Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu bitatu vyagaragaje ko bishigikiye ukwitoza ubwa gatatu kwa Petero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Ibihugu bitatu vyagaragaje ko bishigikiye ukwitoza ubwa gatatu kwa Petero (...)

Ibihugu bitatu vyagaragaje ko bishigikiye ukwitoza ubwa gatatu kwa Petero Nkurunziza

jeudi 27 Munyonyo 2014

Bamwe mu baserukira ibihugu vyabo bamenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashobora gusubira kwitoza ku ncuro ya gatatu nk’uko babibwiye ikinyamakuru The East African, kandi bizoba bikurikije amategeko.

Ken Vitisia aserukira igihugu ca Kenya mu Burundi, avuga ko hamwe Petero Nkurunziza yokwitoreza kuyobora Uburundi ku ncuro ya gatatu, atazoba arenze ibwirizwa nshingiro canke amasezerano y’i Arusha yateweko umukono mu mwaka w’2000. Ivyo bikaba bisa ndetse n’ibivugwa n’abaserukira ibihugu vy’Ubuganda na Tanzaniya mu Burundi Matayo Kyaligonza na James Nzagi, ndetse banemeza ko atangorane mu vya poritike ziri mu Burundi imbere y’amatora yo mu mwaka w’2015 nk’uko bishikirizwa na bimwe mu binyamakuru.

Ivyo rero vyashikirijwe n’abo baserukira ibihugu bisanzwe bisangiye akarere n’Uburundi, bikaba bisa n’ibitandukanye na bimwe mu vyegeranyo bitangwa n’amashirahamwe ataho yegamiye mu Burundi eka na mpuzamakungu harimwo na bamwe mu bahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ashikiriza bimwe mu bitagenda neza, yaba iburagizwa rikorerwa abatavuga rumwe na Reta, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, amaradiyo n’abandi barengutswa agasakisaki mu butungane.

Eka mbere mukamenya ko ukwitoza ku ncuro ya gatatu kwa Petero Nkurunziza kumaze n’ukwiyamirizwa n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, aho amenyesha ko ukwitoza ubwa gatatu kwiwe gushobora gukwega ingorane zikomeye mu Burundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Kwitoza kwa Nkurunziza vyoteza ingorane zikomeye gose, kuko intambara izoca itangura na cane cane ko imitwe yitwaje ibigwanisho izoba ironse imvo yo kugwana, naho abo bahagarariye ibihugu vyabo mu Burundi, nugukoma yombi ngo bakomeze gupfama igihugu munda, Inzara, ubwicanyi, Ubukene, ingorane z’urudaca ngo mu burundi nta kibazo ca Politke gihari ga ntu? Mbega bobo babahe? nta maso bafise?

  • Ni bamureke yitoze hama uwutamushaka amwime ijwi! Ikibazo kiri he?

  • Abariko barata umwanya nibihute hakiri kare baje muri CNDD_FDD abasigaye nabo baje muri UPRONA ntabudumbidumbi dukeneye,abo bakinyi ba polike bareke kujuragiza abanyagihugu reka yitoze.

  • Abo baserukira ivyo bihugu bibanyi ntakundi bovuga kuko nabone bagerageza kwigumizakubutegetsi nkuko petero nkurunziza ashaka kubigira.kuba rero bavuze gutyo nuko basangiye amanyanga.peter mandat yiwe buca ihera nareke abandi nabo bagerageze kuko intwaro yiwe yaranzwe nubwicanyi butagira izina,nugupfunga abantu babahora ivyiyumvito vyabo.ni bareke habe amatora yo mu muco uwuzotsinda yemere ivyavuyemwo niko bimeze no mubihugubiteye imbere,none mu myaka cumi amahera peter na groupe yiwe ntibayaronse!!!niyaba ashaka gusesa amaraso,niyirohe kuko na wene ntazosigara.

  • Mbega Aho Yorenga Amasezera Yibwirizwa Nshingiro Yoba Abikuy Kuki?Yoba Asumba Abateye Umukono.

