Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu banyeporitike bavuga ko urupapuro rw’inzira rutubahirijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bamwe mu banyeporitike bavuga ko urupapuro rw’inzira rutubahirijwe

Bamwe mu banyeporitike bavuga ko urupapuro rw’inzira rutubahirijwe

mardi 20 Rusama 2014

Mu nzira yo kurabira hamwe ivyavuye mu rupapuro rw’inzira abanyeporitike bemeranije mu kwezi kwa Ntwarante umwaka uheze, i Bujumbura hatunganijwe uruganda rwo kurabira hamwe ibimaze kuja mu ngiro n’ibisigaye. Mu mugambwe uri ku butegetsi barashima intambwe igezweko, mu gihe mu migambwe itavuga rumwe na Reta bagifise impungenge nyinshi.

Mu majambo yashikirijwe muri iyo nama, bose bemeranije ko hari intambwe iboneka naho hakiri ibisigaye. Mu vyaranguwe bashima aha bakavuga nk’ibwirizwa shingiro ryagumye uko riri ryo mu mwaka w’2005, itegeko rigenga amatora ryemejwe n’inama nshingamateka ryumvikanweko na bose. Ariko rero, mu runani ADC Ikibiri bavuga ko icuka mu gihugu atari ciza na gato, aha atanga uturorero tw’ ibikorwa vy’urwaruka rw ’imbonerakure vyama biterwa ivyatsi ariko reta ikizimagiza ,aravuga icikamwo kubiri ry’imigambwe n’ibindi bikorwa . Mu runani ADC Ikibiri bavuga ko n’izo ntambwe zashitsweko atari Reta yazikoze kuko yo yari yateguye ivyayo ariko biranka, bavuga rero ko biteze ko Reta yoshiraho ikirangaminsi c’ibisigaye, nk’uko bishikirizwa na Léonce Ngendakumana arongoye urwo runani ADC Ikibiri.

Yohani Minani arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri avuga ko iyo nama ije hageze kuko urwo rupapuro rw’inzira ruriko rurarengwako ukuri kwamye, agatanga akarorero k’ingendo ya Reta yo gufunga uwo wose agize ukuri ashikiriza. Ku bwiwe, Reta niyo yatanguye guhonyanga ivy’urwo rupapuro rw’inzira aha agatanga akarorero ka Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH apfunzwe azira ivyo yashikirije. Yahani Minani aranegura ibiherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu aho avuga ko uwuzovuga igihuha azoca afungwa. Ku bwiwe ni iterabwoba, ni nayo mpamvu asaba Reta ko yokuraho iterabwoba ku banyeporitike.

Umuvugizi w’umugambwe CNDD-FDD, Onésime Nduwimana arashimishwa n’ibitari bike vyaranguwe. Naho hari abavuga ko n’ivyaranguwe atari ugushaka kwa Reta, uwo muvugizi wa CNDD FDD avuga ko iyo Reta yashaka gukora ibintu uko ishaka vyari gushoboka, ku bwiwe Reta yanse ko haba indyane.

Mwomenya ko iyo nama yari yitabwe n’abategetsi batari bake batandukanye, uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, abaserukira imigambwe amashami yose, yaba abemewe n’amategeko n’abatemewe n’amategeko, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, uwuserukira umurwi w’igihugu ujejwe amatora CENI, hamwe n’abaserukira amadini. Iyo nama ikaba yatewe iteka n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza. Abagiye barafata amajambo bose muri iyo nama yabaye mu mwiherero bakaba bemeranije ko amatora akwiye kuba hari icuka ciza mu gihugu.


Floxella Karire

Messages

  • Ivya CNDD FDD bizotinda bihinyuka muri 2015 kuko ikinyoma kimara umunsi ntikimara umwaka, arico gituma hakwiye kuvugwa ibibazo bibiri bikomeyearivyo:
    - Ikiringo ca gatatu Pita Nkurunziza agomba kwiyoyengera ahonyanze ibwirizwa shingiro namasezerano ya ARUSHA ,hamwe nikibazo c’IMBONERAKURE bashaka gukoresha mukwica abantu mugihe camatora , hanyuma bakabanyegeteza mu gisirikare bakoresheje amanyanga
    - Guha bwa vuba navuba imigambwe beneyo aho tuvuga cane cane AGATHON RWASA na CHARLES NDITIJE hamwe na CHAUVINEAU MUGWENGEZO ?, ataraho vyose nakajagari 2015

  • opozisiyo na sosiyete politike sivile ni bashaka icuka ciza kizoba, batabishatse birabasha.abanyagihugu icotuzi kandi twemera nuko amatora azogenda neza cane. ABARWANYA LETA BIRIRWA BARIRUKA INYUMA YA HONYANGA HONYANGA NA BANKIKIMUNE SINZI RERO KO ABO BIRWA INYUMA KO ARIBO BAZOBATORA. ICONZI NUKO OPOZISIYO YANZE UBUGORO MURI 2015. INGARUKA YUKWIKURA MUMATORA

  • IMBONERAKURE ZIVUGWA CANE KUBERA UBUKOMEZI BWUMUGAMBWE WABO CNDD=FDD. MBONERAKURE MWIRINDE ABABASOTORA UMUTI WABO BISAZA TUZOWUVUGUTA AMATORA AHEZE YA 2015.

