Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu banyeporitike bariyamiriza ikumirwa bakorerwa n’umurwi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bamwe mu banyeporitike bariyamiriza ikumirwa bakorerwa n’umurwi (...)

Bamwe mu banyeporitike bariyamiriza ikumirwa bakorerwa n’umurwi CENI

dimanche 7 Nyakanga 2014

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI watunganije guhera kuri uno wa 5 Nyakanga 2014, urukurikirane rw’amanama hamwe n’abo bose begwa n’ikibazo c’amatora, bakaba batanguriye ku bakuru b’imigambwe, ariko hakaba hari umurwi w’abidoga ko bakumiriwe muri ayo manama.

Ayo manama agamije gushiraho ya mirwi ijejwe gutegura amatora mu ntara no mu makomine CEPI (Commission Eléctorale Provinciale Indépendante) na CECI(Commission Eléctorale Communale Indepéndante).
Ariko rero, muri ayo manama, hari abanyeporitike batatumiwe (bamwe bita mu rurimi rw’igifaransa "Acteurs politiques" : Abakinyi ba poritike).

Umukuru w’umurwi CENI avuga ko mu mategeko y’Uburundi ata na hamwe haboneka iryo jambo "Acteurs politiques", yaba mw’ibwirizwa shingiro canke mw’itegeko rigenga amatora. Ku rundi ruhande, imigambwe icenda hamwe na bamwe muri abo bita "Acteurs politiques" bandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, hamwe n’ivyegera vyiwe bibiri, hamwe n’umukuru w’umurwi CENI, bakaba basaba umuco mw’itegurwa ry’amatora "Transparence dans la gestion du processus éléctoral de 2015."

Murwi urwo rwandiko, basaba ko imibonano yose yoba idakumira, kandi ntabe amanama yo kumenyesha abantu gusa, mu gihe ingingo zo ziba zaramaze gufatwa. Basaba ko inani z’imigambwe hamwe nabo bita aba "Acteurs politiques" nabo botumirwa muri ayo manama n’ivyo bikorwa vyose bijanye no gutegura amatora yo mu mwaka w’2015.

Tubamenyeshe ko imigambwe hamwe n’abo bita aba "Acteurs politiques :abakinyi ba poritike) bateye umukono kuri urwo rwandiko rwarungikiwe umukuru w’igihugu ari FNL yo kwa Agathon Rwasa, CNDD yo kwa Léonard Nyangoma, FRODEBU, MSD, PIT, UPD yo kwa Chevineau Mugwengezo, ADR, PARENA hamwe na FEDS.

Tubibutse ko mu ndwi iza naho hategekanijwe amanama hagati y’umurwi CENI n’abasanzwe bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’abasanzwe barongoye amadini.


Floxella Karire

Messages

  • La démoctatie du plus fort est toujours la meilleure"uko niko bimeze mubururundi "Diviser pour reigner" ibintu ntizera ko bitazokwamaho muminsi canke mugihe kizoza mu Burundi!!!CNDD itarabaho Uburundi bwariho ninkuko izovaho Uburundi bw’IMANA bukamaho na bene Burundi..Mbwire yemwe ko KADAFI yiyita umwami wa Africa avuyeho Afrika ntikiriho canke Libya ubwayo ukw’imeze kose ubu?????Shame for anyone who only feels to deserve the Almight God’s proparty anywhere in this world!!!Shame to all Unlettered Cndd people from the bush just for killing our nation Burundi just for peace of chocolate!!!Soon u’ll be said as invaluable bushmen who stole our nation’s beef

  • Vy’ukuri numva nosaba ko bokuraho igifaransa iwacu kuko abihugu vyacu wogira ngo nta patriotism spirit abafaransa bigeze bigisha amakoloni babo ahubwo wokwibaza ko ata bize baba iwacu nagato kukon’uwizeahera mukwigiza kure benewabo nogusehera munda yiwe hakwitaho INEZA N’ITERAMBERE vy’igihugu camwibarutse............Vy’ukuri iyaba Kagame atarwaye kwica abahutu yama yita FDLR economic plans ziwe zari nziza cane ahubwo yoje akavanaho ubwo bunyeshamba bw’aba DD bitayeho gutevya finance yacu!!

  • Ubwoba misi yose buratuma umuntu akora ivyo atokoze.mbabazwa n,ikintu kimwe gusa kuko ico bamaze imyaka n,imyaka bagwanya<akarenganyo,agacinyizo,...>ubu nibo babikora gusumvya mbere za ntwaro twita ko arimbi.

  • ndababwira ntimwumva ,mudakujeyo ubuhiri aba DD ntibarekura?jacque et concilie etc nugo rugabo rwa cni mutabarugitse mwijuru ntamahigwe mufise1%

  • Uyu mutama Rwasa vyoba vyiza atwaye uburundi.Kuko ivyohinduka vyoba vyishi mugihugu.