  • Nizigiyimananawe uzoce ugenda ufate ibirwanisho kugira iyo ngwano izoherere iwawe.Mutama peter kenyera turongeratguhunde amajwi ikivyimba kimeneke uwuzozana iyo ngwano tuzomufata amatwi.kera twayirwanisha ibihiri ,ubu ntabwoba

  • Kenya ntaco yigisha abarundi. Niho president na vice-president wabo batwawe Hage kubera ubwicanyi buvuye Ku matora. None nashaka Nkurunziza abasangeyo. Mbe Uganda yovuga iki? Hari Democracy bazi nta Museveni dushaka I Burundi. Naja nago tura mwiyamiriza ntakabuza. Ivya Tanzania vyo birazwi. Sibo bishe Gahutu Remy. Abo Bose turazi Yuko nta neza bashakira uburundi. Kenya nibanze ikubure k’urugo rwabo kuko Al shababa irabakwiriye.

  • Uuuh,ewe abasukanyi!Abo baserukira ubwo buhugu baruta Amerika n’Uburayi BA.aze kumubuza ko atohirahira Ngo yitoze,ends aha Peter bigerageze ko wiyita umugabo wibonereko,ubu ho Si 2010,umugani wa wamuvugabutumwa,uzogaburirwa ibishimbo uri mw’ishamba,binakenewe tukuzimanganye ariko ntawokwica utabanje kwishura ibibi wakoze.Byebye dd ya nkurumbi

  • - Iyo ni MANUPILATION POLITIQUE ET PRISE DE POSITION
    - Ntarekuriwe na gato kwitoza ikiringo ciwe twisunze ACCORD D’ARUSHE NA CONSTITUTION , ntibimurekurira kwitoza , abo baserukira tanzanie Ouganda na kenya barafise ikindi cinyegeje inyuma ataraho naho bahawe igiturire kugira bashigikire umuntu Mandats ziwe zaheze ntagombe kuva kubutegetsi Kubera agomba gukingira ubwicanyi , ubusuma nayandi manyembwa akabije vyaranze intwaro yiwe
    - yaba ONU , Ueuropéenne , UAFRICAINE ntanumwe ashigikiye ivyo abo bantu bahejeje kuvuga
    - Ukwitoza kwiwe kwotera ibibazo bikomeye mu Burundi,
    - Niyemere DEMOCRATIE ataraho azoba agize coup d ETAT
    - Ayo mahera yigihugu birirwa baronona ngo bariko bazunguruka amakungu , basaba ko yobashigikira ABARUNDI BISHWE NINZARA nibageze aho ntakintu nakimwe kizovamwo USA na FRANCE batavyemeje!!!!
    - Mbe Peter ko yagomba guhindura ibwirizwa shingiro akuyeko VISA DE L’ACCORD d’ARUSHA na ART 302 bikamunanira ico conyene kirerekana ko atemerewe na goto kwitoza nabise abandi kuko IL N’EST NI UN ROI NI UN EMPERREUR.

  • na burkinafaso niko bahenda Blaise none ubu ageze he ? haaaa niyishinga abandi ntakore ikiri mumutima wiwe koko niyaba asenga azobibona wait and see!

  • NAGENDE AMAHORO NIMBA AKUNDA UMURYANGO WIWE NATWEBWE ABARUNDI MURAKOZE

  • Jewe sinzi ico muriko murapfa! Pour moi, cette information est un non événement! Ce ne sont que quatre diplômates qui soutiennent la candidature en question et non leurs pays! Quand les nations s’expriment et apportent leurs soutient, ce n’est jamais par le biais de simples ambassadeurs, mais par des "canaux officiels" et non des interviews dans la presse... Muriko mupfa ubusa!

  • Yaco muba murota intambara ,mbega yohera iwanyu.ugasanga atahandi iri ikamara abawe gusa vyokuryohera.yaco rero mwipfuza uwo muvumo mugihu cacu.Aho mwosenzeeee

  • Mukinda mugaramye,mukinda mwubamye ,amatora azogenda neza kandi CNDD FDD iirashiriye.sshirirahishishi ...