  • UMUNTU YARABAJIJE IGITUMA MU RWANDA BARIKO BATERA IMBERE,BAMWISHURA NGO NUKO NTA RADIO ZIKORA NKA RPA,RENAISSANCE,BONESHA...,SOCIETES CIVILES NA OPPOSITION BIHARI BIKORA BIRONDERA GUCAFUZA IGIHUGU BIBAYO,KUKO BOSE BAKORA BARABA ICOTEZA IGIHUGI IMBERE,NO MU BURUNDI BOSE UMUNSI BAMENYE GUKORA BARONDERA INEZA Y ABANYAGIHUGU NIHO BAZOTERA IMBERE KUKO NTA BIBAZO BIHARI AHUBWO NIBO BABIZANA.

  • CNDD izabategeka si kimwe nka FRODEBU itajya inabaza urupfa rwa Ntaryamira kandi bazi neza ko yishwe na Kagame. Muhumure ingwe za CNDD zizabereka zihane Kagame nk’uruhinja mugihe azatangiza intambara mu Burundi we n’intagondwa z’abatutsi dore ko imyiteguro bayigeze kure mu Rwanda.

  • Ababanyabwenge bose ahobazohindurira bakavana ubwenge bwabo mukubukoresha nabi u Burundi buzoca buterimbere kuvakuri 50% bucebushika kuri 80% kukuyumusi hariko harakora bamwe abandinabo biyicariye nako sukwiyicariragusa ahubwo barondera uburyo bwogusamaza abari kukivi kugira nabobarere amaboko nkabo, namwe nimundebere umuntu arareze amaboko ntakore ariko akirirwa kumisozi aterinduru avugango: Ubukene burishe abarundi muruwomwanyanyene akiruka mubanyagihugu kubahibitasi vyoguterera ngokugira ngwaronkuburyo bwokurwanya ubutegetsi ahereye muburundi gushika no mubakungu, ubworero bamuha utwoufaranga agacaheraho ngomugihugu ntaterambere ngwiyi reta nimbi ahorero abashaka ngwanezereze bamwebirirwa bamuhuduhera, agarutserero kuribamwe bamuha udufranga atangura kubabwirango’mwaranyumvise ukuntu iyi reta naraye ndayishizehasi ndikuri radio RPA?! mazebabona abarundi batanguye kubahinyura bakacabaja kwihererekanya abashirahamwe mpuzamakungu bakabwira bamwe mubayakorera ngo nimudufashe gutangaza ibintu vyotuma twumvikana kw’Isiyose, ivyorero navyo bisigura ko bababashaka ko bobafasha guteshumutwe abarikukivi, ekantibagarukiraho babonye vyase bacabiruka Bulaya gukoresherezayo amanama ngokumbure abarundi nibababona bicaye kumurongo mumazu ya Bulaya bakoresha amanama abantu 160 ngobizobafasha ko abarundi kubagarurako agatima bababone nkibihanganye ngokubera bari Bulaya! Burya utanguye kubona nabenegihugu batanguye kuvuga ngo iyaba reta idafife abaguma bayiteshumutwe bayiburakiza ibikorwa ibimazegukora bibarivyishi gusumba ukobiri uyumusi.Ivyorero uzigukurikirana ucubonako abirirwa bita kumabuye ngobashaka gutegeka igihugu bobabarasubiza amerwe inyuma’ ahubwo ndabahamagariye gusangabandi kukivi kandi ibikorwabokora ntibibuze kandivyobeshaho imiryango yabo batarinze guhemuka nkukobari uyumusi, Dr. J Minani twagira ngonumuntu azigutandukanya icatsi nururo nguwonawe ariteranije nabenegihugu, amatwi adunsumira ngonawe yariyinjiye mugushigikira abavuga ngomu Kirundo hariyo Interahamwe hamwe nivyiyimba ryibinogo ngo vyokumuzikamwo, Kandi ukurikiranye nongaha ukuntu avugayamuhe ucubonako ashobora kuba yarabishigikiye.

  • Wowe witwa MUTABAZI ubwo bumara bwubuhutu bwawe ujye ubugumisha iwanyu i RWANDA ,ikindi kandi mwebwe bahutu bi RWANDA ntimukibagirwe ko arimwe mwakongeje uburundi mubiba urwango

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.