IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu barundi baba hanze basaba bagenzi babo gufasha igihugu (...)

Bamwe mu barundi baba hanze basaba bagenzi babo gufasha igihugu c’amavukiro

lundi 4 Myandagaro 2014

Bamwe mu barundi baba hanze bari bitavye indwi yabahariwe mu burundi bamenyesha ko baciye baharonkera akaryo ko gushika iwabo, mu ntumbero yogufasha mu bikorwa bitandukanye vy’iterambere.

John Clinton Nsengiyumva arongoye Fondation Nsengiyumva Global Development

Mu kiganiro umwe mu barundi baba mu gihugu ca Canada yahaye ikinyamakuru IGIHE, John Clinton Nsengiyumva akaba yatumenyesheje ko abicishije mw’ishirahamwe arongoye Fondation Nsengiyumva Global Development, azoca aronkeraho akanya ko gutanga ibikoresho vy’ishure ku bana ba ntaho nikora n’abandi bari mu buzima bugoye,bo mu ntara ya Bujumbura Rural, eka no muri bimwe mu bibanza bibamwo abana b’impfuvyi mu gisagara ca Bujumbura.

John Clinton Nsengiyumva akaba asaba abandi barundi baba mu bihugu bitandukanye vyo hanze, ko batokwibaza ko bashitse iyo bari, nyabuna ko bogerageza bagaterera uko bashoboye mu bikorwa bitandukanye vy’igihugu haba mu nkino, mu ndero, mu butunzi n’ibindi. Atanga akarorero ku gihugu ca Nigeria, aho avuga ko ukurikiranye kahise k’ico gihugu, catejwe imbere n’abanyagihugu baco bagiye kuba mu bihugu vya rutura.

Avuga ko hamwe abarundi nabo bogaruka bagafasha, vyotuma igihugu gitera imbere haba mu mibano,mu ndero, muri poritike, eka n’ubutunzi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Je ndashigikiy iciyumviro c’uko umurundi uwariw wes ari hanz afis uburyo(amahera) yoza agafasha mukwubaka igihugu kko burundi bwejo burakenye hamw boza bagaha urwaruka ama credit kugira bishikane kuntabw mubuzima vyofasha gurusha kko nibababakoranya bakabigisha uko bokwiteza imber bizofasha cane guteza imber igihugu no kwikura mubukene cane cane kugwaruka rufis imigambJe ndashigikiy iciyumviro c’uko umurundi uwariw wes ari hanz afis uburyo(amahera) yoza agafasha mukwubaka igihugu kko burundi bwejo burakenye hamw boza bagaha urwaruka ama credit kugira bishikane kuntabw mubuzima vyofasha gurusha kko nibababakoranya bakabigisha uko bokwiteza imber bizofasha cane guteza imber igihugu no kwikura mubukene cane cane kugwaruka rufis imigambJe ndashigikiy iciyumviro c’uko umurundi uwariw wes ari hanz afis uburyo(amahera) yoza agafasha mukwubaka igihugu kko burundi bwejo burakenye hamw boza bagaha urwaruka ama credit kugira bishikane kuntabw mubuzima vyofasha gurusha kko nibababakoranya bakabigisha uko bokwiteza imber bizofasha cane guteza imber igihugu no kwikura mubukene cane cane kugwaruka rufis imigambJe ndashigikiy iciyumviro c’uko umurundi uwariw wes ari hanz afis uburyo(amahera) yoza agafasha mukwubaka igihugu kko burundi bwejo burakenye hamw boza bagaha urwaruka ama credit kugira bishikane kuntabw mubuzima vyofasha gurusha kko nibababakoranya bakabigisha uko bokwiteza imber bizofasha cane guteza imber igihugu no kwikura mubukene cane cane kugwaruka rufis imigambi irash!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.