  • Nimureke Kutana Kwa Majambo Nimba Yatwaye Nabi Ntikizobuzwa Kwa Tsindwa Iriko Tumenyene Neza Ko Ariwe Yakuye Igihugu Mumanga Ntimusubire Kwiyumvira Intambara Uwutayizi Ntayazi Sigaho Nimusengere Amatora Aze Agende Neza Nayo Uvyubukene Ninzara Bizokwamaho Kugeza Kumuhero Wisi

  • tuzoca twiyahura canke tuzocatujahe nah;IMANA

  • tuzoca twiyahura canke tuzocatujahe nah;IMANA

  • JE MBERE NDYOHEWE NUWO YIPFUZA INTAMBARA.ARIKO AZI KUVUGA DD GUSA NTA ICARICO,AHUBWO IYO AYITANGURANA NA KABIRIGI BAKAYIMARIRA RIMWE.NONE GA MURIBAZA KO TWOBA TWARIBAGIYE IVYO MWADUKOREYE TUGACA TWIBAGIRA KUGWANA!!!AHUBWO TUZOBA DUTOMBOYE MWINJIYIKIBIRA TUZOBA TURONSE AHO TUBAHONEREZA ABAFISE BOSE AGATIMA KO GUSUBIZA IGIHUGU MUNTAMBARA.MURABAZA SINDUHIJE,TWE DUTERA IBISASU VYO MUBWENGE NO MUMBAVU.AHUBWO RERO BASHA BWIRANA MWESE MWITONDE AMATORA AGENDE NEZA KUGIRA BAMWE BARONKE NUBUSHINGA MATEKA KUKO MUZOHAVA MUMERA NKA 2010 MUSHUKANE UWARI UWAKABIRI ABURE VYOSE.NUKURI TURITEGUYE KUTERA IBISU VYO MUMUTWE UMUNTU WESE AZOROTA AKAGUMA NKA SINDUHIJE NIBAZA KO MWABIBONYE.THANKS

  • Eee!Peter arakwiye kuyobora igihugu nk’incuro nka 10.kuko niho Uburundi bwotera imbere.uwutavyemera aharire ambaza.

  • mbega abobagomba koyokwitoz ubwagatatu murabarabaneza kobarway mumutw bagomba kutugaya twbw abarundi yuko tutazibiri mwibwirizwashingiro namasezrano yiyarusha nibaj hiyo nizere nonho nawenyn nkurunziza arakunda uburundi ntavyoyokubahuka aramaz kubona yuko abamusaba kudasubira kwitoza aribshi mutama nkurunziza mukabirngako nimana yomwijuru gusa dusengr iburundi.

  • Hahahahahhhh ivyo bavyita strategies cg umukenyuro. Ark barahumba amategeko ategerezwa gukwirikizwa. Pour briguer un 3emandat NKURUNZIZA cherche du soutien a partir de l’exterieur ark icoyibagira nuko abarundi batarota bahesha. None muri dd ntabandi bashobora gutwara atari Peter? Nibapfume basi baha chance RWEMBE yipime.

  • narekere abandi kukoinosi sirwacu abarundi barayamaze ngumumiraguzi wibishushe namenyayuko ibihoze biryoshe nadadike vyotera akajagari nabobavugako aricobokora hobindurubohunga

  • yitoje kuri jewe ntakibazo nn gayemwe azokwitora ?sitwe tuzotora?tuzomushimira canke tumugayire.ntiducinke intege rero

  • kuba kwisi sivyoroshe,kubaho tutazi ivyo twandikiwe sivyoroshe:umugisha burya ni nkingabire ,abinana yahaye umugisha barawuvukana bakawusaza:hari n’abandi bazova mu bwami bwisi neza baja mu bwami jwijuru,jewe mbona hoba gusengera abaganza kenshi kweri bashe!!