  • Mpeje gusoma ama comants araho nsanze harihabantu bagiye kwica nintuntu yokwifuza gutwara kandi ivyogutwara kwabo bitarivyejo! Nonegayemwe kotubona bahangayitse kandinabo arabarundi nkatwe mubona twobafashiki? Kuzobaha amajwiyacunaho ntitugeza kukko bafise ibitutsibiraho nubugesera, iriko icotuzobafasha nukubasengera bagabanye ibitutsi nokwifuza ivyamugenziwawe navyo ninko kubabazwa nuko babona umugambwe ufise abanwanyi beshi cane bakumvamengo barahumiwe! Mwihangane kuko nubwomwebwe mutogera uvyomushaka abanabanyi cankabuzukuru bazishika ahamezeneza igikuru nuko mwogabanya kuguma muri’ baa Niwankabimeneke.

  • Jewe nama ndababwira. Umwansi mukulu abarundi dufise nabo bagabo BA opposition. Kuko bo bakunda ubutegetsi kuburyo naho yoba shetani ububazaniye bobwakira. Niyo ma groupe ya ba Twagiramungu, Kavaruganda, Sendashonga , kanyarengwe, Agata nabandi. Uwumva niyumve kandi

  • Mwe nimureke kuvg menshi!ivyo mubona mubutegetsi!n’ivyo imana yishiriyeho!nimugire urupfasoni mumeny k imvugo atiriy ngiro!kand ng intambara zibihori zivyibusha ibisiga!rek turindire amatora!ivy muvga namwe n’ivyo bazobavgako!mb k mwiyamamaz ng muzdha amatara n’amazi nind arabiduha!tenyenya!

  • Ce matin les burundais ont appris une triste nouvelle de la mort de deux religieuses d’origine italienne assassinées àKamenge dans la ville de Bujumbura. Selon l’AFP, ces deux religieuses italiennes âgées ont été tuées dimanche 7 septembre dans un couvent de Kamenge, une commune de la périphérie de Bujumbura, par un jeune homme qui a pris la fuite, selon des sources administrative et policière. Selon les autorités italiennes, les victimes s’appelaient Olga Raschietti et Lucia Pulici, elles étaient membres d’une communauté missionnaire inspirée du jésuite Saint François-Xavier et installée au nord de Bujumbura.

    Les Evêques burundais avec le Pape Francois

    Selon le diocèse de Parme (Italie), qui a diffusé des photos des deux religieuses en civil, visage avenant, elles ont été tuées lors d’une tentative de cambriolage menée par « une personne déséquilibrée ». A priori, le vol n’est pas le motif du crime. Un coopérant italien et une religieuse croate avaient été assassinés en novembre 2011 dans leur mission religieuse àNgozi, dans le nord du Burundi. Leurs deux jeunes assassins, rapidement arrêtés, avaient indiqué avoir agi pour des motifs crapuleux.

    Ils avaient été condamnés quelques jours plus tard àla prison àvie, après une procédure expresse de flagrant délit. Le Burundi, petit pays d’Afrique des Grands Lacs àl’histoire marquée par de nombreuses violences ethniques, est sorti d’une décennie de guerre civile en 2006 (par AFP).

    Les deux soeurs assassinées avec les amies burundaises

    Mais des nouvelles qui nous parviennent de l’ambassade du Burundi àBruxelles, donnent une autre version des faits. Selon l’ambassade du Burundi en Belgique, les deux sœurs, Lucia et Olga, d’origines italiennes ont été assassinées par des rwandais proches de l’opposition. La police burundaise est àla recherche de ces deux criminels. Les recherches sont orientées vers les résidences des membres de l’ADC-IKIBIRI.

    selon toujours l’ambassadeur du Burundi en Belgique, Monsieur NDAYISENGA Felix. L’ambassadeur est allé encore plus loin en affirmant qu’une source non autorisée porte àcroire que ces criminels rwandais appartiendraient aux services de renseignements rwandais (DMI). On sent un crash prochain entre les deux pays vu les déclarations engageant la diplomatie burundaise venant de l’ ambassade burundaise àBruxelles.

    Lisez ici pour plus de détails en Kirundi: http://ingoma.bi/Ibara-ryaraye-riguye-Mu-Kamenge.html

    Ikaze Iwacu avait aussi prévenu la déstabilisation du Burundi par les anciens soldats de RDF qui sont nés au Burundi et depuis le début de cette année ils ont été entraînés au Rwanda dans les camps de Gako et Gabiro. Ces jeunes burundais étaient parmi les soldats que l’armée rwandaise a envoyé àKinshasa pour aider Joseph Kabila àbien massacrer les congolais. Paul Kagame avait lui même insisté qu’ils partent au Congo pour acquérir l’expérience opérationnelle de combat:

    http://ikazeiwacu.fr/2014/06/17/rwanda-rdc-le-contract-secret-entre-kagame-et-kabila-denvoyer-les-forces-speciales-rwandaises-a-kinshasa/

    http://ikazeiwacu.fr/2014/05/26/burundi-intasi-za-rdf-i-bujumbura-ngo-ziteguye-kugaba-ibitero-ku-bigo-bikomeye-byingabo-zuburundi/

    Par un Correspondant

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.