Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamvuginyumvira:"Umuhuza abandanije muri iyi nzira tuzomwanka" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bamvuginyumvira:"Umuhuza abandanije muri iyi nzira tuzomwanka"

Bamvuginyumvira:"Umuhuza abandanije muri iyi nzira tuzomwanka"

mercredi 15 Mukakaro 2015

Icegera c’umukuru w’umugabwe FRODEBU Frederic Bamvuginyumvira amenyesha ko abatavugarumwe na Reta badashobora kwemera ibizosabwa n’umuhuza Yoweri Museveni,kuko ashobora kuba yaratamitswe ijambo n’abari ku butegetsi.

Ferederiko Bamvuginyumvira amenyesha ko igihe umuhuza Yoweri Museveni yashika mu gihugu yakiriwe kandi aherekezwa n’abategetsi b’igihugu.Kubwo abatavuga rumwe na Reta,gashobora kuba kabaye akaryo ko kumubwira ko abarundi bose bashaka amatora kandi ko amahoro ari hose mu gihugu,kandi ivyo navyo atari ukuri.

Kubwa Ferederiko Bamvuginyumvira,umuhuza ntiyigeze afatira ku vyashikirijwe n’imigambwe itavuga rumwe na Reta mu mubonano wo kuwa kabiri igenekerezo rya 14 Mukakaro,ivyo bigatuma abatavuga rumwe na Reta bose bashobora kumwiyamiriza kuko adafatira ku vyiyumviro vyabo n’ivyavuye mu yandi Manama yakoranye.

Banvuginyunvira avuga ko Yoweri Museveni ariko arenga ku vyasabwe n’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko mu gusaba ko haba intwaro ihuriwemwo na bose,gushiraho iyo Reta naho bikaba vyosaba ko ibwirizwa nshingiro rihinduka.

Ferederiko Bamvuginyumvira akamenyesha ko,umuhuza abandanije muri iyo nzira bazomwanka,kandi bazobikora mu rupfasoni igihe impande zose zizoba zihuriye hamwe.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ntibitangaje kumva Bamvuginyumvira atanga iciyumviro nkico, kuko ntatahura ko abanyagihugu bamuhinyuye kuva kera ko barikumwe n’ akagwi katashaka amatora mû gihugu.Ubwo uwomubaza imigambi yiterimberr afitiye uburundi n’ abarundi yoyerekana? Ashaka kuvuga ko abategetsi b’ Uburundi botamika Museveni ijambo? Niyishire mû kibanza cabo yumve ko vyoshoboka, politike yamunaniye, arakwiye kubisa abandi bakayikora,areke umutwe wiwe uruhuke.

  • Ico abarundi tutazi n’ico mwari murindiriye kugira mumwanke. Abarundi ntitumugomba. Ntamuntu ashobora kubaho arenga amategeko yose yo kwisi hanyuma ngo aze guhanura abashaka gukora ivyo akora. Je nama mvuga, ntaho bitaniye no gutumako Kagame ngo abe umuhuza hahaha.

  • Nasubire iyo yaje ava. Nkurunziza n’akagwi kiwe bananiwe kwumvira abarundi kuneza yabo, tuzobicisha mumigere ntakundi.

  • Jewe nari nakebuye abatavuga rumwe na reta ko batosamazwa kandi batokwitataba ibiganiro bihagarikiwe na museveni ,none ga yemwe bayoberwe ubwenge ,ubwo uwuserukira museveni mu burundi ntiyashikirije aho be na museveni bahagaze ko bakeje leta kumatora bakoze,none mwari mwiteze ibindi biki ,mbega iyo leta yabose museveni agomba yoba yisunze itegeko irihe,ndarahiye oposition mwaramaze kugurwa mudakoresheje ubundi buryo ngo nayo majambo muzopfana iminihiro

  • nabe aritemberera aze kunywa shampanye muburundi bazimane udufanga twose abanyagihugu bohembwe , nta museveni azotorera umuti igihugu cuburundi kuko niwe izo ngorane ziriho, uburundi butaronse abagabo bagendera mukuri badashaka kuguma kubutegetsi kandi bariho ngo abe ari bazana kwiga ikibazo cacu ntaco bazoshikakondabivuze kandi ndabisubiriye nta museveni azotorera umuti igihugu cacu.

  • Imana Nikore Ibibereye Kuko Ndabona Ivyo Muburundi Vyabuze Ihero Ry’umuti,mbe Ni Ryari Hazoboneka Uwo Bemera Bose?

  • Kuberik. Abarundi tutabona kure?muburundi hamaz kuza abahuza bangah ataco bashikako nibarek gusamaza abarundi uwo museveni ntaco aje gukora ahubwo umurundi akunda uburundi aho ari hos nuguhaguruka duhangane na Nkurunziza ntabind bisigay mpaka tumugarits.