  • Burya turafise abarundi batazi icobita amategeko, mutigute? bamwengo Nkurunziza ntiyemerewe kuzokwitoza, kandimuvyukuri mumasezerano y’Arusha aravuganeza ko mu Burundi umukuru wigihugu yemerewe witoza ibiringo 2 yitorerwa nabarundi bonyene ubwabo. Ikindi kuberiki kuvugako Nkurunziza azokwitoza bacababona ko ari cashi kuri CNDD fDD? Jewe nagirabumvise kwazokwitoza bocabanezererwa kuberabamaze imyaka bavugako abarundi birirwa babatuma kuvugira kuma radiyo ngobararemvye kubera gutwaranabi kwangurunziza ngobaramurambiwe ivyovyose nibaza ko bokwishimira kwitoza kwa Nkurunziza kubaziko babenegihugu bamabarira kwabatwayenabi bozocabahunda amajwi abandi bakareka kuyaha Nkurunziza!? Ahonyene nihoncambandanyiriza mbwira abavugako intambara ngwizociba mbenibande bazoyikora? nimumbarire kwari Ubufransa buzoyirwana, nimumbarirekwari Amerika izoyirwana nimumbarire icogihugu caricocose kizoyirwana? Ndibaza kwatakihari, niyabarero atakihari mubamushatse kuvugako arabarundi bazokwirwanira ubwabo, niyaba arabarundi bazokwirwanira ubwabo mbega abazotanguza ubwobwicanyi nibande? Nimumbarire abobantu biyumvamwo kobahambaye mugutanguza intamba abaribo? Rekarero ndababwire ahamubona guhera nyumayamatora 2010 abarundi bataribake bagumyebagabirije bibazako hogira uwaduka ngwateze intambara mu Burundi imyaka ine iraheze sukuvugakorero mutabigerageje nuko hariho abakomeje kuwubazimirizako utarashikira mubabanyi banyu ngirango muribuka ukobawuzimirijeko Sinduhije nabandi, ibindababwiye siterabwoba ngokugira ntimwitangurize ubwobwicanyi mumazemwo imisimutegura, ariko murabikora muzosanga hariho ababategereje mbese babasumvya ubukaka. Rekandangize ndabibutsa ko nakera uburundi bugitwarwa nubwokobumwe ba batutsi bari 14% baragunagije abahutu barenga 84% imyaka irenga 40 gushika amahanga aje agasaba abatutsi ati turabasavye muhe utubanza abahutunabo munzego za reta nahandimugihugu nikokuvugati mugabo nubwo abahutu aribeshi ntibazohabwa imyanya myishi kuturusha atituzonganya 50/50 kandikovyagenze. uburero iyintambara yinzarayoyo murayitanguza hariho abasanzwe badasinzira kubera mwatebeje kuyitanguza ngobabereke ukwurusato rwitama rwambarwa.

  • Komera president wacu ukwanka asongore imyo nkivubi uritoza abarundi ivyo wabakoreye barashima abagore bibungenze na bana eka nabandi bantu batandukanye bavurwa kubuntu

  • ooooohhh piiiiiiiii bye dddddddddddddd murahumbaaaaaaa

  • mukozi w’imana numva wokwumvira imana cane kuko first lady yatubgiy ko uhoraho yari yaravuz ko uzoba sebarundi .umvira iyagusutseko amavuta hama urabe ingene uroranigwa .murakoze .

  • Uwo mugabo twaramuhaze nagende gutera amavoka naho yayaheranye hamwe nogukina umupira ivyo gutwara vyaramutaye kuwamazi!!!!!

  • Barahejeje kumusuka, arihenda ajane nagwo!! erega dd y’i Burundi sico kimwe na CCM (Tanzaniya) bama biba amatora atacamira! baramuhenze ngo baramunyegeje ari mw’ishamba ngo none n’ubu ngo bigume uko??? Abo bo ntihabuze inyungu zabo nyene bariko bararondera, ntibakeneye ko iki gihugu kimera neza. Abo bose bagize ama commentaires y’ukumushigikira, ni ibijuju biheza. Mbega muri dd harabuze uwundi yokwitoza?? vyahora bivugwa ko muri dd huzuyeyo "inkandagirabitabo" none biragaragaye! dd ni icire birarura, nibaza ko n’abayikurikiye bamaze kubona ko bakurikiye ubwije, kiretse gusa za maraya z’abatutsikazi zabo, zatawe n’inda zabo, zambika ibara abagabo bazo, baba abahabara b’aba dd ngo ni uko bababonana inoti!!! zirigorewe aho bukera ziza kwirukanwa mu ngo, zigware zirembe, zigware kwashi n’imvunja!!! barayamaze bati :"UHEZA KUGOKA IBIGORI BIKERA".

  • Mbe hitoje uwundi wo muri DD twovyemera?nimba twovyemernikuvugako peter akomeye yizerwa nabanyagihugu kuko dutinya ko bosubira kumutora!!!nimba twiyiziko twotsinda amatora ni mureke duhiganwe kuko tuvyanse bica biboneka ko peter akundwa.ahubwo basi tuvugengoDD ntiyitoze rero!!!!!mwebwe mwumva ntavuze ukuri?

  • Ntacamuhanuye nimba arabo bamuhanuye?jewe nagira nabandi ??niyitoze tuzoba turaba ingene abarundi ari ibigugu

  • Barundi tuve hasi dusenge Imana kuko igihugu cacu kigiye guhura n’ivyago bitaribwaboneke,adolphe na guillaume bunyoni babahinduriye amabanga bahora bakora kugira bahumye amaso abarundi,ubu naho president ngo azokwitoza ubugira3,hama agato nawe bamwankiye ngo ntazokwitoza.barundi tube maso kuko tugiye kwicwa nabi.

