IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu basirikare bakuru b’igihugu bashizwe mu karuhuko k’izabukuru

Bamwe mu basirikare bakuru b’igihugu bashizwe mu karuhuko k’izabukuru

mercredi 14 Nzero 2015

Bamwe mu basirikare b’ipete rya Général hamwe n’abandi bafise ayandi mapete, bashizwe mu karuhuko k’izabukuru n’itegeko ry’umukuru w’igihugu.

Mw’itegeko nomero 100/310/ ryo kuwa 31 Kigarama umwaka w’2014, ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza hamwe n’umushikiranganji w’ukwivuna abansi Général Pontien Gaciyubwenge, bamwe mu basirikare b’igihugu bafise ipete rya Général bashizwe mu karuhuko k’izabukuru.

Abo nabo akaba ari Général Major Samuel Gahiro, Bijonya Bernard, Sylvestre Nimubona na Celestin Nimubona.

Umurwi wa kabiri ugizwe n’abandi bashizwe muri ako karuhuko bafise ipete rya Colonel, abo ni nka : Dominique Cishahayo, Anatole Nahayo, Joseph Nibamenyere, Joseph Nzeyimana, Léonce Baserukiye, Michel Siboniyo, Sixbert Musavyi hamwe na Protais Ntihogora.

Umurwi wa gatatu nawo wabashizwe karuhuko k’izabukuru, akaba ari aba capitaine batatu aribo Laurent Ndihokubwayo, Didace Nzikobanyanka na Arthémon Nduwumwami.


Aristide Nizigire

Messages

  • Kombona arabatutsi bakera gusa ????,,yaaaa ubwo iryo nikoji?????kombona arabatutsi hamwe nabahutu,nka babiri,nabonyene bakera numu fnl

  • Nanje numva birimwo amahinyu nukuri bararaba neza ntibabe ari ibindi ,,,abatama bakera gusa kandi babatutsi gusaaaaa..........

  • Bijonya niwe niwe yaratumaze ibuga nande neza akazabarigwan’Imana.

  • none se ari abatama mutangazwa n’iki? izabukuru canke gukukuruka bisigura iki?
    Ewe burundi warafpafpanye mu marementanya n’ukwanka reta ndede!

  • Ikintucose ngwaba DD! None ubusaza harihumuntunumwe buzotinya ngonuko ataraba DD? Canke umusoda womubwoko runaka ageze muzabukuru nukuzoca tujakubaza DD ngonukuberiki uyumusirikare yageze muzabukuru? Jehokubwanje ntibaribakwiye kugeramuzabukuru iyabarivyonigirida umusirikarenyene ahoyarayankuye mukurwanya ibimwenyi vyarivyateye muntaraya Cibitoke nyene!

  • Mbe wamuntu wiyita Solo we yakumase akurondera ko iki???? Nimwe mwari mwateye nawe yari kurwanya umwansi kuko mwari abansi bigihugu vuga uwuzi sha uwo ntawe uzi urakitwara

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.