  • Uwo yiyita nzorijana, izina niryo muntu Uri nzorijana. Ahubwo Uri nzoripfana. Ubwo uwokubaza abategetsi buburundi woberekana? Shirubwenge kugihe woye gushigikira abo bategetsi bawe. Usanga batanakuzi kandi udafise nikibanza woshingamwo WC akazu ka sugumwe. Museveni ysratamitswe ariko nagende ubwami bwose butanezera Imana buzovaho. Imana izogera Aho yihesha icubahiro abantu bayo baruhuke. We, urubatse? Urafise famille? ibaze wiyishure uko vyomera ugoranywe nabawe. Imana igufashe

  • None uwo muhuza yari yaj gukoriki?nyakubahwa Nkurunziza nibamureke kuk na pharaon Musa yamwerets ibtangaza nivyago vyos mugabo yaciye ubwenge aruko ingabo ziwe zitikiy asigara arumw nuwundi nibamurek igihe kigez vyose bizikora atawurinz kumuhanura

  • None ga mutama yogenda atacavuz ww wumva uwo muntu atoka? Ahubwo ntimugotw nayubund twarumvis ko baciy hamw na peter

  • None Bamwase, Ntaco Museven Azobadufashije None Yihutiriki?Ntabe Yarindira Akagenda Biheze .Ahubwo Nawenyene Vyamunaniye

  • None Bamwase, Ntaco Museven Azobadufashije None Yihutiriki?Ntabe Yarindira Akagenda Biheze .Ahubwo Nawenyene Vyamunaniye

  • Bambuginyumvira weeeee! Nguzirana nuwowese yipfuza koamahoroyobamuburundi!? Ukazirana nuwowese yovuzeko abarundi nashaka amatora!? Erega harihabarundi bamaze kwinjirwamwo kumutima wibisizinwe!!! None nkununtu amezenkuwo ntiyokwica numugorewiwe canke umwana ekandetse numubanyi kugiraronke ivyabwiramakungu komu Burundi atamahoro!?.

  • Ahubwo ntanakimwe numva ! Mbe muganira ibiki ? Condition irazwi , Petero Nkurunziza nahave ntiyitoze! Aho niho mutegerezwa guhagarara! nayahandi muriko mucira inkonda .

  • Nturi nzorijana uri nzorinyako peee imigambi sowanyu afitiye uburundi niyihe atarukwica nokwomora abarundi? Aba congo ngo kabila sumukongo na nkurumbi muramuraba sumurundi .barundi benedada bavuga bati igihugu ntigitangwa kiragwanigwa uwuntahura antahure hageze

  • Nkebure mwebwe mwese mwifuza kuguma mu mpari zidahera: abakurambere nibo baciye umugani ngo "Akataretse kaba gasema" birashoboka ko benshi muri mwebwe mutazi icarico "agasema". Ivyo mwibaza canke mwifuza mumenye ko ata neza irimwo. Abantu turarushe ni muduhe amahoro kuko ico abarundi dukeneye n’amahoro si impari zitagira aho zifatiye naho zzidushikana. Uwudashaka amatora nareke abayashaka bayajemwo.

  • Museveni Nuwamanyanga Kuko Ntakuntuyaza Nimudoka Avuye Muri Uganda Ari President Ivyontahovyakabonetse Nukumwiyamiriza Gose

  • Ariko atwara umwanya wubusa.namuhanure ahebe ico,kiringo?bicabihera mugabo ntavyo avuga,kandi baryakamwe gumakumavi

  • Muracarota ivy’ibiringo,mana yanje?Mbega bamvuginyumvira,nareke kudutesha umwanya,dukeneye guheza amatora abatayashaka bareke,nakumbure aje mu rwanda aze nka bamwe bo mu kayanza,cnddfdd ntaco muzowugira warahezagiwe.
    Ngo muzohava mumwanka,ariko mana yanje,niyitahire négociations tuzozibandanya après les elections,murindiriye iki?Hihihiiiiiiiii.

  • Frédérick Nakomere.Abo Ba Présidents Bose Ni Bamwe!Ni Abaryi Gusa!

  • muzomwanka nyene kuk ntaco mwanz iyo muba abandi mwasanga abandi mwishamba hanyuma tukazobatoza iminwe

  • None murantangaza aho ntimubona ko uburundi bugowe umugani w’umunyarwanda atinzabitekereza

  • Ivyo Nivyo Umuhuza Ategerezwa Gushira Mungiro RAP Recherche Action Participative.Ndakwemeye.

  • Arkonamwemurantangaje Jenavutsenumva Museveni Atwara Ouganda Gshikanubu Nnahontimucamwumva Kwaruwakera Mugutwarimyakamyishi?.

  • AKATARETSE KABAGASEMA MBE KWAGOMBA KUMWANKA UBUNAHO MUSHAKUWUMEZ GT? WANKUMUGOR NGWARAHEMA UKAZANA UWITUMA MUNZU ABANYA PORITIK MUZATEBAMUSHIKE KWISIMBOYINUMA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.