  • Hahaha mbega kobaguma basira imbere nkurunziza mumugambwe ntawundi bafise? Nibareke kwimaramaza kubera bazi kwazi kwiba amatora nicogituma bamusira imbere barihenda aho nagende aruhuke ivyakoreye abarundi biramaze mbega yosubira gutwara abarundi twogarukirahehe? Ahantu abicanyi aribo bivugira!! Eka amabiyose abayakora. Baridegemvya ahubwo wogira ntanumukuruwigihugu tugira aho mu burundi nagende atware atamena ivyiwe nibirebire sivyo kuvuga yoooooo mbega yosubira gutwara abarundi ntitwoba tunyagije!!! Nonoho niho twoba tugipfa nikigoyi!!! Mana fasha abarundi turarusheee

  • @ Kibwa cibwami, niwihangane ningombwa asubire kugutwara iyindimuaka 5 mpaka mumwaka 2020 mukwezi kwindwi kwawo, hanyuma ucewongera utwarwe nikindi gishirira cikigumyabanga iyindimuaka 10 nukuvuga kugera mumwaka 2030 munyuma hazoca hakurikira ikindi gishiro kizoywarekugera muri 2040 ahonihogejeje kukonibazako abantu mwuzuwemwo amarementanya imyaka yuburambe izobibabangamiye nukuvugako abafise guhera kumwaka umwewamavuka kuruyimusi kugeza kubafise imyaka 20 nibobazobabiganje munzegonkazose zigize igihugu.

  • Uburundi bwaraguzwe abobagabo batatu baserukira abarundi canke baserukira ibihugu vyabo? nibabashaka kuba abarundi nibabivuge bitoze tubatore kwatangorane ziri muri politk abarundi bahungiki?

  • Bagenzi je murambabarira,ubu aya masaha sindi no Muburundi,mugabo ngomba ndababwire ivyo narose hirya yejo.n’ukuri narose yuko Cndd fdd itsinze amatora,nkaba neretswe ko ivyo bintu vyatangaje abantu benshi.nukuri sinzi ico mwobivugako.

  • Abwo nsenze abarundi twikunda ntabwo dukunda abanyagihugu peee!! None ko bamwe bavuga ngo Peter aveko mbega mwanka uwukundwa nabenshi!? Mwbwe murazotora uwundi mushaka hanyuma uyo mumureke yitoze namwe muzomwime amajwi yanyu!! Jeho mbona ko hogumaho uwukundwa na benshi!!

  • twarahiriwe twe twaronse umukuru w .ighugu nka NKURUNZIZA. Imana rugira vyose imwongere imisi yo kubaho. Imana ihezagire umukuru w.igihugu cacu c.uburundi yongere ibabarire abo bose bifuriza inabi umukuru w.igihugu.

  • ABAKENEYE KWITOZA BOSE, NIBITOZE HANYUMA ABANYAGIHUGU BASE BIHITIREMWO.

  • nukuri uburenganzir arabufis 100%kand Tuzomutora,abatavyemera Nabo Yab Abanye Politikn Hamwe Nab Babesh Ko Atah Begamiy Bafis Intumbero Itazwi Kand Inadutey Amakeng,gus Bazocir Kuko Birarura.

  • Kabisa umuku wigihugu cuburundi yatoranijwe nimana nibamureke atuyobore turamwishimiy kukotuzi ahoyatuvanye uwanka peteronkurunziza abayaka uburundi nabakibaKabisa umuku wigihugu cuburundi yatoranijwe nimana nibamureke atuyobore turamwishimiy kukotuzi ahoyatuvanye uwanka peteronkurunziza abayaka uburundi nabakibamwo

  • Kabisa umuku wigihugu cuburundi yatoranijwe nimana nibamureke atuyobore turamwishimiy kukotuzi ahoyatuvanye uwanka peteronkurunziza abayaka uburundi nabakibaKabisa umuku wigihugu cuburundi yatoranijwe nimana nibamureke atuyobore turamwishimiy kukotuzi ahoyatuvanye uwanka peteronkurunziza abayaka uburundi nabakibamwo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.