaridi 15 zizofasha mu gisata c’uburimyi n’ubworozi

BADEA : Imiriyaridi 15 zizofasha mu gisata c’uburimyi n’ubworozi

vendredi 4 Gitugutu 2013

Ibanki y’abarabu BDEA (Banque Arabe pour le Développement Economique en Afrique) igiye guha ingurane Uburundi y’amafaranga angana imiriyaridi 15 z’amarundi, ayo nayo akazofasha mu gisata c’Uburimyi n’ubworozi.

Nk’uko bivurwa na Léonidas Hatungimana umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu, amenyesha ko mu mubonano umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahaye umuyobozi mukuru w’ibanki BADEA Abdelaziz Khelef, yavuze ko yaje kugira ayage n’abategetsi ibijanye n’ugufashanya mu gisata c’ubutunzi. Imiriyaridi cumi na zitanu zizorihwa mu myaka mirongo itaturero, zizofasha mu gisata c’uburimyi n’ubworozi. Iyo ngurane ikaba izofasha bimwe biboneka mu Burundi, na rirya ibice bigera ku 90 kw’ijana vy’abanyagihugu bitunzwe n’uburimyi n’ubworozi. Ikindi kandi, ni ukwo hari ibiriko biravuganwako hagati y’iyo banki na Leta y’Uburundi ku bijanye n’ukwubaka ibarabara rya Gitega –Mwaro-Nyakararo. Iyo banki rero akaba atari ubwa mbere ije gufasha mu burundi, kuko yanafashije no mw’iyubakwa ry’ibarabara rya Bubanza- Ndora.

Twobamenyesha ko mu mubonano umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahaye uyo muyobozi w’ibanki y’abarabu, kabaye n’akaryo ko kuyaga ku bijanye n’inama izoba, iyo nayo ikazohuza abarabu n’Afrika, aho ibihugu vy’abarabu bitegura kwongereza imfashanya z’imigambi kuri Afrika. Ibanki y’abarabu rero ikaba ifasha ibihugu 43 vy’Afrika co kimwe n’amashirahamwe y’akarere mu bisata vy’uburimyi n’ubworozi, umuyagankuba, amahinguriro, imibano, n’ibindi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.