Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu bashingamateka basaba irekurwa rya Petero Karaveri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bamwe mu bashingamateka basaba irekurwa rya Petero Karaveri (...)

Bamwe mu bashingamateka basaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa

lundi 19 Rusama 2014

Ipfungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfungwa APRODH ribandanya kwiyamirizwa n’abatari bake, yaba abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike ndetse n’imigambwe.

Abashingamateka bo mu mugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye, bariyamiriza iryo pfungwa, mu gihe yafashwe ku vyo yashikirije, kandi avuga ko yagize amatohoza, ndetse agaha n’umuco igiporisi ku vyo yatohoje, ku rwaruka rujanwa mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ndetse akavuga n’abajana urwo rwaruka.

Abo bashingamateka nk’uko bishikirizwa n’uwurongoye uwo murwi Juvénal Gahungu, basaba ko Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa vuba bwango, ndetse bagasaba ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kugira amatohoza kuri abo bavugwa ko bariko bajanwa muri Kongo, ndetse hanamenyekane n’imvo ituma abo bana b’Uburundi bajanwa kwigishwa ivyagisirikare.

Mukamenya ko Petero Karaveri Mbonimpa yaraye akwije ijoro rya gatatu ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho yajanywe ku wa 16 Rusama, ku mugoroba.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mbega none ko PC Mbonimpa mw’ishirahamwe APRODH yavugira kandi akitaho bidasanzwe agateka k’abantu na canecane abapfunzwe, mugihe apfunzwe iryo shirahamwe ko ataco rivuga, wewe ntagateka kiwe kokwitabwaho kugira ntarenganywe canke ngo ntampungenge ko yohohoterwa?

    Mbega ko abantu batari bake (politike n’amashirahamwe) bijukiye kwitura ONU bisigura iki? Leta y’uburundi bayiha ikibanza ikihe? Hamwe mubihugu vyose vyo kw’isi bokwitura ONU nk’uku vyogenda gute? Ingorane uburundi bufise ni mpuzamakungu canke ntahandi ziri?

  • Ukwo kwama muvugango ONU ONU kubarundi bamwebamwe bifize icobisigura, birimuriwamugambi wokurwanya ibikozwe na reta vyarivyovyose, igituma baguma bavuga ONU umwanya wariwose niwamugambi wogupinga reta kwawamugambi woguhindura ryazina ryarya shami rya ONU ryarisanzwe rikorera mu Burundi, babarero bashaka kwamabigiriye muri ONU kugira ivyobashaka abarivyobibagusa reta nayo izimangane nkiyatsinzwe noneho yademocratie ibonekera mukwitwarirwa nabomubamwaritoreye abarundi bazogireguti basange abobitoreye ntajambobagira kubera ikibanzacabo camaze kujamumaboko yumuvyeyi wohejuru ariwe ONU, ivyorero muravyifuza ariko ntibizokunda kuko ONU sumwana,ahubwomumisi muzokwitwa abanyagasheshe kw’Isiyose!

  • UWO MUTAMA AZOREKURWA ABANJE KWERE KUBIJANYE NIVYAHA YAGIRIZWA AHANDIHO LETA YUBURUNDI IRIGENGA NTIKORERA KUBWOBA BWABO BATAVUGA RUMWE.

  • TWITURA ONU KUKO RETA YEREKANA KO ISHAKA GUKAMBIRIZA ABO IDASHAKA NKA MBONIMPA NONE NTIBIGARAGARA!!!!NTA DD YOREKURA UWUVUGA IMBONERAKURE N IBIBI VY IPEREREZA...

  • IVYO UMUVUGIZI WALETA FILIPO YAVUZE KO ABO BASHINGANTAHE BATUNZWE NUKUDANDAZA IBIZIGA BIRASOHOYE. IBURUNDI NTABAGIPFA BAGEZE AHO BADANDAZA IBIZIGA VYA M23 HAHAHAHAHAAAAAAA

  • BANTU BI Mana nobasaba gusenga Imana izigame igihugu ci Burundi,biboneka ko bamwe batumbereye inda zabo bakibagirwa amagorwa twese twaciyemwo,hoba abo ba Frodebu, baratwaye twarabonye uko vyabaye , Ywoshimira Imana uko yakoresheje bamwe ngo democrasi ihagarare kuva u Burundi bubaho,Ikindi nuko kuva kwisi yose ntushobora kushira ku Mnaga umutekano wigihugu ngo bakureke nico leta ibereyeho ,Kenshi leta igira amabanga ,kwararaza ayo mabanga hari amategeko aguhana ,sinzi ivyiyo i Burundi ,kuko tuba mu mahanga, Abakozi ba ONU nabo nabantu nkamwe barashobora kwihenda bakavuga ibinyoma canke bakavuga inkuru ba tatohoje,Ivyagiye biba aho i Burundi twicwa , ONU yaraho ntiyabangurukanije abariko baratikizwa canke ngo ba condane kumugaragaro abica abandi .Leka mbabwire Twese turavukana ntawugomba kwihora uwundi reka tubane neza kandi twubahane kuko hari invugo zikarishe bamwe mukoresha. Si vyiza nimureke ubutungane bukore abagira ico babazwa reka bababaze kuko sivyiza kugurisha igihugu kubera inda yumusi umwe Ntazi ko muzi guharirana nubu mubanye neza na bene wacu bamwe batwiciye ariko ntakwihora kwahabaye ivyo nobibashimira niwo mutima a Barundi mwaza kwerekana ko mutatwaririza inzigo nakazika . Murabandanye mufatana munda mumahoro yabose bizokwigisha nabandi ko mutabanka mushaka ko mubana neza Imana Ibahezagire abarundi mwese

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.